Itanguriro 44:1-34
44 Mu nyuma, Yozefu ategeka uwari ajejwe urugo rwiwe ati: «Uzuza ibifungurwa amagunira y’abo bagabo, ushiremwo ivyo bashobora gutwara vyose kandi ushire amahera y’umwe wese mw’igunira ryiwe+.
2 Uce ushira ca gikombe canje c’ifeza mw’igunira ry’umuhererezi hamwe n’amahera y’intete ziwe.» Aca akora ivyo Yozefu amutegetse.
3 Bukeye mu gitondo, barungika ba bagabo hamwe n’indogobwa zabo.
4 Batarashika kure y’igisagara, Yozefu aca abwira wa muntu yari ajejwe urugo rwiwe ati: «Nyaruka ubakurikire! Niwabashikira, ubabwire uti: “Kubera iki iciza mwacishuye ikibi?
5 Kubera iki mwivye igikombe databuja anyweramwo kandi akoresha kugira amenye ibizoba? Mwagize nabi cane.”»
6 Nuko arabashikira, ababwira ayo majambo.
7 Na bo bamwishura bati: «Databuja*, kubera iki utubwiye amajambo nk’ayo? Ntitwokwubahuka gukora ikintu nk’ico.
8 Urazi ko n’amahera twasanze mu magunira yacu twayakugarukaniye tuvuye i Kanani+. None wumva twokwiba ifeza canke inzahabu mu nzu ya shobuja?
9 Databuja, uwo bagisangana muri twebwe ace yicwa, abasigaye duce tuba abashumba bawe.»
10 Na we avuga ati: «Nibibe nk’uko mubivuze. Uwo bagisangana aca aba umushumba wanje, ariko abasigaye bazoba ari intungane.»
11 Umwe wese aca yururutsa ningoga igunira ryiwe, araripfundurura.
12 Maze atangura gusaka yitonze, ahereye ku mukuru gushika ku muhererezi. Hanyuma asanga ca gikombe mw’igunira rya Benyamini+.
13 Baca bitaburirako impuzu zabo, umwe wese asubiza umuzigo wiwe ku ndogobwa yiwe maze basubira mu gisagara.
14 Nuko Yuda+ na benewabo binjira mu nzu ya Yozefu, basanga ni ho akiri. Baca barunama imbere yiwe, mu maso habo hashika hasi+.
15 Yozefu ababwira ati: «Ivyo mwakoze ni ibiki? Ntimwari muzi ko umuntu nkanje ashobora kumenya ibizoba atihenda+?»
16 Yuda amwishura ati: «Mbega tukubwire iki ga databuja? Tuvuge iki ga yemwe? Twerekane gute ko turi intungane? Imana y’ukuri yabonye ikosa ryacu+. Ubu rero turi abashumba bawe, twe n’uwo bafatanye ico gikombe.»
17 Ariko Yozefu avuga ati: «Sinokwubahuka gukora ikintu nk’ico! Uwo bafatanye ico gikombe ni we aba umushumba wanje+. Abasigaye nimwigire amahoro kwa so wanyu.»
18 Yuda aca aramwegera, amubwira ati: «Ndagutakambiye databuja, ndagusavye undeke jewe umushumba wawe ngire ijambo nkubwiye, kandi ntushavurire umushumba wawe kuko wewe uri nka Farawo+.
19 Twebwe abashumba bawe waratubajije uti: “Murafise so canke uwundi mwenewanyu?”
20 Natwe twakwishuye duti: “Turafise data w’umutama hamwe n’umuhungu w’umuhererezi+ yavyaye mu busaza bwiwe. Uwo muhererezi yari afise mwenewabo, ariko uwo mwenewabo yarapfuye+. Ni we wenyene asigaye mu bo basangiye nyina+, kandi se wiwe aramukunda cane.”
21 Waciye utubwira uti: “Muramunzanire ndamubone+.”
22 Ariko twaciye tukwishura duti: “Uwo muhungu ntashobora gutandukana na se. Hamwe botandukana, se wiwe yoca apfa ata kabuza+.”
23 Mugabo waciye utubwira uti: “Ntimuzogaruke imbere yanje mutazananye n’umuhererezi wanyu+.”
24 Natwe twarasubiye kwa dawe umushumba wawe, turamubwira ivyo watubariye.
25 Mu nyuma dawe yatubwiye ati: “Subirayo mutugurire utundi dufungurwa+.”
26 Twamwishuye duti: “Ntidushobora gusubirayo. Ntitugenda tutajanye n’umuhererezi wacu, kuko tudashobora gusubira imbere y’uwo mugabo tutari kumwe na we+.”
27 Dawe umushumba wawe yaciye atubwira ati: “Murazi ko umugore wanje yamvyariye uduhungu tubiri gusa+.
28 Umwe muri bo yaratakaye, nanje nibwira nti: ‘Uko biri kwose igikoko co mw’ishamba caramutabaguye+!’ Kandi sindasubira kumukubita ijisho.
29 Hamwe n’uyu mwomutwara kure yanje hanyuma agashikirwa n’isanganya agapfa, mwoba mutumye manukana umubabaro*+ mu kuzimu+.”
30 Hamwe nosubira kwa dawe umushumba wawe ntari kumwe n’uwo muhungu n’ukuntu amukunda cane,
31 niyapfa kubona ko tutari kumwe azoca apfa, kandi tuzoba dutumye amanukana intuntu mu kuzimu.
32 Jewe umusavyi wawe naramwishinze imbere ya dawe, ndamubwira nti: “Nintamukugarukanira, nzoba ngukoreye icaha kitazomvako ubuzima bwanje bwose+.”
33 Ndakwinginze rero jewe nsigare mu kibanza c’uyu muhungu, mbe umushumba wawe, kugira asubirane inyuma na benewabo.
34 Mbega noshobora gute gusubira kwa dawe ntari kumwe na we? Sinokwihanganira kubona ivyago vyoshikira dawe.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mukama wacu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imvi zanje zimanukana umubabaro.»