Mariko 12:1-44
12 Nuko atangura kubabwira mu bigereranyo ati: «Umuntu umwe yarateye umurima w’imizabibu+ hanyuma awukikuza uruzitiro. Yarimvye kandi ikinogo baganiramwo umuvinyu, yubaka n’umunara+. Uwo murima yaciye awusigira* abarimyi, maze afata urugendo aja mu mahanga+.
2 Igihe kigeze, atuma umushumba kuri ba barimyi ngo amutorere umwimbu w’imizabibu.
3 Mugabo baramufata, baramukubita maze bamurungika iminwe misa.
4 Asubira kubarungikira uwundi mushumba, na we nyene baramukubita mu mutwe bongera baramumaramaza+.
5 Yongera gutuma n’uwundi, uwo na we baramwica. Atuma n’abandi benshi, mugabo bamwe barabakubita, abandi na bo barabica.
6 Yari afise kandi umwana umwe akunda cane+. Araheza amurungika ubwa nyuma, avuga ati: “Bazokwubaha umwana wanje.”
7 Ariko ba barimyi baca bavugana bati: “Uyu ni we samuragwa+. Ingo tumwice, maze intoranwa izoca iba rwacu.”
8 Baca baramufata baramwica, bamuterera inyuma ya wa murima w’imizabibu+.
9 None nyene umurima azokora iki? Azoza yice abo barimyi, uwo murima ace awuha abandi+.
10 Mbega ntimwigeze musoma iki canditswe kivuga ngo: “Ibuye abubatsi bataye ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+?
11 Ivyo vyavuye kuri Yehova*, kandi biratangaje mu maso yacu+.”»
12 Baca bashaka kumufata, ariko batinya isinzi ry’abantu kuko bari bamenye ko ari bo yariko aravuga mu gutanga ico kigereranyo. Nuko baramureka baragenda+.
13 Hanyuma bamurungikira Abafarizayo bamwebamwe n’abanywanyi b’umugambwe wa Herodi, kugira bamufatire mu vyo avuga+.
14 Bashitse, bamubwira bati: «Mwigisha, turazi ko uri imvugakuri be n’uko utarondera gushimwa n’abantu, kuko udakangwa n’ingene baboneka inyuma, ahubwo wigisha inzira y’Imana mu kuri. Vyoba vyemewe* kuriha ikori* Sezari canke ntivyemewe?
15 Turihe canke ntiturihe?» Amenya ubwiyorobetsi bwabo, aca ababwira ati: «Kubera iki mungeza? Nzanira idenariyo* ndabe.»
16 Baca bamuzanira imwe. Aca ababaza ati: «Iyi shusho n’ibi vyandiko ni ivya nde?» Na bo bati: «Ni ivya Sezari.»
17 Yezu aca ababwira ati: «Ivya Sezari nimubihe* Sezari+, ariko ivy’Imana mubihe Imana+.» Baca baramutangarira cane.
18 Maze Abasadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho+, baza aho ari maze bamubaza bati+:
19 «Mwigisha, Musa yatwandikiye ko umugabo niyapfa agasiga umugore mugabo ntasige umwana, mwenewabo akwiye guca acura uwo mugore kugira avyarire abana mwenewabo yapfuye+.
20 Habayeho rero abahungu indwi bavukana. Uwa mbere yararongoye, ariko apfa ata kana asize.
21 Uwa kabiri yaracuye uwo mupfakazi, ariko na we nyene apfa ata kana asize. N’uwa gatatu vyagenze ukwo nyene.
22 Abo bose indwi bapfuye ata kana basize. Inyuma ya bose, nya mugore na we nyene yarapfuye.
23 None mw’izuka azoba umugore wa nde, ko yabaye umugore wabo bose uko ari indwi?»
24 Yezu abishura ati: «None si co gituma mwazimiye, kuko mutazi Ivyanditswe canke ububasha bw’Imana+?
25 Erega mu gihe c’izuka, abagabo ntibazorongora canke ngo abagore barongorwe, ahubwo bazoba bameze nk’abamarayika mw’ijuru+.
