Kuvayo 28:1-43
28 Uzotumako mwenewanyu Aroni+ n’abahungu biwe, ubatandukanye n’abandi b’Isirayeli, kugira bambere abaherezi+. Azoba ari Aroni n’abahungu biwe+ ari bo Nadabu, Abihu+, Eleyazari na Itamari+.
2 Uzokorera mwenewanyu Aroni impuzu nyeranda zituma agira iteka kandi akaberwa+.
3 Uzobwira abahinga bose nahaye ubwenge*+ bakore impuzu za Aroni kugira zerekane ko yatowe* ngo ambere umuherezi.
4 Ng’izi impuzu bazokora: agapfuko ko ku gikiriza+, efodi+, ikanzu itagira amaboko+, ikanzu y’udukarokaro, igitambara bazingira mu mutwe+ be n’umukanda+. Bazokorera izo mpuzu nyeranda mwenewanyu Aroni n’abahungu biwe kugira bambere abaherezi.
5 Abo bahinga bazokoresha inzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe*, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino* nziza.
6 Bazokora efodi mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye. Ikwiye kuba ari injishano+.
7 Izoba ifise ibitambara bibiri vyo ku bitugu, ic’imbere n’ic’inyuma, bifatanira hejuru ku bitugu.
8 Umukaba+ wo kugumya iyo efodi, ukwiye kuba ufatanye na yo kandi ukaba ujishwe mu bintu nyene iyo efodi ikozwemwo, ni ukuvuga inzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye.
9 Uzofata utubuye tubiri tw’agaciro bita onigisi+, utwandikeko* amazina y’abahungu ba Isirayeli+.
10 Uzokwandika amazina atandatu ku kabuye kamwe, yandi atandatu ku kandi kabuye, wisunze uko bakurikirana mu mavuka.
11 Umuhinga mu vyo kwandika ku mabuye azokwandika amazina y’abahungu ba Isirayeli kuri utwo tubuye tubiri, nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo+. Uzoca udutereka mu tugata tw’inzahabu.
12 Uzoshira utwo tubuye tubiri kuri vya bitambara vyo ku bitugu vya efodi, kugira abahungu ba Isirayeli baze baribukwa+. Aroni azokwambara amazina yabo imbere ya Yehova, kuri vya bitambara bibiri vyo ku bitugu, kugira baze baribukwa.
13 Uzokora utugata tw’inzahabu
14 n’utugozi tubiri dutsivye+ dukozwe mu nzahabu itavanze, uce ubohera utwo tugozi kuri twa tugata+.
15 Uzosaba umuhinga mu vyo kudesa akore agapfuko ko ku gikiriza ko guca imanza+. Kazoba gakozwe nka kurya kwa efodi, ni ukuvuga mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye+.
16 Kazinzemwo kubiri kazoca kamera nk’ikwadarato ifise uburebure bw’intambwe imwe y’ikiganza* n’ubwaguke bw’intambwe imwe y’ikiganza.
17 Uzogashirako imirongo ine y’utubuye tw’agaciro. Umurongo wa mbere uzoba uriko akabuye ka rubi, aka topazi n’aka emerode.
18 Uwa kabiri uzoba uriko akabuye ka tirikwaze, aka safiro n’aka yasipi.
19 Uwa gatatu uzoba uriko akabuye ka leshemu, aka agata n’aka ametisito.
20 Uwa kane na wo uzoba uriko akabuye ka kirizolito, aka onigisi n’aka yade. Utwo tubuye tuzoba turi mu dukadre tw’inzahabu.
21 Tuzoba twanditseko amazina 12 y’abahungu ba Isirayeli. Kamwekamwe kose kazoba kariko izina ry’umwe muri ya miryango 12, kandi rizoba ryanditse nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo.
22 Uzokora mu nzahabu itavanze imigozi itsivye yo gushira kuri ka gapfuko ko ku gikiriza+.
23 Uzokora n’utugombo tubiri tw’inzahabu, maze ushire utwo tugombo ku mfuruka zibiri z’ako gapfuko.
24 Uzocisha iyo migozi ibiri y’inzahabu muri utwo tugombo tubiri turi ku mfuruka z’ako gapfuko.
25 Uzocisha imitwe ibiri y’iyo migozi muri twa tugata tubiri turi ku bitambara vya efodi vyo ku bitugu, ku ruhande rwayo rw’imbere.
26 Uzokora utundi tugombo tubiri tw’inzahabu, uce udushira ku mfuruka zibiri zo hepfo za ka gapfuko ko ku gikiriza, indani aharabana na efodi+.
