Yeremiya 27:1-22

  • Igiti co kwikoreza imizigo ca Babiloni (1-11)

  • Zedekiya asabwa kuyobokera Babiloni (12-22)

27  Mu ntango y’intwaro ya Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, Yehova yavuganye na Yeremiya.  Maze Yeremiya avuga ati: «Yehova yambwiye ati: “Nurondere imigozi n’ibiti vyo kwikoreza imizigo*, hanyuma ubishire kw’izosi.  Uheze ubirungikire umwami wa Edomu+, uwa Mowabu+, uw’Abamoni+, uw’i Tiro+ n’uw’i Sidoni+, ubirungikane intumwa zaje i Yeruzalemu kuraba Zedekiya umwami w’Ubuyuda.  Uze ubategeke kubwira ba shebuja bati: ‘Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo Imana ya Isirayeli avuze ko mukwiye kubwira ba shobuja:  “Ni jewe naremye* isi, abantu n’ibikoko biri kw’isi nkoresheje ububasha bwanje buhambaye n’ukuboko kwanje gukomeye*, kandi nabihaye uwo nshaka*+.  Ubu rero, ibi bihugu vyose ndabihaye umusavyi wanje Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni. Ndamuhaye n’ibikoko vyo mw’ishamba ngo abiganze.  Amahanga yose azomukorera, we n’umuhungu wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushika igihe c’igihugu ciwe kigeze+, aho amahanga menshi n’abami bakomeye bazomugira umushumba wabo+.”  “Nihagira ihanga canke ubwami vyanka gukorera Nebukadinezari umwami wa Babiloni, bikanka gushira kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo c’umwami wa Babiloni, iryo hanga nzorihanisha inkota+, inzara n’ikiza*”, ni ko Yehova avuze, “gushika abaribamwo ndabaherengeteje biciye kuri we.”  “Ntimwumvirize rero abahanuzi banyu, abaraguzi banyu, abarosi banyu, abanyamageza banyu n’abapfumu banyu, bababwira ngo: ‘Ntimuzokorera umwami wa Babiloni.’ 10  Kuko bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma, bikazotuma mujanwa kure y’igihugu canyu, nkabashwiragiza mugahona. 11  Mugabo ihanga rizokwemera gushira kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo c’umwami wa Babiloni rikamukorera, nzorireka rigume* mu gihugu caryo”, ni ko Yehova avuze, “kugira riharime ryongere rihabe.”’”» 12  Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda na we nyene namubwiye nk’ukwo nyene nti: «Nimushire kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo c’umwami wa Babiloni, mumukorere we n’abantu biwe. Ni ho muzobandanya kubaho+. 13  Kubera iki mwe n’abantu bawe mworinda kwicwa n’inkota+, inzara+ n’ikiza+, nk’uko Yehova yavuze ko bizoshikira ihanga ritazokorera umwami wa Babiloni? 14  Ntimwumvirize amajambo abahanuzi bababwira ngo: “Ntimuzokorera umwami wa Babiloni+”, kuko bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma+. 15  Yehova avuze ati: “Sinabatumye mugabo bavuga ubuhanuzi bw’ibinyoma mw’izina ryanje. Bizotuma ndabashwiragiza muhone, mwe n’abahanuzi bababwira ubuhanuzi+.”» 16  Abaherezi n’abo bantu bose nababwiye nti: «Yehova avuze ati: “Ntimwumvirize amajambo y’abahanuzi banyu bababwira ubuhanuzi bavuga ngo: ‘Ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova bigiye kugarukanwa vuba cane bikuwe i Babiloni+!’ Ntimubumvirize kuko bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma+. 17  Ntimubumvirize. Nimukorere umwami wa Babiloni mubone kubandanya kubaho+. Kubera iki kino gisagara corinda gutikizwa? 18  Mugabo nimba ari abahanuzi bakaba bavuga ijambo rya Yehova, ndabinginze batakambire Yehova Nyeningabo kugira ngo ibikoresho bisigaye mu nzu ya Yehova no mu nzu* y’umwami w’Ubuyuda n’i Yeruzalemu ntibitwarwe i Babiloni.” 19  Kuko ibi ari vyo Yehova Nyeningabo avuze ku bijanye na za nkingi+, ca kiyaga*+, ya mashareti+ n’ibikoresho bisigaye muri iki gisagara, 20  ivyo Nebukadinezari umwami wa Babiloni atajanye igihe yatwara mu bunyagano i Babiloni Yekoniya mwene Yehoyakimu, umwami w’Ubuyuda, amukuye i Yeruzalemu, ari kumwe n’abanyacubahiro bose bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+. 21  Egome, ibi ni vyo Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ku bijanye n’ibikoresho bisigaye mu nzu ya Yehova, mu nzu* y’umwami w’Ubuyuda n’i Yeruzalemu: 22  “Yehova avuze ati: ‘Bizojanwa i Babiloni+ kandi ni ho bizoguma gushika umusi nzovyitaho*. Nzoheza ndabigarukane ndabisubize aha hantu+.’”»

Utujambo tw'epfo

Canke «n’ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Mu giheburayo havuga ngo «uwubereye mu maso yanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Mu giheburayo havuga ngo «nahinguye.»
Canke «indwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «riruhuke.»
Canke «ku kirimba.»
Ni ca gitangi c’umujumpu cari ku rusengero.
Canke «ku kirimba.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nzobitaho.»