Yeremiya 41:1-18
41 Mu kwezi kugira indwi, Ishimayeli+ mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama, aza i Mizipa kwa Gedaliya mwene Ahikamu, ari kumwe n’abagabo cumi. Ishimayeli yava mu nda y’ingoma*, akaba yari umwe mu batware bakuru b’umwami. Bariko barasangira ibifungurwa aho i Mizipa+,
2 Ishimayeli mwene Netaniya n’abo bagabo cumi bari kumwe barahaguruka bicisha inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani. Nuko Ishimayeli yica uwo umwami wa Babiloni yari yajeje igihugu.
3 Ishimayeli yica n’Abayuda bose bari kumwe na Gedaliya i Mizipa n’abasoda b’Abakaludaya bari ng’aho.
4 Ku musi ugira kabiri Gedaliya yishwe, ata n’umwe arabimenya,
5 haza abagabo 80 bavuye i Shekemu+, i Shilo+ n’i Samariya+. Bari bamoye ubwanwa, bitaburiyeko impuzu, bikebaguye+, bafise n’amashikanwa y’intete n’imibavu*+ bazanye ku nzu ya Yehova.
6 Nuko Ishimayeli mwene Netaniya aja guhura na bo avuye i Mizipa, agenda ararira. Abashikiriye ababwira ati: «Nimuze kwa Gedaliya mwene Ahikamu.»
7 Ariko bashitse mu gisagara, Ishimayeli mwene Netaniya n’abantu biwe barabica, babaterera mw’itangi.
8 Mugabo hari abagabo cumi muri bo baciye babwira Ishimayeli bati: «Ntutwice kuko hari ibintu vyinshi twanyegeje mu gahinga bigizwe n’ingano, sayiri*, amavuta n’ubuki.» Nuko arabareka, ntiyabicana na benewabo.
9 Imivyimba yose y’abagabo Ishimayeli yari yishe yayitaye mw’itangi rinini umwami Asa yari yarakoze kubera Bayasha umwami wa Isirayeli+. Iryo tangi ni ryo Ishimayeli mwene Netaniya yujujemwo abari bishwe.
10 Abantu bose bari basigaye i Mizipa+, Ishimayeli abagira imbohe. Harimwo n’abakobwa b’umwami n’abandi bantu bose bari basigaye i Mizipa, abo Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami yari yajeje Gedaliya+ mwene Ahikamu. Ishimayeli mwene Netaniya abagira imbohe, maze agenda yerekeza mu Bamoni+.
11 Yohanani+ mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we bumva ibibi vyose Ishimayeli mwene Netaniya yari yakoze.
12 Baca bahitana abagabo bose, baja kurwanya Ishimayeli mwene Netaniya, bamusanga hafi y’amazi menshi* i Gibeyoni.
13 Abantu bose bari kumwe na Ishimayeli baranezerwa babonye Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we.
14 Nuko abantu bose Ishimayeli yari yagize imbohe abakuye i Mizipa+ barahindukira basubirana inyuma na Yohanani mwene Kareya.
15 Mugabo Ishimayeli mwene Netaniya na munani mu bantu biwe bahunga Yohanani baja mu Bamoni.
16 Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we, bagarukana abantu bari basigaye bakuwe i Mizipa. Babarokoye babakuye kuri Ishimayeli mwene Netaniya aho amariye kwica Gedaliya+ mwene Ahikamu. Bagarukanye abagabo, abasoda, abagore, abana n’abakozi bo ku kirimba, babakuye i Gibeyoni.
17 Nuko baragenda bashikira mu buraro bwa Kimuhamu hafi ya Betelehemu+, bakaba bashaka kuja mu Misiri+
18 kubera gutinya Abakaludaya. Babatinya kubera ko Ishimayeli mwene Netaniya yari yishe Gedaliya mwene Ahikamu, uwo umwami wa Babiloni yari yarajeje igihugu+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu rubuto rw’ubwami.»
^ Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
^ Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «y’ikidengeri kinini.»