Yesaya 2:1-22

  • Umusozi wa Yehova ushirwa hejuru (1-5)

    • Inkota bazozicuramwo amasuka (4)

  • Umusi wa Yehova uzocisha bugufi abibona (6-22)

2  Ibi ni vyo Yesaya mwene Amozi yabonye ku vyerekeye Ubuyuda na Yeruzalemu+:   Mu misi y’iherezo*,umusozi w’inzu ya Yehovauzokomezwa hejuru y’amasonga y’iyindi misozi+.Uzoduzwa hejuru y’imirambi,kandi amahanga yose azoja kuri wo ari ikigwi+.   Amahanga menshi azojayo avuge ati: «Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova,ku nzu y’Imana ya Yakobo+. Azotwigisha inzira ziwe,natwe tuzigenderemwo+ Kuko i Siyoni hazova amategeko*,i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova+.   Azoca imanza hagati mu mahanga,agorore* ibintu mu migwi myinshi y’abantu. Inkota zabo bazozicuramwo amasuka*,amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututura*+. Nta hanga rizofata inkota ngo rirwanye irindi hanga,eka ntibazokwongera kwiga kurwana+.   Yemwe abo mu muryango wa Yakobo,nimuze tugendere mu muco wa Yehova+.   Mana, warahevye abantu bawe, umuryango wa Yakobo+,kubera ko igihugu cabo gisigaye cuzuye ibintu biva mu Buseruko.Bakora ivy’amageza+ nk’Abafilisitiya,kandi buzuranye abana b’abanyamahanga.   Igihugu cabo cuzuye ifeza n’inzahabu,kandi amatungo yabo ntagira igitigiri. Igihugu cabo cuzuye amafarasi,kandi imikogote yabo ntigira igitigiri+.   Igihugu cabo cuzuye imana ata co zimaze+. Bunamira igikorwa c’amaboko yabo,ibintu iminwe yabo yakoze.   Maze umuntu akunama agashika hasi.Ntiwoshobora kumubabarira. 10  Niwinjire mw’isenga ry’ibitandara, winyegeze mu mukungugukubera ububasha buteye ubwoba bwa Yehovan’ubuninahazwa bwiwe buhambaye+. 11  Amaso arabana ubwishime azoshirwa hasi,n’ubwibone bw’abantu bucishwe bugufi*. Yehova wenyene ni we azoshirwa hejuru kuri uwo musi. 12  Kuko uwo musi ari uwa Yehova Nyeningabo+. Uzoza ku muntu wese yibona kandi yiyemera,ku muntu uwo ari we wese, yaba uwuhambaye canke umuto+. 13  Uzoza ku masederi yose y’i Libani maremare kandi agera iyo hejuruno ku biti vyose vy’imyeloni vy’i Bashani. 14  Uzoza ku misozi yose miremireno ku mirambi yose igera iyo hejuru, 15  ku minara miremire yose no ku nzitiro zose zikomeye, 16  ku meri* z’i Tarushishi+ zoseno ku mato mezameza yose. 17  Ukwishira hejuru kw’abantu kuzoshirwa hasi,ubwibone bwabo bucishwe bugufi*. Yehova wenyene ni we azoshirwa hejuru kuri uwo musi. 18  Imana ata co zimaze zizokurwaho zizimangane+. 19  Abantu bazokwinjira mu masenga y’ibitandarano mu vyobo vyo mu kuzimu+kubera ububasha buteye ubwoba bwa Yehovan’ubuninahazwa bwiwe buhambaye+,niyahaguruka kugira ngo atume isi ijugumizwa n’ubwoba. 20  Kuri uwo musi, abantu bazofata imana zabo ata co zimaze z’ifeza n’inzahabu,izo ubwabo bakoze kugira bazunamire,maze baziterere imbeba za mushushwe* n’ubuhungarema+, 21  kugira binjire mu vyobo vyo mu bitandarano mu mabuye y’urutare yasadutse.Bazokwinjirayo kubera ububasha buteye ubwoba bwa Yehovan’ubuninahazwa bwiwe buhambaye,niyahaguruka kugira ngo atume isi ijugumizwa n’ubwoba. 22  Ku neza yanyu, nimureke kwizigira umuntu buntu,kandi ari impemu gusa zo mu mazuru*. Umuntu ni iki ngo mumwizere?

Utujambo tw'epfo

Canke «ya nyuma.»
Canke «inyigisho.»
Canke «akosore.»
Canke «amasuka arimishwa n’inka.»
Canke «inkero.»
Canke «bwuname.»
Imeri ni ubwato bunini.
Canke «bwuname.»
Ni imbeba zifise umunwa muremure usongoye.
Canke «kandi abeshwaho n’impemu zo mu mazuru yiwe.»