Itanguriro 43:1-34
43 Ico gihe inzara yari ikaze cane mu gihugu+.
2 Nuko bahejeje ibifungurwa bari barakuye mu Misiri+, se wabo ababwira ati: «Nimusubireyo mutugurire utundi dufungurwa.»
3 Mugabo Yuda amubwira ati: «Uwo mugabo yaratwihanije ati: “Ntimuze mugaruke imbere yanje mutari kumwe na mwenewanyu+.”
4 Niwamurungika tukajana, tuzogenda tukugurire ibifungurwa.
5 Ariko nutamurungika, ntituzogenda kuko uwo mugabo yatubwiye ati: “Ntimuzogaruke imbere yanje mutari kumwe na mwenewanyu+.”»
6 Isirayeli+ aca ababaza ati: «Kubera iki mwamubwiye ko mufise uwundi mwenewanyu? Aho ntimubona ko mwankwegeye?»
7 Na bo bamwishura bati: «Uwo mugabo yaratubajije ibibazo bitomoye ku bitwerekeye hamwe n’umuryango wacu. Yatubajije ati: “So wanyu aracariho? Hari uwundi mwenewanyu mufise?” Natwe tumubwiza ukuri+. Twari kumenya gute ko aca avuga ngo: “Nimunzanire mwenewanyu+?”»
8 Yuda aca yinginga se wiwe Isirayeli ati: «Mpa uwo muhungu tugende+, kugira twe nawe n’abana bacu+ tubandanye kubaho, ntitwicwe n’inzara+.
9 Jewe ndamwishinze+. Hakagira ico aba uzomumbaze. Nintamugarukana ngo ndamugushikirize, nzoba ngukoreye icaha kitazigera kimvako ibihe vyose.
10 Kandi iyo tutishinga guteba, ubu tuba tumaze kugenda tukongera tukagaruka incuro zibiri.»
11 Isirayeli se wabo aca ababwira ati: «Ko ari uko bimeze, nimugire gutya: nimushire mu magunira ibintu vyizavyiza vyo mu gihugu hanyuma mubigemurire uwo mugabo+: amavuta amota neza*+, ubuki, ibirirarira bimota*, ibishishwa vy’uburembo+, ibiyoba* hamwe n’intete za shakedi.
12 Nimutore amahera angana n’ayo mwatwaye ubwa mbere incuro zibiri, muce musubizayo n’amwe mwasanga mu magunira yanyu+. Hari aho mwosanga barihenze.
13 Hanyuma mutore mwenewanyu mugende, musubire kuri uwo mugabo.
14 Ese Imana Mushoboravyose yotuma abumvira ikigongwe, akabaha mwenewanyu yasigayeyo na Benyamini. Nanje nimba ari ngombwa ko mpekurwa, mpekurwe nta kundi+!»
15 Abahungu ba Isirayeli baca batora vya bintu bagemura, ya mahera hamwe na Benyamini. Baraheza bamanuka mu Misiri, basubira kurenguka imbere ya Yozefu+.
16 Yozefu abonye Benyamini ari kumwe na bo, aca abwira umugabo yari ajejwe urugo rwiwe ati: «Jana aba bantu muhira, uce ubaga ibitungwa hanyuma utegure ibifungurwa, kuko tuza gusangira sasita.»
17 Nya mugabo aca akora ivyo Yozefu amubwiye+, abajana muhira.
18 Mugabo bagira ubwoba bwinshi kubera yari abajanye kwa Yozefu, batangura kubwirana bati: «Ya mahera twasanga mu magunira yacu ni yo atumye batuzana ng’aha. Ubu rero bagira baducakire, batugire abaja, bace batwara indogobwa zacu+.»
19 Baca begera wa muntu yari ajejwe urugo rwa Yozefu, bavugana na we bari imbere y’umuryango.
20 Bamubwira bati: «Uradutunga databuja! Twaraje ino kugura ibifungurwa+.
21 Mugabo dushitse aho turara tugatangura kwugurura amagunira yacu, twagiye tubona amahera y’umwe wese mw’igunira ryiwe, yose uko yakabaye+. Ubu rero twagira tuyasubize.
22 Twaje tuzanye n’ayandi mahera yo kugura ibifungurwa. Ni ukuri ntituzi uwashize ayo mahera mu magunira yacu+.»
23 Aca abishura ati: «Nta ngorane, ntimugire ubwoba. Imana yanyu ikaba n’Imana ya so, ni yo yashize iryo tunga mu magunira yanyu. Amahera yanyu yari yanshikiriye.» Araheza asohora Simeyoni, aramubazanira+.
24 Uwo mugabo aca abinjiza mu nzu ya Yozefu, abaha amazi kugira boge ibirenge, atanga n’ivyo kurya vy’indogobwa zabo.
25 Nuko bategura bimwe bari bagemuriye+ Yozefu mu kurindira ko ashika sasita, kuko bari bumvise ko baza kurya ng’aho+.
26 Yozefu yinjiye mu nzu, baca bamuzanira vya bintu bari bamugemuriye, maze baramwunamira mu maso hashika hasi+.
27 Hanyuma ababaza amakuru yabo, yongerako ati: «Amakuru ya so wanyu, wa mutama mwambwira? Aracariho+?»
28 Na bo bati: «Dawe umusavyi wawe arakomeye. Aracariho.» Baca barunama, mu maso habo hashika hasi+.
29 Abonye Benyamini mwenewabo*+, aca ababaza ati: «Uwo ni mwenewanyu, wa muhererezi mwambwira+?» Yongerako ati: «Imana iguhezagire mwananje!»
30 Yozefu aca asohoka ningoga, aja kurondera aho aririra, kuko yari arengewe n’ikigumbagumba afitiye mwenewabo. Nuko yinjira mu kindi cumba, araturikisha ararira+.
31 Araheza yiyoga mu maso. Hanyuma amaze gutekana, aca arasohoka avuga ati: «Nimuzane ibifungurwa.»
32 Baca bamuzanira ibifungurwa ukwiwe, na benewabo ukwabo. Abanyamisiri bari kumwe na we na bo nyene bafungura ukwabo. Abanyamisiri ntibashobora gusangira n’Abaheburayo, kuko cari ikintu gishisha kuri bo+.
33 Benewabo bari bicaye imbere yiwe uko bakurikirana, uhereye ku mfura+ ugashika ku muhererezi. Baguma barabana bumiwe.
34 Aguma abarungikira ibifungurwa vyari ku meza yiwe, mugabo akagwiza incuro zitanu ivyo arungikiye Benyamini ugereranije n’ivyo aha abandi+. Babandanya gusangira na we, bararya bongera baranywa gushika bahaze.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
^ Mu giheburayo ni «labudano.» Ni ibirirarira bimota neza vyirabura biva ku mababi n’amashami y’uduti tumwetumwe.
^ Ni intete zimeze nk’ibiyoba z’igiti bita botina.
^ Canke «mwenewabo basangiye se na nyina.»