Itanguriro 47:1-31

  • Yakobo abonana na Farawo (1-12)

  • Yozefu ayobora igihugu neza (13-26)

  • Isirayeli aba i Gosheni (27-31)

47  Yozefu aca aragenda, abwira Farawo+ ati: «Dawe na benewacu n’ibitungwa vyabo vyose hamwe n’ivyo bafise vyose, bashitse bavuye mu gihugu ca Kanani. Bari mu ntara ya Gosheni+  Hanyuma atora batanu muri benewabo, abajana kwa Farawo+.  Farawo abaza benewabo na Yozefu ati: «Mukora iki?» Bamwishura bati: «Abasavyi bawe turi abungere b’intama, twe na ba sokuruza bacu+  Bongerako bati: «Twaje kuba ino+ nk’abanyamahanga kuko mu gihugu ca Kanani hari inzara ikomeye+, akaba ata buragiro bw’ibitungwa vyacu buriyo. Turagusavye rero utureke twebwe abasavyi bawe tube mu ntara ya Gosheni+  Farawo aca abwira Yozefu ati: «So wawe na benewanyu baje ino kubera wewe.  Igihugu ca Misiri kiri mu maboko yawe. Nurabire so wawe na benewanyu ahantu heza cane mu gihugu babeyo+. Bareke babe mu ntara ya Gosheni, kandi nimba uzi ko muri bo harimwo abagabo babishoboye, nubazeze kwitwararika ibitungwa vyanje.»  Yozefu aca ajana Yakobo se wiwe kumwereka Farawo, hanyuma Yakobo ahezagira Farawo.  Farawo abaza Yakobo ati: «Ufise imyaka ingahe?»  Amwishura ati: «Mfise imyaka 130, kandi ndayimaze nza ndimuka mva aha nja hariya*. Iyo myaka ni mikeyi kandi yabayemwo ingorane nyinshi+. Nta ho ihuriye n’iyo ba sokuruza bamaze+, kandi na bo nyene babayeho baza barimuka.» 10  Inyuma y’ivyo, Yakobo ahezagira Farawo maze arasohoka. 11  Nuko Yozefu aha se wiwe na benewabo aho baba, abaha ahantu bigabira heza kuruta ahandi mu gihugu ca Misiri. Abaha intara ya Ramesesi+ nk’uko Farawo yari yamutegetse. 12  Yozefu aguma aronsa ibifungurwa* se wiwe na benewabo hamwe n’abo mu rugo rwa se bose, yisunze igitigiri c’abana bafise. 13  Nta bifungurwa vyari bigisigaye mu gihugu cose, kuko inzara yari ikaze cane. Nuko igihugu ca Misiri n’ica Kanani birasinzikara kubera iyo nzara+. 14  Yozefu aguma yegeranya amahera yose yo mu Misiri no mu gihugu ca Kanani, ni ukuvuga amahera abantu bazana baje kugura ibifungurwa+. Aguma ayashira mu kigega ca Farawo. 15  Amaherezo, amahera yo mu Misiri no mu gihugu ca Kanani yose arahera. Abanyamisiri bose batangura kuza kwa Yozefu, bamubwira bati: «Duhe ivyo kurya! Ureke dupfire imbere yawe ngo ni uko ata mahera dusigaranye?» 16  Yozefu abishura ati: «Ko ata mahera musigaranye, nimuzane ibitungwa vyanyu nanje ndabahe ivyo kurya.» 17  Baca batangura kuzanira Yozefu ibitungwa vyabo. Yozefu aguma abaha ivyo kurya babikavye amafarasi yabo, intama zabo, impene zabo, inka zabo n’indogobwa zabo. Amara uwo mwaka wose abaha ivyo kurya babikavye ibitungwa vyabo. 18  Hanyuma uwo mwaka urahera. Mu mwaka ukurikira, baca bagaruka kwa Yozefu bamubwira bati: «Databuja, ntitwoguhisha ko amahera yacu n’ibitungwa vyacu vyose vyahereye iwawe. Nta kindi dufise twoguha atari imibiri yacu n’amatongo yacu. 19  Kubera iki woreka tugapfira imbere yawe, n’amatongo yacu agasigara ari amashamba? Nuduhe ibifungurwa, ube utuguze twe n’amatongo yacu. Tuzoca tuba abashumba ba Farawo, amatongo yacu na yo amwegukire. Duhe imbuto kugira ntidupfe, n’amatongo yacu ntacike amashamba.» 20  Yozefu aca agurira Farawo amatongo yose y’Abanyamisiri. Nuko Abanyamisiri bose bagurisha amatongo yabo, kuko inzara yari ikomeye cane mu gihugu. Igihugu cose gica cegukira Farawo. 21  Araheza yimurira mu bisagara abantu bose bo mu gihugu ca Misiri+. 22  Amatongo y’abaherezi yonyene ni yo ataguze+, kuko bari batunzwe n’ibifungurwa biva kwa Farawo. Ni co gituma abaherezi batagurishije amatongo yabo. 23  Yozefu aca abwira abantu ati: «Uyu musi ndabaguze mwe n’amatongo yanyu kugira mwegukire Farawo. Nimwakire imbuto rero muje guteragira. 24  Nimwimbura, muzoha Farawo ica gatanu c’ivyo mwimbuye+. Ibice bine bisigaye bizoba rwanyu kugira mubikuremwo imbuto n’ivyo murya, mwe n’abo mu ngo zanyu n’abana banyu.» 25  Bamwishura bati: «Uradutabaye+ databuja. Nutugirire ubuntu, utwemerere kuba abashumba ba Farawo+ 26  Yozefu aca ashinga itegeko ry’uko ica gatanu c’ivyo bimbuye cegukira Farawo, kandi riracakurikizwa gushika n’uyu musi mu gihugu ca Misiri. Amatongo y’abaherezi yonyene ni yo ategukiye Farawo+. 27  Isirayeli n’urugo rwiwe babandanya kuba mu Misiri, mu ntara ya Gosheni+. Nuko babayo, bararondoka bongera baragwira cane+. 28  Yakobo yabaye mu Misiri imyaka 17. Imyaka yose yamaze yabaye 147+. 29  Isirayeli yumvise ko ari mu gupfa+, ahamagara umuhungu wiwe Yozefu amubwira ati: «Nimba ushaka kuntera iteka, shira ukuboko kwawe munsi y’itako ryanje, unyemerere ko uzongirira ubuntu* be n’uko utazompemukira: ndagusavye ntuze umpambe mu Misiri+. 30  Ninapfa, uzonkure mu Misiri umpambe mu mva ya ba sokuruza banje+.» Yozefu amwishura ati: «Nzobigira nk’uko ubivuze.» 31  Isirayeli aca amubwira ati: «Ndahira.» Yozefu aramurahira+. Isirayeli aca yunamira Imana ari ku mutwe w’igitanda ciwe+.

Utujambo tw'epfo

Canke «kandi nabayeho ndi kavamahanga.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Canke «uzonyereka urukundo rudahemuka (rudahera).»