Kuvayo 30:1-38

  • Igicaniro c’imibavu (1-10)

  • Rusansuma be n’amahera y’impongano (11-16)

  • Ikibesani kirimwo amazi yo gukaraba (17-21)

  • Amavuta yo kurobanuza (22-33)

  • Imibavu myeranda (34-38)

30  Uzokore igicaniro co guturirirako imibavu+. Uzogikora mu giti c’umunyinya+.  Kizoba ari ikwadarato ifise uburebure bw’intambwe imwe*, ubwaguke bw’intambwe imwe n’amahagarara y’intambwe zibiri. Amahembe yaco azoba afatanye na co+.  Uzogihomekako inzahabu itavanze hejuru, ku mpande zaco zose no ku mahembe yaco. Uzogikorere urugori* rw’inzahabu rugikikuje.  Uzogikorera kandi imikono* ibiri y’inzahabu munsi y’urwo rugori, ku mpande zibiri zaco zibangabanganye. Iyo mikono ibiri izofata ibibando* vyo kukirerura.  Ivyo bibando uzobikora mu giti c’umunyinya hanyuma ubihomekeko inzahabu.  Uzogishira imbere y’irido iri hafi y’isandugu y’isezerano*+, imbere ya wa mufuniko upfundikiye iyo sandugu, hamwe nzokwiyerekera+.  Aroni+ azoturirira kuri ico gicaniro+ imibavu+ imota neza, ifumbire umwotsi kuri co. Ivyo azobigira imisi yose mu gitondo ariko aratunganya amatara+.  Aroni kandi azoturira imibavu ku mugoroba* igihe azoba ariko aratsa amatara. Ni ishikanwa ry’imibavu rizokwama ritangwa imbere ya Yehova, uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.  Ntimuze mugishikanireko imibavu itemewe+ canke ishikanwa riturirwa canke ishikanwa ry’intete. Ntimuze mugisukeko ishikanwa ry’ikinyobwa. 10  Rimwe mu mwaka, ku musi w’impongano+, Aroni azosuka ku mahembe y’ico gicaniro amaraso makeyi y’ikimazi c’igicumuro kugira agityorore+. Azoza aragityorora rimwe mu mwaka, uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana. Ico gicaniro ni ceranda cane kuri Yehova.» 11  Maze Yehova abwira Musa ati: 12  «Niwagira rusansuma rwo guharura abahungu b’Abisirayeli+, umwe wese ategerezwa guha intererano Yehova kugira acungure ubuzima bwiwe mu gihe c’urwo rusansuma. Ivyo bizotuma icago kitabazako igihe bariko barandikwa. 13  Abazoba banditswe bose bazotanga inusu ya shekeli* ufatiye kuri shekeli y’akarorero y’aheranda*+. Ingero 20 za gera* zingana na shekeli imwe. Inusu ya shekeli ni yo ntererano ya Yehova+. 14  Umuntu wese yanditswe kuva ku myaka 20 kuduga, azotanga intererano ya Yehova+. 15  Mu ntererano baha Yehova kugira bacungure* ubuzima bwabo, umutunzi ntazotanga ibirenze inusu ya shekeli, kandi n’umukene ntazotanga ibiri munsi y’inusu ya shekeli. 16  Uzofata ayo mahera y’ifeza Abisirayeli batanze kugira bacungure ubuzima bwabo, uyatange kugira akoreshwe mu bikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro. Ayo mahera azotuma Yehova yibuka Abisirayeli, kuko ari ayo gucungura ubuzima bwanyu.» 17  Yehova yongera kubwira Musa ati: 18  «Uzokore ikibesani* c’umujumpu co gukaraba hamwe n’ico bagiterekako+. Uzogishira hagati y’ihema ry’ibonaniro n’igicaniro, uheze ugisukemwo amazi+. 19  Aho ni ho Aroni n’abahungu biwe bazokarabira kandi ni ho bazokwogera ibirenge+. 20  Igihe binjiye mw’ihema ry’ibonaniro canke igihe begereye igicaniro kugira bakore igikorwa cabo no kugira bashikanire Yehova ibimazi biturirwa, bazokaraba n’amazi kugira ntibapfe. 