Ivyahishuriwe Yohani 22:1-21
22 Maze anyereka uruzi rw’amazi y’ubuzima+, rurongorotse nk’ibuye ryitwa kirisitalo, rutemba ruva ku ntebe y’ubwami y’Imana no ku ya wa Mwagazi w’intama+,
2 rukamanuka ruciye hagati mw’ibarabara rikuru rya ca gisagara. Ku mpande zose z’urwo ruzi hariho ibiti vy’ubuzima vyera incuro 12 mu mwaka, bikama ivyamwa buri kwezi. Amababi y’ivyo biti yari ayo kuvura amahanga+.
3 Nta muvumo uzosubira kubaho. Intebe y’ubwami y’Imana n’iya wa Mwagazi w’intama+ izoba muri ico gisagara, kandi abashumba bayo bazoyikorera igikorwa ceranda.
4 Bazobona mu maso hayo+, kandi izina ryayo rizoguma ku ruhanga rwabo+.
5 Vyongeye, nta joro rizosubira kubaho+, kandi ntibazokenera umuco w’itara canke w’izuba, kuko Yehova* Imana azobamurikira+, kandi bazoganza gushika ibihe bidahera+.
6 Araheza ambwira ati: «Aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri+. Emwe, Yehova* Imana yahumekeye abahanuzi+, yararungitse umumarayika wiwe kwereka abashumba biwe ibintu bitegerezwa kuba vuba.
7 Ehe ndaje ningoga+. Hahiriwe umuntu yubahiriza amajambo y’ubuhanuzi ari muri uyu muzingo+.»
8 Erega jewe Yohani ni je numvise ivyo bintu nongera ndabibona. Aho mariye kuvyumva no kubibona, naciye mpfukama* imbere y’ibirenge vy’umumarayika yariko arabinyereka, kugira ndamusenge.
9 Mugabo ambwira ati: «Uragaba! Ntukore ivyo! Ndi umushumba mugenzawe gusa cokimwe na benewanyu b’abahanuzi be n’abubahiriza amajambo ari muri uyu muzingo. Nusenge Imana+.»
10 Ambwira kandi ati: «Amajambo y’ubuhanuzi ari muri uyu muzingo ntuyagire ibanga, kuko igihe Imana yashinze kiri hafi.
11 Uwutagororotse nabandanye gukora ibitagororotse, n’uwucafuye abandanye kwicafuza. Ariko uwugororotse nabandanye gukora ibigororotse, n’umweranda abandanye gukora ivy’ubweranda.
12 “Ehe ndaje ningoga, kandi nje mfise impembo, kugira mpembe umuntu wese nisunze ibikorwa vyiwe+.
13 Ndi Alufa na Omega*+, uwa mbere n’uwa nyuma, intango n’iherezo.
14 Hahiriwe abamesura amakanzu yabo+ kugira baronke uburenganzira bwo kuja kuri vya biti vy’ubuzima+ no kugira bashobore kwinjira muri ca gisagara baciye mu marembo yaco+.
15 Hanze hari imbwa*, abakora ivy’ubupfumu, abasambanyi*, abicanyi, abasenga ibigirwamana n’abakunda ibinyoma bose bakongera bakabesha+.
16 Jewe Yezu, narungitse umumarayika wanje gushingira intahe ivyo bintu ku neza y’amashengero. Ni jewe muzi w’uruvyaro rwa Dawidi+, na ya nyenyeri yo mu gatondo yakaka+.”»
17 Impwemu na wa mugeni+ biguma bivuga biti: «Ingo!» Uwo wese yumva navuge ati: «Ingo!» Kandi uwo wese anyotewe naze+. Uwushaka wese natore amazi y’ubuzima ku buntu+.
18 «Ndamenyesheje umuntu wese yumva amajambo y’ubuhanuzi ari muri uwu muzingo nti: nihagira uwugira ico yongeye kuri ibi bintu+, Imana izomwongera ivyago vyanditswe muri uyu muzingo+,
19 kandi nihagira uwugira ico akuye ku majambo ari mu muzingo w’ubu buhanuzi, Imana izokura umugabane wiwe muri vya biti vy’ubuzima+ no muri ca gisagara ceranda+, bikaba ari ibintu vyanditswe muri uyu muzingo.
20 Uwushingira intahe ibi bintu avuze ati: “Egome, ndaje ningoga+.”»
«Amen! Ingo Mukama Yezu.»
21 Ese ubuntu buhebuje* bw’Umukama Yezu bwobana n’aberanda!
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «naciye nikubita.»
^ Canke «ndi A na Z.» Alufa ni urudome rwa mbere mu rutonde rw’indome z’ikigiriki, Omega na yo ni urudome rwa nyuma.
^ Ni ukuvuga abantu bakora ibintu bishisha imbere y’Imana.
^ Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
^ Raba Insiguro y’amajambo.