Itanguriro 48:1-22
48 Inyuma y’ivyo, babwira Yozefu bati: «So wawe araremvye.» Yozefu aca aja kumuraba, agenda ajanye n’abahungu biwe babiri, Manase na Efurayimu+.
2 Maze bamenyesha Yakobo bati: «Umuhungu wawe Yozefu araje kukuraba.» Isirayeli aca arinanata, yicara ku gitanda.
3 Hanyuma abwira Yozefu ati:
«Imana Mushoboravyose yarambonekeye i Luzi mu gihugu ca Kanani, irampezagira+.
4 Yambwiye iti: “Nzotuma urondoka, ndakugwize kandi nzotuma uvamwo ishengero ry’amahanga menshi+. Iki gihugu nzogiha abazogukomokako*, bacigabire ibihe vyose+.”
5 Ubu rero, abahungu bawe babiri wavyariye mu Misiri imbere y’uko nza ni abanje+. Efurayimu na Manase bazoba abanje nka Rubeni na Simeyoni+.
6 Ariko abo uzovyara mu nyuma bazoba rwawe. Nihagera gutorana, bazohamagarwa ku mazina ya Efurayimu na Manase, kandi bazohabwa ku migabane yabo+.
7 Igihe nariko mva i Padani, Rasheli yarampfiriyeko+ tugeze i Kanani, hagisigaye urugendo rutari ruto ngo dushike i Efurata+. Naciye ndamuhamba ku nzira ija i Efurata, ari ho Betelehemu+.»
8 Isirayeli abonye abahungu ba Yozefu, aca amubaza ati: «Abo ni bande?»
9 Yozefu yishura se wiwe ati: «Ni abahungu Imana yampereye muri iki gihugu+.» Aca amubwira ati: «Bigize hafi yanje kugira ndabahezagire+.»
10 Amaso ya Isirayeli yariko arahuma kubera ubusaza, ntiyari akibona neza. Yozefu aca arabamwegereza, maze Isirayeli arabasoma yongera arabagumbira.
11 Maze abwira Yozefu ati: «Sinari nizigiye gusubira kukubona+, ariko raba Imana inyeretse n’uruvyaro rwawe.»
12 Nuko Yozefu abakura iruhande ya se, aca arunama mu maso hashika hasi.
13 Yozefu araheza afata abo bahungu biwe babiri, Efurayimu+ amushira iburyo ku buryo aherera ibubamfu bwa Isirayeli, Manase+ na we ibubamfu ku buryo aherera iburyo bwa Isirayeli, maze arabamwegereza.
14 Ariko Isirayeli ashira ukuryo kwiwe ku mutwe wa Efurayimu naho ari we yari mutoyi, ukubamfu na kwo agushira ku mutwe wa Manase. Ivyo yabigize n’ibigirankana kuko yari asanzwe azi ko Manase ari we ari imfura+.
15 Atangura guhezagira Yozefu, avuga ati+:
«Mana y’ukuri sokuru Aburahamu na dawe Izahaki bagendeye imbere+,Mana y’ukuri wamye undagira mu buzima bwanje gushika n’uyu musi+,
16 we wankijije ivyago vyose ukoresheje umumarayika+, hezagira aba bahungu+.
Nibitirirwe izina ryanje n’irya sokuru Aburahamu n’irya dawe Izahaki,nibagwire bongerekane cane mw’isi+.»
17 Yozefu abonye ko se agumije ukuryo ku mutwe wa Efurayimu, biramubabaza. Aca agerageza gukura ukuboko kwa se ku mutwe wa Efurayimu ngo agushire ku mutwe wa Manase.
18 Abwira se wiwe ati: «Oya si uko da, erega uyu ni we mfura+. Shira ukuryo kwawe ku mutwe wiwe.»
19 Ariko se wiwe aranka, amubwira ati: «Ndabizi mwananje, ndabizi. Na we nyene azovamwo ihanga kandi azoba agakomeye. Ariko mutoyi wiwe azoba agakomeye kumurusha+, kandi uruvyaro rwiwe ruzogwira cane ku buryo ruvamwo amahanga+.»
20 Kuri uwo musi, abandanya kubahezagira+ ati:
«Abisirayeli nibakoreshe izina ryawe mu kwipfurizanya umuhezagiro, bavuge bati:“Imana iraguhezagira nka Efurayimu na Manase.”»
Aguma ashira Efurayimu imbere ya Manase.
21 Hanyuma Isirayeli abwira Yozefu ati: «Ehe ndi mu gupfa+, ariko Imana izogumana namwe, kandi izobasubiza mu gihugu ca ba sokuruza banyu+.
22 Ndakugabiye itongo* nanyaze Abamori nkoresheje inkota yanje n’umuheto wanje, kugira ribe itongo urusha benewanyu.»