Yeremiya 33:1-26
33 Yehova avugana na Yeremiya ubugira kabiri, igihe yari agipfungiwe mu kigo c’abarinzi+, amubwira ati:
2 «Yehova Umuremyi w’isi*, Yehova umwe yayibumba akayikomeza, umwe yitwa Yehova, avuze ati:
3 “Mpamagara, nanje ndakwitaba ndakubwire n’umutima ukunze ibintu bihambaye kandi bidatahurika utari uzi+.”»
4 «Kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze ku bijanye n’amazu y’iki gisagara, n’amazu y’abami b’Ubuyuda yasituriwe hasi ku bwo kwikingira abarunze ibintu vyo kwuririrako ngo bahatere no kwikingira inkota+,
5 no ku bijanye n’abaza kurwanya Abakaludaya bakuzuza aha hantu imivyimba y’abantu nasasitse nshavuye kandi naratse, bamwe batuma iki gisagara ndagihisha mu maso hanje kubera ibibi bakoze. Avuze ati:
6 “Ngira ntume hasubira kumera neza, hagire n’amagara meza+. Nzokiza abantu nongere ndabahe* amahoro n’ukuri vy’umurengera+.
7 Nzogarukana abo mu Buyuda n’abo muri Isirayeli bagizwe imbohe+, kandi nzobubaka nk’uko nabigize mu ntango+.
8 Nzobatyorora vy’ukuri ntibabe bacagirwa n’ibicumuro bankoreye+, ndabaharire vy’ukuri ntibabe bacagirwa n’ibicumuro vyabo be n’amakosa bankoreye+.
9 Izina ry’iki gisagara rizotuma nigina kandi kizotuma nshemezwa nongere ninahazwe imbere y’amahanga yose yo kw’isi azokwumva ivyiza vyose nkorera abantu banje+. Ayo mahanga azogira ubwoba yongere ajugumire+ kubera ivyiza vyose nzokorera iki gisagara n’amahoro yose nzogiha+.”»
10 «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Aha hantu, mu bisagara vyo mu Buyuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu vyacitse umusaka, bitakirangwamwo abantu canke ibitungwa, muzovuga ko ari agahinga katabamwo abantu canke ibitungwa. Mugabo hazosubira kwumvikana
11 ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero+, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni, n’ijwi ry’abavuga bati: ‘Nimukengurukire Yehova Nyeningabo, kuko Yehova ari mwiza+. Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.’”
“Bazozana mu nzu ya Yehova amashikanwa yo gukenguruka+, kuko nzogarukana abo muri iki gihugu bagizwe imbohe bamere nk’uko bari mu ntango”, ni ko Yehova avuze.»
12 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Muri aka gahinga katabamwo abantu canke ibitungwa, no mu bisagara vyaho vyose, hazosubira kuboneka uburagiro abungere bavyagizamwo amasho yabo+.”
13 “Mu bisagara vyo mu misozi, ivyo mu karere k’imirambi, ivyo mu bumanuko, ivyo mu karere ka Benyamini, ivyo mu micungararo ya Yeruzalemu+ n’ivyo mu Buyuda+, abungere bazosubira guharura amasho yabo*”, ni ko Yehova avuze.»
14 «Yehova avuze ati: “Mu misi iri imbere, nzoshitsa ivyiza navuze ko nzokorera ihanga rya Isirayeli n’Ubuyuda+.
15 Muri iyo misi no muri ico gihe nzonagishiriza Dawidi umunago* ugororotse+, kandi azotuma mu gihugu harangwa ubutungane n’ubugororotsi+.
16 Muri iyo misi Ubuyuda buzokizwa+ na Yeruzalemu yibere mu mutekano+. Ico gisagara kizokwitwa: Yehova ni we bugororotsi bwacu+.”»
17 «Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Mu muryango wa Dawidi ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.
18 No mu baherezi b’Abalewi ntihazokwigera habura umugabo ahagarara imbere yanje ngo ashikane amashikanwa aturirwa uko yakabaye, ngo aturire amashikanwa y’intete yongere ashikane ibimazi.”»
19 Yehova yongera kuvugana na Yeremiya ati:
20 «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega mwoshobora guhagarika isezerano nagize rijanye n’umurango n’isezerano nagize rijanye n’ijoro, mukabuza umurango n’ijoro kuza ku mwanya wavyo+?
21 Nimba vyoshoboka, n’isezerano nagiranye n’umusavyi wanje Dawidi ryoshobora rero guhagarikwa+, ku buryo ataronka umuhungu yicara ku ntebe yiwe y’ubwami ngo aganze+. N’isezerano nagiranye n’abaherezi b’Abalewi bankorera+ na ryo nyene ryohagarikwa.
22 Nk’uko ingabo zo kw’ijuru zidashobora guharurwa, canke ngo umusenyi wo ku kiyaga upimwe, ni ko nzogwiza uruvyaro* rw’umusavyi wanje Dawidi n’Abalewi bankorera.”»
23 Yehova yongera kandi kuvugana na Yeremiya ati:
24 «Mbega ntiwumvise ivyo aba bantu bavuga? Bavuga ngo: “Yehova azoheba ya miryango ibiri yatora.” Baguma bagaya abantu banje, bakabona ko batakiri ihanga.
25 Yehova avuze ati: “Nk’uko nyene nashinze isezerano rijanye n’umurango be n’ijoro+, ngashinga n’amategeko* agenga ijuru n’isi+,
26 ni ko nyene ntazokwigera mpeba uruvyaro* rwa Yakobo n’urw’umusavyi wanje Dawidi, ngo ndeke gutora mu ruvyaro* rwiwe abatware bo kuganza abakomoka kuri Aburahamu*, Izahaki na Yakobo. Kuko nzokoranya abantu babo bagizwe imbohe+ ndabagarukane, kandi nzobumvira akagongwe+.”»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «Uwahinguye isi.»
^ Canke «ndabahishurire.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amasho azosubira guca munsi y’amaboko y’uwuyaharura.»
^ Canke «samuragwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Canke «ivyagezwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu rubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rwa Aburahamu.»