Ivyahishuriwe Yohani 8:1-13
8 Amatuye+ agashashara kagira indwi+, mw’ijuru haca haba agacerere nk’igice c’isaha.
2 Nca mbona ba bamarayika indwi+ bahagarara imbere y’Imana, maze bahabwa inzumbete indwi.
3 Haza uwundi mumarayika afise icotezo c’inzahabu kijamwo imibavu, maze ahagarara iruhande y’igicaniro+. Ahabwa imibavu myinshi+ kugira ayishikane ku gicaniro c’inzahabu+ kiri imbere ya ya ntebe y’ubwami, mu gihe amasengesho y’aberanda bose yariko arumvikana.
4 Umwotsi w’imibavu iri mu kuboko kwiwe uca uduga imbere y’Imana, uri kumwe n’amasengesho+ y’aberanda.
5 Ubwo nyene uwo mumarayika aca atora ca cotezo, acuzuza umuriro akuye kuri ca gicaniro maze agiterera kw’isi. Haca humvikana imituragaro n’amajwi, haba n’imiravyo+ na nyamugigima.
6 Ba bamarayika indwi bafise inzumbete indwi+ baca bitegurira kuzivuza.
7 Uwa mbere avuza urumbete rwiwe. Haca haduka urubura n’umuriro bivanze n’amaraso maze bitererwa kw’isi+. Ica gatatu c’isi, ica gatatu c’ibiti hamwe n’ivyatsi bitoto vyose bica birasha+.
8 Umumarayika wa kabiri avuza urumbete rwiwe. Ikintu kimeze nk’umusozi munini waka umuriro gica gitererwa mu kiyaga+. Ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso+,
9 ica gatatu c’ibinyabuzima biri mu kiyaga kirapfa+, ica gatatu c’amato* na co kiramenagurika.
10 Umumarayika wa gatatu avuza urumbete rwiwe. Ikinyenyeri kinini caka nk’itara gica kirakoroka kivuye mw’ijuru, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi no ku masoko* y’amazi+.
11 Ico kinyenyeri citwa Mururazi*. Ica gatatu c’amazi gica gihinduka umururazi, kandi abantu benshi barishwe n’ayo mazi, kuko yari yahindutse umururazi+.
12 Umumarayika wa kane avuza urumbete rwiwe. Ica gatatu c’izuba+, ica gatatu c’ukwezi n’ica gatatu c’inyenyeri bica bihinduka umwiza, kugira ngo ica gatatu cavyo kibe umwiza+, ica gatatu c’umurango kibure umuco, n’ica gatatu c’ijoro kibe ukwo nyene.
13 Maze mbona inkona iguruka mu kirere, kandi numva isemerera n’ijwi rirenga iti: «Baragowe, baragowe, baragowe+ ababa kw’isi, kubera amajwi y’inzumbete zisigaye ba bamarayika batatu bagira bavuze+!»