Matayo 25:1-46

  • IKIMENYETSO C’UKUGARUKA KWA KRISTU (1-46)

    • Ikigereranyo c’abigeme cumi (1-13)

    • Ikigereranyo c’italanto (14-30)

    • Intama n’impene (31-46)

25  Ubwami bwo mw’ijuru rero bwogereranywa n’abigeme* cumi batoye amatara yabo+, maze baja gusanganira umukwe+.  Batanu muri bo bari ibijuju, bandi batanu bari baciye ubwenge*+.  Abo b’ibijuju baratwaye amatara yabo ariko ntibitwaza amavuta yayo.  Ariko ab’ubwenge baratwaye amatara yabo, bitwaza n’amavuta yayo mu macupa.  Nuko umukwe atevye, bose batangura kwisinzirirako, agatiro karabatwara.  Ijoro rigeze hagati, humvikana akamo ngo: “Ng’uyu umukwe! Nimusohoke mumusanganire!”  Ba bigeme bose baca barahaguruka, batunganya amatara yabo+.  Bamwe b’ibijuju babwira ab’ubwenge bati: “Duheko ku mavuta yanyu, kuko amatara yacu agira azime.”  Ab’ubwenge babishura bati: “Hari aho atodukwira twese. Ahubwo nimuje ku bayagurisha mwigurire.” 10  Bakija kuyagura, wa mukwe aca arashika. Abigeme bari biteguye baca binjirana na we ahabera urubanza rw’ubugeni*+, maze umuryango urugarwa. 11  Mu nyuma ba bigeme bandi na bo baraza, bavuga bati: “Mushinganta, mushinganta, twugururire+!” 12  Na we abishura ati: “Ndababwije ukuri: sindabazi.” 13  Mugume muri maso rero+, kuko mutazi umusi canke isaha+. 14  Ubwami bwo mw’ijuru kandi bwogereranywa n’umuntu agira afate urugendo rwo mu mahanga, maze agatumako abashumba biwe kugira abazeze ivyo atunze+. 15  Umwe amuha italanto* zitanu, uwundi zibiri, uwundi na we imwe, yisunze ubushobozi bw’umwumwe wese, hanyuma aja mu mahanga. 16  Ubwo nyene uwaronse italanto zitanu yaciye aja kuzikoresha urudandaza, maze yunguka izindi zitanu. 17  Uwaronse italanto zibiri na we nyene yungutse izindi zibiri. 18  Ariko wa mushumba yaronka imwe gusa, yaciye agenda arimba mu kuzimu, anyegeza amahera* ya shebuja. 19  Haciye igihe kirekire, shebuja wa ba bashumba yaragarutse hanyuma asuzuma uko bakoze+. 20  Uwari yaronse italanto zitanu araza, azanye izindi talanto zitanu, amubwira ati: “Databuja, wari wampaye italanto zitanu, ehe raba nungutse izindi zitanu+.” 21  Shebuja amubwira ati: “Ni vyiza mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa muri bikeyi, nzogushinga vyinshi+. Ingo usangire umunezero na shobuja+.” 22  Hanyuma uwari yaronse italanto zibiri araza, amubwira ati: “Databuja, wari wampaye italanto zibiri, ehe raba nungutse izindi zibiri+.” 23  Shebuja amubwira ati: “Ni vyiza mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa muri bikeyi, nzogushinga vyinshi. Ingo usangire umunezero na shobuja.” 24  Amaherezo, uwari yaronse italanto imwe araza, amubwira ati: “Databuja, nari nsanzwe nzi ko uri umuntu agoye, wimbura aho utarimye, ukegeranya ivyo utagosoye+. 25  Naciye ngira ubwoba rero, nca ndagenda nyegeza italanto yawe mw’ivu. Ehe ng’ibi ivyawe.” 26  Shebuja amwishura ati: “Wa mushumba mubi kandi w’ikinebwe we! Wari uzi ko nimbura aho ntarimye, nkegeranya ivyo ntagosoye? 27  Kubera iki none utashize amahera* yanje mw’ibanki, kugira ngo ngarutse ndayaronke ari kumwe n’inyungu? 28  Mwake rero iyo talanto muyihe uwufise italanto cumi+. 29  Kuko uwufise wese azokwongerwa n’ibindi akagira vyinshi, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise+. 30  Nimuterere uwo mushumba w’imburakimazi hanze mu mwiza. Aho ni ho azoririra kandi ni ho azohekenyera imisaya*.” 31  Umwana w’umuntu+ niyaza mu buninahazwa bwiwe ari kumwe n’abamarayika bose+, azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa. 32  Amahanga yose azokoranira imbere yiwe, na we azotandukanya abantu nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene. 33  Intama+ azozishira iburyo bwiwe, impene na zo azishire ibubamfu bwiwe+. 34  Umwami azoca abwira abari iburyo bwiwe ati: “Nimuze mwebwe abahezagiwe na Dawe, mutorane Ubwami mwateguriwe kuva kw’ishingwa ry’isi. 35  Kuko nashonje mukangaburira. Naranyotewe murampa ico nywa. Nari ingenzi muranyakira neza+. 36  Nari gusa* muranyambika+. Nararwaye muranyitwararika. Nari mw’ibohero muraza kundaba+.” 37  Maze abagororotsi bazomwishura bati: “Mukama, ni ryari twakubonye ushonje tukakugaburira, canke unyotewe tukaguha ico unywa+? 38  Ni ryari twakubonye uri ingenzi tukakwakira neza, canke uri gusa tukaguha ico wambara? 39  Ni ryari twakubonye urwaye canke uri mw’ibohero, tukaza kukuraba?” 40  Umwami na we azobishura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye, ko mwabigiriye umwe muri aba benewacu batobato, ni jewe mwabigiriye+.” 41  Hanyuma azobwira abari ibubamfu bwiwe ati: “Mva mu maso+, mwa bivume mwe! Nimuje mu muriro utazima+ wateguriwe Shetani* n’abamarayika biwe+. 42  Narashonje ntimwangaburira, ndanyoterwa ntimwampa ico nywa. 43  Nari ingenzi ntimwanyakira neza. Nari gusa ntimwampa ico nambara. Nararwaye, ndaja mw’ibohero ariko ntimwaza kundaba.” 44  Na bo nyene bazomwishura bati: “Mukama, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri ingenzi, canke uri gusa, canke urwaye canke uri mw’ibohero, ntihagire ico tugufasha?” 45  Na we azobishura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye, ko mutabigiriye umwe muri aba benewacu batobato, nta vyo mwangiriye+.” 46  Abo bazorandurwa ibihe bidahera+, ariko abagororotsi bazoronka ubuzima budahera+

Utujambo tw'epfo

Canke «abigeme b’isugi.»
Canke «bari inkerebutsi.»
Canke «ahabera agatutu k’ubugeni.»
Italanto y’Abagiriki yangana n’ibilo 20,4. Raba Inyongera ya B14.
Mu kigiriki havuga ngo «ifeza.»
Mu kigiriki havuga ngo «ifeza.»
Canke «amenyo.»
Canke «nta mpuzu nari mfise.»
Mu kigiriki havuga ngo «wateguriwe wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).