21  Bategerezwa gukaraba no kwoza ibirenge vyabo kugira ntibapfe. Iryo ni itegeko ryamaho kuri Aroni n’abahungu biwe, uko urunganwe rwabo ruzogenda rurakurikirana+ 22  Yehova abandanya kubwira Musa ati: 23  «Uzoheza utore ibi birungo vyizavyiza: shekeli 500 z’imira* igumye, shekeli 250 za kanele* isosa, shekeli 250 z’ikibingo kimota, 24  na shekeli 500 z’umubagabaga. Uzobipima ukoresheje shekeli y’akarorero y’aheranda+, uce uvyongerako hini* imwe y’amavuta y’imyelayo*. 25  Uzobikoramwo amavuta meranda yo kurobanuza. Akwiye kuba avanze ku buhinga*+. Azoba ari amavuta meranda yo kurobanuza. 26  Uzoyasuka* kuri rya hema ry’ibonaniro+, kuri ya sandugu y’isezerano*, 27  kuri ya meza n’ibikoresho vyayo, kuri ca kintu baterekako amatara n’ibikoresho vyaco, kuri ca gicaniro c’imibavu, 28  kuri ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa n’ibikoresho vyaco hamwe no kuri ca kibesani* n’ico bagiterekako. 29  Utegerezwa kuvyeza kugira bibe vyeranda cane+. Uwuzobikorako wese ategerezwa kuba ari mweranda+. 30  Uzorobanuza amavuta Aroni+ n’abahungu biwe+, ubeze kugira bambere abaherezi+. 31  Uze ubwire Abisirayeli uti: “Azokwama ari amavuta yanje meranda*, uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana+. 32  Ntimuze muyisige kandi ntimuze mukore amavuta ameze nka yo. Ni amavuta meranda kandi mukwiye kwama muyabona ko ari meranda. 33  Umuntu wese azokora amavuta ameze nka yo kandi akayasuka ku muntu atabifitiye uburenganzira*, ategerezwa kwicwa*+.”» 34  Yehova yongera kubwira Musa ati: «Uzofate ibirungo+ bikurikira: natafu, sheheleti, galubano na olibani* itavanze. Uzogire ibipimo bingana. 35  Uzobikoramwo imibavu+. Ivyo birungo bikwiye kuba bivanze ku buhinga, birimwo umunyu+, bityoroye kandi ari vyeranda. 36  Uzosekura imibavu mikeyi ivemwo agafu kanoze, uce ufata gakeyi ugashire imbere y’isandugu* iri mw’ihema ry’ibonaniro, hamwe nzokwiyerekera. Iyo mibavu ikwiye kuba myeranda cane kuri mwebwe. 37  Ntimuze muhingure imibavu yo kwikoreshereza imeze nk’iyo+. Mukwiye kuyibona nk’ikintu ceranda cegukira Yehova. 38  Umuntu wese azokora imibavu nk’iyo kugira aze arayimotereza ategerezwa kwicwa.»

Utujambo tw'epfo

Ni nka santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Canke «imbiga.»
Canke «ibigombo.»
Canke «iminiho.»
Mu giheburayo havuga ngo «isandugu y’icabona.»
Canke «izuba rirenze.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati ya ya migoroba ibiri.»
Canke «iyaruka.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «shekeli nyeranda.»
Gera imwe yangana n’amagarama 0,57. Raba Inyongera ya B14.
Canke «batangire impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
Canke «igikono.»
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «umudarasini.»
Hini imwe yangana n’amalitiro 3,67. Raba Inyongera ya B14.
Bayita kandi amavuta ya olive.
Canke «akwiye kuba akozwe n’umuhinga mu gukora amavuta manovu.»
Canke «uzoyarobanuza.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «ya sandugu y’icabona.»
Canke «ca gikono.»
Canke «amavuta yanje yo kurobanuza.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku w’ahandi.» Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.
Canke «kurandurwa mu bantu b’iwabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’icabona.»