Ivyakozwe n’intumwa 9:1-43
9 Mugabo Sawuli yari akigira iterabwoba rikaze ku bigishwa b’Umukama+, arondera no kubica. Ni kwo kuja ku muherezi mukuru,
2 amusaba amakete ajana ku masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo abo abonye bose bo muri ya nzira y’Umukama+ abajane i Yeruzalemu baboshe, abagabo n’abagore bose hamwe.
3 Akiriko aragenda ageze hafi y’i Damasiko, aja abona umuco uvuye mw’ijuru wakiye irya n’ino yiwe+.
4 Aca agwa hasi maze yumva ijwi rimubwira riti: «Sawuli, Sawuli, umpamira iki?»
5 Aca abaza ati: «Uri nde ga Mukama?» Iryo jwi rimwishura riti: «Ndi Yezu+ uriko urahama+.
6 Haguruka winjire mu gisagara. Niwashikayo uzobwirwa ico utegerezwa gukora.»
7 Abagabo bari bafatanije urugendo na we bari bahagaze badakurako umunwa. Barumva ijwi, ariko ntibabone umuntu n’umwe+.
8 Sawuli aca ava hasi, kandi naho yakanura nta kintu na kimwe yabona. Baraheza bamufata ukuboko, bamujana i Damasiko.
9 Amara imisi itatu ata kintu na kimwe abona+, atarya atanywa.
10 I Damasiko hari umwigishwa yitwa Ananiya+. Maze Umukama aramwiyereka, amubwira ati: «Ananiya!» Na we ati: «Sabwe Mukama.»
11 Umukama amubwira ati: «Haguruka uje kw’ibarabara ryitwa Irigororotse, ubaze umuntu yitwa Sawuli w’i Taruso+ ku nzu ya Yuda. Ariko arasenga
12 kandi yeretswe umugabo yitwa Ananiya aje akamurambikako ibiganza kugira ahumuke+.»
13 Ariko Ananiya amwishura ati: «Mukama, narumvise benshi bavuga ivy’uwo mugabo, n’amabi yose yakoreye aberanda bawe i Yeruzalemu.
14 Kandi n’ino arafise ububasha yahawe n’abakuru b’abaherezi bwo gufata* abantu bose bambaza izina ryawe+.»
15 Mugabo Umukama amubwira ati: «Genda, kuko uwo muntu ari igikoresho* nitoreye+ kugira amenyeshe izina ryanje amahanga+, abami+ n’Abisirayeli.
16 Nzomwereka neza ibintu vyose bitegerezwa kumushikira ku bw’izina ryanje+.»
17 Ananiya aca aragenda, yinjira muri nya nzu, amurambikako ibiganza, avuga ati: «Muvukanyi Sawuli, Umukama Yezu, umwe yakubonekera kuri rya barabara wazananye, yantumye kugira uhumuke wongere wuzuzwe impwemu nyeranda+.»
18 Ubwo nyene ibintu bimeze nk’ibigaragamba bica biva ku maso yiwe birakoroka, aca arahumuka. Maze arahaguruka arabatizwa,
19 hanyuma arafungura, aronka inguvu.
Amarana imisi n’abigishwa i Damasiko+,
20 ubwo nyene aca atangura kwamamaza ivyerekeye Yezu mu masinagogi, atangaza ko Yezu ari Umwana w’Imana.
21 Abamwumva bose baratangara, bakavuga bati: «Mbega uyo si wa wundi yatoteza abambaza iryo zina+ i Yeruzalemu? None ntiyaje ino kugira abafate maze abajane* ku bakuru b’abaherezi+?»
22 Ariko Sawuli yaguma arushiriza kuronka ububasha, agatsinda Abayuda baba i Damasiko, abaha ivyemeza vyumvikana vyerekana ko Yezu ari we Kristu+.
23 Haciye imisi itari mike, Abayuda baja inama yo kumwica+.
24 Ariko Sawuli amenya umugambi wabo wo kumugirira nabi. Abo Bayuda baguma bacunze amarembo y’igisagara ijoro n’umurango kugira bamwice.
25 Abigishwa biwe rero baca bahengera mw’ijoro, maze bamwururutsa bamucishije mu gitoboro c’uruzitiro, ari mu giseke+.
26 Ashitse i Yeruzalemu+, agerageza kwifatanya n’abigishwa. Mugabo bose baramutinya, kuko batemera ko yari yarabaye umwigishwa wa Yezu.
27 Barunaba+ aca aramufasha, amujana ku ntumwa, abiganira ido n’ido ingene Sawuli yabonye Umukama igihe yari ku nzira+ maze akavugana na we. Abiganira n’ingene yavuganye ubutinyutsi mw’izina rya Yezu i Damasiko+.
28 Sawuli araheza agumana na bo, atembera i Yeruzalemu uko ashaka*, avugana ubutinyutsi mw’izina ry’Umukama.
29 Yaravugana n’Abayuda bavuga ikigiriki agaharira na bo, ariko abo Bayuda baguma barondera kumwica+.
30 Abavukanyi babimenye, baca bamumanukana i Sezariya hanyuma bamurungika i Taruso+.
31 Maze ishengero ryari i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya+ hose rija mu kiringo c’amahoro, rirakomera. Ribandanya kugwira, kuko ryabandanya gutinya Yehova* no kuronka uruhoza rw’impwemu nyeranda+.
32 Igihe Petero yariko aca muri ako karere kose, yaramanutse no kuraba aberanda baba i Luda+.
33 Yahasanze umuntu yitwa Eneya, yari amaze imyaka umunani atava mu gitanda, kubera yari amugaye.
34 Petero amubwira ati: «Eneya, Yezu Kristu aragukijije+. Haguruka usase igitanda cawe+.» Ubwo nyene aca arahaguruka.
35 Ababa i Luda no mu kiyaya ca Sharoni bose bamubonye, batangura kwizera Umukama.
36 I Yopa hari umwigishwa yitwa Tabita, mu kigiriki akaba yitwa Doruka*. Yarakora ibikorwa vyiza vyinshi, agafasha cane aboro.
37 Mugabo muri iyo misi ararwara hanyuma arapfa. Nuko baramwuhagira maze bamushira mu cumba co hejuru.
38 Igisagara ca Luda cari hafi y’i Yopa. Abigishwa bumvise ko Petero yari muri ico gisagara, baca bamutumako abagabo babiri ngo bamutakambire bati: «Turakwinginze unyaragase uze iwacu.»
39 Petero aca arahaguruka ajana na bo. Ashitseyo, bamudugana muri ca cumba co hejuru. Abapfakazi bose baza iyo ari barira, bongera berekana amakanzu* n’izindi mpuzu nyinshi Doruka yabakoreye akiriho.
40 Petero aca asohora abantu bose+, hanyuma arapfukama arasenga. Maze arahindukira araba ca kiziga, avuga ati: «Tabita, vyuka!» Tabita aca arakanura, abonye Petero aca aricara+.
41 Petero amuha ukuboko aramuhagurutsa, hanyuma ahamagara aberanda harimwo n’abo bapfakazi, amubashikiriza ari muzima+.
42 Iyo nkuru ica imenyekana i Yopa hose, bituma abantu benshi bizera Umukama+.
43 Petero aguma i Yopa imisi itari mike, ku muhinguzi w’inshato yitwa Simoni+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «kuboha», «gushira mu mvuto.»
^ Canke «icombo.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «abajane baboshe.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «yinjira yongera asohoka i Yeruzalemu.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Izina ry’ikigiriki Doruka n’iry’igiharameya Tabita yompi asobanura ngo «ingeregere.»
^ Canke «impuzu zo hejuru.»