Yeremiya 21:1-14

  • Yehova yanka ivyo Zedekiya amusavye (1-7)

  • Guhitamwo ubuzima canke urupfu (8-14)

21  Ibi ni vyo Yehova yabwiye Yeremiya, igihe umwami Zedekiya+ yamutumako Pashuri+ mwene Malikiya na Zefaniya+ mwene Mayaseya, umuherezi, ngo bamusabe iki kintu:  «Turakwinginze utubarize Yehova kuko Nebukadinezari* umwami wa Babiloni aduteye+. Hari aho Yehova yodukorera igitangaza, uwo mwami akatuviraho+  Yeremiya ababwira ati: «Genda mubwire Zedekiya muti:  “Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Ngira ndabahindukirizeko ibirwanisho mufise, muriko murarwanisha umwami wa Babiloni+ n’Abakaludaya bari inyuma y’uruzitiro babugarije. Nzobakoraniriza hagati muri iki gisagara.  Mwebwe nzobarwanya jewe ubwanje+ nkoresheje ukuboko kw’ububasha* kandi gukomeye. Nzobigira nshavuye, naratse kandi nshangashiwe+.  Nzokwica ababa muri iki gisagara, abantu n’ibikoko, bicwe n’ikiza* gikomeye+.’”  “‘Kandi inyuma y’ivyo’, ni ko Yehova avuze, ‘Zedekiya umwami w’Ubuyuda n’abasuku biwe n’abantu bo muri iki gisagara, ni ukuvuga abo bose bazoba barokotse ikiza, inkota n’inzara, nzoreka batsindwe na Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, abansi babo n’abarondera kubica+. Azobicisha inkota. Ntazobumvira akagongwe canke ngo abagirire impuhwe canke imbabazi+.’”  Abo bantu na bo uze ubabwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Ehe nshize imbere yanyu inzira y’ubuzima n’inzira y’urupfu.  Abazoguma muri iki gisagara bazokwicwa n’inkota, inzara n’ikiza. Mugabo uwo wese azogenda akishikana ku Bakaludaya babugarije, azobaho, akize* ubuzima bwiwe+.’” 10  “‘Kuko niyemeje kuzana ivyago kuri iki gisagara* aho kukizanako ivyiza+’, ni ko Yehova avuze. ‘Kizoneshwa n’umwami wa Babiloni+, kandi azogiturira+.’ 11  Mwebwe abo mu rugo rw’umwami w’Ubuyuda, nimwumve ivyo Yehova avuze. 12  Yemwe abo mu muryango wa Dawidi, Yehova avuze ati: ‘Nimukurikize ubutungane buri musi,uwamburwa mumukize uwumwambura*+.Ahandiho uburake bwanje buzorurumba nk’umuriro+,bwake habure uwo kubuzimyakubera ibikorwa vyanyu bibi+.’” 13  “Yemwe ababa mu kiyaya, ewe gitandara co mu karere gashashe,ngira ndabatere”, ni ko Yehova avuze. “Nayo mwebwe muvuga ngo: ‘Ni nde azomanuka kudutera? Ni nde azoza aho tuba ngo aturwanye?’ 14  Nzobahana nisunze ibikorwa vyanyu+”,ni ko Yehova avuze. “Kandi nzokwatsa umuriro mu kibira canyu,uturire ibintu vyose biri irya n’ino yanyu bitokombere+.”»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Canke «indwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «asahure.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuko ndabishije mu maso hanje kuri iki gisagara kugira ndagiteze ivyago.»
Canke «uwumuzuruma.»