26 Mugabo ku bijanye n’uko abapfuye bazurwa, mbega ntimwasomye mu gitabu ca Musa, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, ko Imana yamubwiye iti: “Ndi Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+”?
27 Si Imana y’abapfuye, ahubwo ni iy’abazima. Mwarazimiye cane+.»
28 Hari umwanditsi umwe yari ng’aho kandi yari yumvise ingene baharira. Abonye ko Yezu abishuye neza, aca amubaza ati: «Ibwirizwa rya mbere* muri yose ni irihe+?»
29 Yezu amwishura ati: «Irya mbere ni iri: “Umviriza ewe Isirayeli: Yehova* Imana yacu ni Yehova umwe,
30 kandi utegerezwa gukunda Yehova* Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’ubwenge bwawe bwose, n’inkomezi zawe zose+.”
31 Irya kabiri ni iri: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.” Nta rindi bwirizwa risumba ayo.»
32 Wa mwanditsi amwishura ati: «Mwigisha, uvuze neza kandi birahuye n’ukuri: “Ni umwe, kandi nta wundi ariho atari we+.”
33 Kandi kumukunda n’umutima wose, n’ubwenge bwose, n’inkomezi zose be no gukunda mugenzawe nk’uko wikunda, birahambaye kuruta amashikanwa yose aturirwa uko yakabaye n’ibimazi vyose+.»
34 Yezu abonye ko yishuranye ubwenge, aca amubwira ati: «Nturi kure y’Ubwami bw’Imana.» Nta n’umwe yasubiye kwubahuka kumubaza ikibazo+.
35 Ariko Yezu abandanya kwigisha mu rusengero ati: «Kubera iki abanditsi bavuga ko Kristu ari mwene Dawidi+?
36 Biciye ku mpwemu nyeranda+, Dawidi yivugiye ati: “Yehova* yabwiye Umukama wanje ati: ‘Icara iburyo bwanje, gushika nshize abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe+.’”
37 Dawidi ubwiwe amwita Umukama, none aba umwana wiwe gute+?»
Isinzi ry’abantu ryari ng’aho ryariko riramwumviriza rinezerewe.
38 Abandanya kwigisha ati: «Mwiyubare abanditsi bakunda kugenda bambaye amakanzu kandi bagakunda ko abantu babaramutsa mw’isoko+.
39 Bakunda kandi kwicara mu bibanza vy’imbere* mu masinagogi no mu bibanza vy’iteka ku nzimano*+.
40 Banyaga abapfakazi utwabo* kandi bakavuga amasengesho maremare kugira biyerekane. Bazocirwa urubanza rukomeye* cane.»
41 Hanyuma yicara aho abona udusandugu tw’amashikanwa+, atangura kwihweza ingene isinzi ry’abantu bakororerayo amahera. Abatunzi benshi bariko bakororerayo ibiceri vyinshi+.
42 Haza umupfakazi w’umukene, akororerayo uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane*+.
43 Yezu aca ahamagara abigishwa biwe, ababwira ati: «Ni ukuri, ndababwiye ko uyu mupfakazi w’umukene yashize mu gasandugu vyinshi kuruta ivyo abandi bose bashizeyo+.
44 Kuko abandi bose bashizeyo ibirenze ku vyo bafise, ariko we mu bukene bwiwe, yashizeyo ivyo yari afise vyose, ivyari kumubeshaho vyose+.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «awukotesha.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «umutwe w’imfuruka.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «bibereye.»
^ Canke «ikori ry’umutwe.»
^ Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «nimubisubize.»
^ Canke «rihambaye.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «vyizavyiza.»
^ Canke «ku mfungurwa zo ku mugoroba.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «barotsa amazu y’abapfakazi.»
^ Canke «ruremereye.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «leputoni zibiri, ari yo kwadarani.» Raba Inyongera ya B14.