27 Uzokora n’utundi tugombo tubiri tw’inzahabu ku ruhande rw’imbere rwa efodi, udushire munsi ya vya bitambara bibiri vyo ku bitugu hafi y’aho efodi ifatanirijwe, hejuru ya wa mukaba wayo ujishe+.
28 Agapfuko ko ku gikiriza kazoba gafashwe n’umugozi usa n’ubururu, ufatanya utugombo twako n’utugombo twa efodi. Ivyo bizotuma ako gapfuko kaguma gafashe kuri efodi, hejuru ya wa mukaba ujishe.
29 Igihe Aroni yinjiye Aheranda, ategerezwa kuba yambaye ku mutima ka gapfuko ko guca imanza kariko amazina y’abahungu ba Isirayeli, kugira Yehova yame abibuka.
30 Uzoshira Urimu na Tumimu*+ muri ako gapfuko ko guca imanza, kandi bitegerezwa kuba biri ku mutima wa Aroni igihe yinjiye imbere ya Yehova. Aroni ategerezwa kuba yambaye ku mutima ivyo bikoresho vyo gucira imanza Abisirayeli, igihe cose ari imbere ya Yehova.
31 Uzokora ikanzu itagira amaboko yo kwambara munsi ya efodi. Yose izoba ikozwe mu nyuzi zisa n’ubururu+.
32 Izoba ifise izosi risatuye hagati na hagati. Iryo zosi rizoba rikikujwe n’umubariro wakozwe n’umuhinga mu kujisha impuzu. Rizoba rimeze nka kurya kw’izosi ry’ikoti y’ivyuma, kugira ntiritabuke.
33 Umushono wayo wo hasi uzowukikuza udusharizo tw’amakomamanga dukozwe mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe be n’inyuzi zisa n’agahama. Hagati yatwo hazoba hari udusharizo tw’udukengeri dukozwe mu nzahabu.
34 Uzoza urakurakuranya agakengeri k’inzahabu n’agasharizo k’ikomamanga, ubikikuze umushono wose wo hasi w’iyo kanzu.
35 Aroni ategerezwa kuyambara kugira akore igikorwa c’ubuherezi. Ijwi ry’utwo dukengeri ritegerezwa kwumvikana igihe yinjiye aheranda imbere ya Yehova n’igihe asohotse, kugira ntapfe+.
36 Uzokora mu nzahabu itavanze akuma gafyase gakayangana hanyuma ukandikeko nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo ngo: “Ubweranda ni ubwa Yehova+.”
37 Uzokabohera kuri ca gitambara bazingira mu mutwe+, ukoresheje umugozi usa n’ubururu. Kazoguma kuri ico gitambara amaja imbere.
38 Aroni azokambara mu ruhanga, kandi hagize uwufata nabi ibintu vyeranda ni we azobibazwa+. Ivyo bintu ni amashikanwa meranda Abisirayeli bashikanira Imana nk’ingabire. Gakwiye kuguma ku ruhanga rwiwe kugira Abisirayeli bemerwe na Yehova.
39 Uzojisha ya kanzu y’udukarokaro mu nyuzi z’ilino nziza, ukore na ca gitambara bazingira mu mutwe mu nyuzi z’ilino nziza hamwe n’umukanda ujishe+.
40 Abahungu ba Aroni na bo nyene uzobakorera amakanzu, imikanda n’udukofero*+ kugira bagire iteka kandi baberwe+.
41 Uzokwambika Aroni mwenewanyu n’abahungu biwe, ubarobanuze amavuta*+ hanyuma ubimike+ wongere ubeze kugira bambere abaherezi.
42 Uzobakorera kandi amabutura* mu nyuzi z’ilino kugira bapfuke ubwambure bwabo+. Azova mu mafyinga ashike ku matako.
43 Aroni n’abahungu biwe bategerezwa kuyambara igihe binjiye mw’ihema ry’ibonaniro, canke igihe begereye igicaniro kugira bakore igikorwa cabo mu kibanza ceranda. Bategerezwa kuyambara kugira ntibahave bagirwa n’ikosa ngo bapfe. Ni itegeko ryamaho kuri we n’uruvyaro* rwiwe, uko ruzogenda rurakurikirana.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «impwemu y’ubukerebutsi.»
^ Canke «yejejwe.»
^ Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «udusarureko.»
^ Yangana na santimetero nka 22,2. Raba Inyongera ya B14.
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Dushobora kuba twari udutambara bazingira mu mutwe tukamera nk’udukofero.
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Canke «uduhuzu two munsi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»