Itanguriro 40:1-23
40 Inyuma y’ivyo, umukuru w’abahereza ibinyobwa+ umwami wa Misiri hamwe n’umukuru w’abotsa imikate, bacumura kuri shebuja ari we mwami wa Misiri.
2 Farawo aca ashavurira abo bakozi biwe babiri, ni ukuvuga umukuru w’abahereza ibinyobwa n’umukuru w’abotsa imikate+.
3 Nuko abashira mw’ibohero ryari mu rugo rw’umukuru w’abacungera umwami+, ha handi Yozefu yari apfungiwe+.
4 Umukuru w’abacungera umwami aca agena Yozefu ngo agumane na bo yongere abitwararike+. Bamara igihe mw’ibohero.
5 Bakiri aho mw’ibohero, wa mukozi ahereza ibinyobwa umwami wa Misiri n’umwe ajejwe igikorwa co kwotsa imikate, bose barota indoto mw’ijoro rimwe kandi indoto imwimwe yose yari ifise insobanuro yayo.
6 Bukeye mu gitondo, Yozefu yinjira kubaraba asanga barijiriwe.
7 Aca ababaza ati: «Uyu musi ko mwijiriwe ni ibiki?»
8 Bamwishura bati: «Twese twarose indoto, ariko twabuze uwuzidusobanurira.» Yozefu aca ababwira ati: «None Imana si yo itanga insobanuro+? Nimuzimbwire numve.»
9 Wa mukuru w’abahereza ibinyobwa aca yiganira Yozefu indoto yiwe ati: «Narose mbona umuzabibu imbere yanje.
10 Uwo muzabibu wari ufise udushami dutatu. Nuko uranaga hanyuma uzana amashurwe, ayo mashurwe aca avamwo inzabibu* zihiye.
11 Nari mfise igikombe ca Farawo mu kuboko, nca mfata za nzabibu ndazikanyira mu gikombe. Ndaheza mfata ico gikombe ndagihereza Farawo.»
12 Yozefu amubwira ati: «Ng’iyi insobanuro yavyo: utwo dushami dutatu ni imisi itatu.
13 Mu misi itatu uhereye ubu, Farawo azogukura mw’ibohero agusubize mu kazi kawe+. Uzokwongera gushira igikombe mu minwe ya Farawo, nk’uko wahora ubigira ukimuhereza ibinyobwa+.
14 Ariko uzonyibuke ivyawe nivyagenda neza. Ndagusavye uzongirire ubuntu*, umvugire kwa Farawo kugira ankure aha hantu.
15 Naranyurujwe nkuwe mu gihugu c’Abaheburayo+, kandi no ng’aha nta kintu na kimwe nakoze cotuma banshira mw’ibohero*+.»
16 Wa mukuru w’abotsa imikate yumvise ko insobanuro Yozefu atanze ari nziza, aca amubwira ati: «Nanje narose nikoreye ibiseke bitatu birimwo imikate yera.
17 Mu giseke co hejuru hariyo ibifungurwa vya Farawo vy’ubwoko bwose vyokejwe mw’ifuru, kandi inyoni zariko zirabirya biri muri ico giseke nikoreye.»
18 Yozefu amwishura ati: «Ng’iyi insobanuro yavyo: ivyo biseke bitatu ni imisi itatu.
19 Mu misi itatu uhereye ubu, Farawo azoguca umutwe akumanike ku giti, kandi inyoni zizorya inyama zawe+.»
20 Umusi ugira gatatu wari umusi mukuru wo kwibuka ivuka*+ rya Farawo. Nuko agirira umusi mukuru abasuku biwe bose, araheza asohora wa mukuru w’abahereza ibinyobwa na wa mukuru w’abotsa imikate, abasuku biwe bose babona.
21 Asubiza wa mukuru w’abahereza ibinyobwa mu gikorwa ciwe, abandanya kumuhereza ibinyobwa.
22 Mugabo amanika wa mukuru w’abotsa imikate, nk’uko nyene Yozefu yari yabibasobanuriye+.
23 Ariko wa mukuru w’abahereza ibinyobwa ntiyigeze yibuka Yozefu+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «imisoko y’inzabibu.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «itangi», «icobo.»
^ Canke «wo kwibuka isabukuru y’amavuka.»