Ivyahishuriwe Yohani 14:1-20

  • Umwagazi w’intama na bamwe 144.000 (1-5)

  • Ubutumwa bw’abamarayika batatu (6-12)

    • Umumarayika aguruka mu kirere afise inkuru nziza (6, 7)

  • Hahiriwe abapfa bunze ubumwe na Kristu (13)

  • Isi yimburwa kabiri (14-20)

14  Ngize gutya, mbona wa Mwagazi w’intama+ ahagaze ku musozi Siyoni+, ahagararanye n’abantu 144.000+ bafise izina ryiwe n’izina rya Se+ yanditswe mu ruhanga rwabo.  Numva ijwi rivuye mw’ijuru, rimeze nk’ijwi ry’amazi menshi n’iry’umuturagaro ukomeye. Ijwi numvise ryari rimeze nk’ijwi ry’abaririmvyi baririmba bajanisha n’inanga zabo.  Bariko baririmba ururirimbo womengo ni rushasha+, bari imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya vya binyabuzima bine+ na ba bakurambere+. Nta n’umwe yashoboye kumenya neza urwo ruririmbo, kiretse vya 144.000+ baguzwe bakuwe mw’isi.  Abo ni bo batihumanishije abagore. Ni amasugi+. Ni bo baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose+. Baguzwe+ bakuwe mu bantu ngo babe nk’ivyamwa vyeze ubwa mbere*+ bishikaniwe Imana na wa Mwagazi w’intama,  kandi nta kinyoma cabonetse mu kanwa kabo. Ntibagira akanenge*+.  Maze mbona uwundi mumarayika ariko araguruka mu kirere*, kandi yari afise inkuru nziza y’ibihe bidahera yo kumenyesha ababa kw’isi, amahanga yose, imiryango yose, indimi zose n’amoko yose+.  Asemerera n’ijwi rirenga ati: «Nimutinye Imana kandi muyininahaze, kuko igihe c’uko ica urubanza cashitse+. Nimusenge rero umwe yarema ijuru n’isi n’ikiyaga+ n’amasoko* y’amazi.»  Haza uwundi mumarayika agira kabiri, maze avuga ati: «Yatemvye! Babiloni Akomeye+ yatemvye+, umwe yatuma amahanga yose anywa umuvinyu w’ubusambanyi* bwiwe bukaze*+  Haza uwundi mumarayika agira gatatu, maze avuga n’ijwi rirenga ati: «Nihagira uwusenga ca gikoko+ n’ishusho yaco, kandi akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kuboko+, 10  na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana wasutswe utavanze mu gikombe c’uburake bwayo+, kandi azobabazwa n’umuriro n’amazuku*+ imbere y’abamarayika beranda na wa Mwagazi w’intama. 11  Umwotsi w’ugusha kwabo uzoguma uduga gushika ibihe bidahera+. Abasenga ico gikoko n’ishusho yaco, kandi bagashirwako ikimenyetso c’izina ryaco+, ntibazoronka agahengwe ijoro n’umurango. 12  Aho ni ho hasaba ko aberanda bihangana+, bamwe baguma bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bakaguma bizeye+ Yezu.» 13  Maze numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: «Andika uti: hahiriwe abapfuye bunze ubumwe n’Umukama+ guhera ubu kubandanya. Egome, ni ko impwemu ivuze, nibaruhuke umuruho wabo, kuko ibikorwa vyabo bitazokwigera vyibagirwa* 14  Ngize gutya, mbona igicu cera kandi uwari acicayeko yasa n’umwana w’umuntu+. Yari yambaye urugori rw’inzahabu ku mutwe, afise n’agakero gakarishe mu minwe. 15  Haseruka uwundi mumarayika avuye mu rusengero*, maze abwira n’ijwi rirenga umwe yicaye ku gicu ati: «Rungika agakero kawe wimbure, kuko igihe co kwimbura cageze, kandi ivyimburwa vyo kw’isi bireze neza+ 16  Umwe yicaye ku gicu aca arungika agakero kiwe kw’isi, maze ivyimburwa vyo kw’isi birimburwa. 17  Haca haseruka uwundi mumarayika avuye mu rusengero rwo mw’ijuru, kandi na we nyene yari afise agakero gakarishe. 18  Haca haseruka uwundi mumarayika avuye ku gicaniro, kandi yari afise ububasha ku muriro. Asemerera n’ijwi rirenga abwira umwe afise agakero gakarishe ati: «Rungika agakero kawe gakarishe maze wimbure umuzabibu* wo kw’isi, kuko inzabibu zawo zeze+ 19  Uwo mumarayika aca arungika agakero kiwe maze yimbura umuzabibu wo kw’isi, araheza aterera inzabibu zawo mu ruganiro runini rw’ishavu ry’Imana+. 20  Izo nzabibu* zica ziganirwa inyuma y’igisagara, umutobe* uvuye mu ruganiro rwazo uraduga gushika ku minwa y’amafarasi, ku burebure bwa sitadiyo 1.600*.

Utujambo tw'epfo

Canke «babe nk’umushuzo.»
Canke «ikirabagu.»
Canke «hagati mu kirere», «hejuru y’umutwe.»
Canke «n’amariba.»
Canke «umuvinyu w’ishavu (icipfuzo gikaze) ry’ubusambanyi bwiwe.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Raba akajambo k’epfo mu Ivh 9:17.
Canke «ibikorwa vyabo bica bibaherekeza.»
Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero.
Canke «imisoko y’inzabibu.»
Mu kigiriki havuga ngo «urwo ruganiro.»
Mu kigiriki havuga ngo «amaraso.»
Ni nk’ibilometero 296. Sitadiyo imwe yangana n’imetero 185. Raba Inyongera ya B14.