Itanguriro 36:1-43
36 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Esawu ari we Edomu+.
2 Esawu yakuye abagore biwe mu bakobwa b’i Kanani: Ada+ umukobwa wa Eloni Umuheti+, Oholibama+ umukobwa wa Ana akaba n’umwuzukuru wa Zibeyoni Umuhiwi,
3 hamwe na Basemati+ umukobwa wa Ishimayeli, mushiki wa Nebayoti+.
4 Ada yavyariye Esawu umuhungu yitwa Elifazi, Basemati na we amuvyarira uwitwa Ruweli.
5 Oholibama yamuvyariye Yushi, Yalamu na Kora+.
Abo ni bo bahungu Esawu yavyariye mu gihugu ca Kanani.
6 Inyuma y’ivyo, Esawu afata abagore biwe, abahungu biwe, abakobwa biwe n’abandi bantu bose bo mu rugo rwiwe, inka ziwe n’ibindi bitungwa vyiwe vyose hamwe n’ubutunzi bwose yari yararonkeye+ mu gihugu ca Kanani, araheza aja mu kindi gihugu, kure ya mwenewabo Yakobo+.
7 Yabigize kubera yuko ivyo bari batunze vyari vyaragwiriye cane, ku buryo batari bagishobora kubana. Igihugu babamwo nticari kikibakwira kubera ibitungwa vyabo.
8 Esawu araheza yibera mu misozi ya Seyiri+. Esawu yitwa kandi Edomu+.
9 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Esawu, sekuru w’Abanyedomu baba mu misozi ya Seyiri+.
10 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Esawu: Elifazi umuhungu yavyaye kuri Ada, hamwe na Ruweli umuhungu yavyaye kuri Basemati+.
11 Abahungu ba Elifazi bari Temani+, Omari, Zefo, Gatamu na Kenazi+.
12 Elifazi umuhungu wa Esawu yari afise incoreke yitwa Timuna. Nuko Timuna avyarana na Elifazi umuhungu yitwa Amaleki+. Abo ni bo buzukuru* ba Ada umugore wa Esawu.
13 Aba ni bo bahungu ba Ruweli: Nahati, Zera, Shama na Miza. Abo ni bo buzukuru ba Basemati+ umugore wa Esawu.
14 Aba ni bo bahungu Oholibama yavyaranye na Esawu: Yushi, Yalamu na Kora. Oholibama yari umugore wa Esawu, umukobwa wa Ana akaba n’umwuzukuru wa Zibeyoni.
15 Aba ni bo batware* bakomoka kuri Esawu+: abahungu ba Elifazi imfura ya Esawu bari umutware Temani, umutware Omari, umutware Zefo, umutware Kenazi+,
16 umutware Kora, umutware Gatamu n’umutware Amaleki. Abo ni bo batware bo mu gihugu ca Edomu bakomoka kuri Elifazi+, bakaba n’abuzukuru ba Ada.
17 Aba ni bo bahungu ba Ruweli umuhungu wa Esawu: umutware Nahati, umutware Zera, umutware Shama n’umutware Miza. Abo ni bo batware bo mu gihugu ca Edomu+ bakomoka kuri Ruweli, bakaba n’abuzukuru ba Basemati umugore wa Esawu.
18 Ubwa nyuma, aba ni bo bahungu ba Oholibama umugore wa Esawu: umutware Yushi, umutware Yalamu n’umutware Kora. Abo ni bo batware bakomoka kuri Oholibama umukobwa wa Ana, akaba n’umugore wa Esawu.
19 Abo ni bo bahungu ba Esawu n’abatware babakomokako. Esawu yitwa kandi Edomu+.
20 Aba ni bo bahungu ba Seyiri Umuhori baba muri ico gihugu+: Lotani, Shobali, Zibeyoni, Ana+,
21 Dishoni, Ezeri na Dishani+. Abo ni bo batware b’Abahori baba mu gihugu ca Edomu, bakaba n’abahungu ba Seyiri.
22 Abahungu ba Lotani bari Hori na Hemamu. Mushiki wa Lotani yitwa Timuna+.
23 Aba ni bo bahungu ba Shobali: Aluvani, Manahati, Ebali, Shefo na Onamu.
24 Aba ni bo bahungu ba Zibeyoni+: Aya na Ana. Ana ni we yubuye amazi y’amashuha mu gahinga igihe yari aragiye indogobwa za se wiwe Zibeyoni.
25 Aba ni bo bana ba Ana: umuhungu yitwa Dishoni, umukobwa na we Oholibama.
26 Aba ni bo bahungu ba Dishoni: Hemudani, Eshibani, Itirani na Kerani+.
27 Aba ni bo bahungu ba Ezeri: Biluhani, Zavani na Akani.
28 Aba ni bo bahungu ba Dishani: Uzi na Arani+.
29 Aba ni bo batware b’Abahori: umutware Lotani, umutware Shobali, umutware Zibeyoni, umutware Ana,
30 umutware Dishoni, umutware Ezeri n’umutware Dishani+. Abo ni bo batware b’Abahori baba mu gihugu ca Seyiri hisunzwe ukuntu bakurikirana.
31 Aba ni bo bami batwaye igihugu ca Edomu+ imbere y’uko Abisirayeli baronka umwami+:
32 Bela umuhungu wa Beyori yarabaye umwami w’ico gihugu. Igisagara ciwe citwa Dinihaba.
33 Bela amaze gupfa, Yobabu umuhungu wa Zera w’i Bozira yaciye atwara mu kibanza ciwe.
34 Yobabu amaze gupfa, Hushamu wo mu gihugu c’Abatemani yaciye atwara mu kibanza ciwe.
35 Hushamu amaze gupfa, Hadadi umuhungu wa Bedadi, uwatsindiye Abamidiyani+ mu karere ka Mowabu, yaciye atwara mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Aviti.
36 Hadadi amaze gupfa, Samula w’i Masireka yaciye atwara mu kibanza ciwe.
37 Samula amaze gupfa, Shawuli w’i Rehoboti iruhande y’uruzi yaciye atwara mu kibanza ciwe.
38 Shawuli amaze gupfa, Bayali-Hanani umuhungu wa Akibori yaciye atwara mu kibanza ciwe.
39 Bayali-Hanani umuhungu wa Akibori amaze gupfa, Hadari yaciye atwara mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe na we akitwa Mehetabeli. Mehetabeli yari umukobwa wa Matiredi, Matiredi na we akaba umukobwa wa Mezahabu.
40 Aya rero ni yo mazina y’abatware bakomoka kuri Esawu hakurikijwe imiryango yabo n’intara zabo: umutware Timuna, umutware Aluva, umutware Yeteti+,
41 umutware Oholibama, umutware Ela, umutware Pinoni,
42 umutware Kenazi, umutware Temani, umutware Mibuzari,
43 umutware Magidiyeli n’umutware Iramu. Abo ni bo batware b’Abanyedomu hakurikijwe intara babamwo mu gihugu cabo+. Esawu ni we sekuru w’Abanyedomu+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «abo ni bo bahungu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «aba ni bo bashehe.» Umushehe yari umukuru w’umuryango.