Yesaya 27:1-13
27 Kuri uwo musi, Yehova azokoresha inkota yiwe ikaze, ihambaye kandi ikomeye+,yiteho ivya Lewiyatani* ya nzoka inyerera,Lewiyatani ya nzoka igenda iriheta.Ntazobura kwica urwo rukoko ruri mu kiyaga.
2 Kuri uwo musi, muze muririmbire uwo mugore* muti:
«Ewe murima w’imizabibu ivamwo umuvinyu ubimba ifuro+!
3 Jewe Yehova, ndamuzigama+.
Nguma ndamuvomēra+.
Ndamuzigama ijoro n’umurangongo ntihagire uwumugirira nabi+.
4 Nta burake mfise+.
Ni nde azompangara mu rugamba yitwaje ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi?
Nzobihonyanga ndabihe umuriro vyose.
5 Nahungire nyabuna mu kibanza canje gikomeye.
Naze asubize hamwe nanje.Nandondere dusubize hamwe.»
6 Mu misi izoza Yakobo azoshora imizi,Isirayeli ashurike anage+,kandi umwimbu wabo uzokwuzura igihugu+.
7 Mbega yoba akwiye gukubitwa nk’uko uwumukubita abigira?
Canke yoba akwiye kwicwa cokimwe n’abishwe biwe?
8 Igihe uzomurungika, uzonigana na we ushizeko akaruru gateye ubwoba.
Uzomwirukana ukoresheje umuyaga wawe ukaze, ku musi w’umuyaga wo mu buseruko+.
9 Ibi rero ni vyo bizotuma ikosa rya Yakobo ribabarirwa*+,kandi ibi ni vyo vyamwa bizoboneka niyaharirwa igicumuro ciwe:
azofata amabuye yose y’igicaniroayavungagure nk’amabuye y’ingwa,kandi nta nkingi nyeranda z’ibiti* canke ibicaniro baturirirako imibavu bizosigara+.
10 Kuko igisagara gikingijwe ibihome kizosigara ata wukibamwo.Aho baragira bazohata bahahebe, hamere nk’agahinga+.
Aho ni ho inyana izorisha yongere iryame,kandi izorya amashami yaho+.
11 Udushami twaho nitwamara kwuma,abagore bazoza batuvune,baducanishe umuriro.
Kuko aba bantu badategera+.
Ni co gituma Uwabaremye* atazobagirira imbabazi,kandi Uwababumvye ntazobaraba ryiza+.
12 Kuri uwo musi Yehova azokubita ivyamwa bihunguruke, guhera ku mugezi utemba wa rwa ruzi runini* gushika ku mwonga* wa Misiri+. Muzonobagurwa umwumwe, yemwe Bisirayeli+.
13 Kuri uwo musi hazovuzwa inzamba ikomeye+. Abariko barahona mu gihugu ca Ashuri+ n’abashwiragiye mu gihugu ca Misiri+, bazoheza baze bunamire Yehova ku musozi mweranda i Yeruzalemu+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Biboneka ko ng’aha Isirayeli igereranywa n’umugore, ikongera ikagereranywa n’umurima w’imizabibu.
^ Canke «ritangirwa impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «Uwabahinguye.»
^ Ni uruzi Efurate.
^ Raba Insiguro y’amajambo.