Yesaya 34:1-17
34 Nimwegere mwa mahanga, mwumve.Namwe bihugu, nimutege yompi.
Isi n’ibiyuzuye nivyumvirize,n’ubutaka n’umwimbu wabwo wose.
2 Kuko Yehova afitiye ishavu amahanga yose+,akagirira n’uburake ingabo zayo zose+.
Azobatikizaatume bicwa+.
3 Abantu babo bagandaguwe bazotererwa hanze.Umunuko w’imivyimba yabo uzoduga+.Imisozi izoshonga kubera* amaraso yabo+.
4 Ingabo zose zo kw’ijuru zizobora,ijuru rizingazingwe nk’umuzingo w’igitabu.
Ingabo zaryo zose zizokwumanka kurya ibabi ry’umuzabibu ryuma rigakoroka,nka kurya insukoni yakabiranye ikoroka ivuye ku giti c’umusukoni.
5 «Kuko inkota yanje izonywa amaraso+ mw’ijuru.
Izomanuka ku Banyedomu kugira bashitsweko urubanza+,ku bantu nafashe ingingo yo gutikiza.
6 Yehova arafise inkota. Izokwuzurako amaraso.
Izokwuzurako ibinure+,amaraso y’amasuguru y’intama n’ay’impene,hamwe n’ibinure vyo ku mafyigo y’impfizi z’intama.
Kuko Yehova afise ikimazi yipfuza gutanga i Bozira.Hari ibitungwa vyinshi bizokererwa mu gihugu ca Edomu+.
7 Inka zo mw’ishamba zizogwa hamwe na vyo,ishuri zigwe hamwe n’impfizi zikomeye.
Igihugu cabo kizonywa amaraso,n’umukungugu wabo ubombekeshwe ibinure.»
8 Kuko Yehova afise umusi w’ukwihora+,umwaka wo kubasubiriza mu nkoko ku bijanye n’ikibi bakoreye Siyoni*+.
9 Imigezi yiwe* y’amazi izohindurwa ikaburimbi,umukungugu wiwe uhindurwe amazuku*.Igihugu ciwe kizomera nk’ikaburimbi yaka umuriro.
10 Haba mw’ijoro canke ku murango, ntihazozima.Umwotsi waho uzoguma uduga ibihe vyose.
Uko urunganwe* ruzokurikira urundi, hazoguma ari ahantu hatikijwe.Nta n’umwe azosubira kuhaca gushika ibihe bidahera+.
11 Inyoni yitwa igisafu be n’ikinyogoto bizohigarurira,kandi ibihuna vy’amatwi maremare n’ibikona ni vyo bizohibera.
Imana izohapimisha umugozi kugira yerekane ko hazosigara hagaragara,ihapimishe n’inivo* kugira yerekane ko hazotikizwa.
12 Mu banyacubahiro baho nta n’umwe azogirwa umwami,kandi abatware baho bose bazohinduka ubusa.
13 Ku minara yaho ikomeye hazomera amahwa,mu bibanza vyaho bikingijwe ibihome hamere ibisuru n’ivyatsi vy’amahwa.
Hazosigara ari ahantu haba imbwebwe+,n’ikigo c’ibinyoni vyitwa imbuni.
14 Ibikoko vyo mu bugaragwa bizohura n’ibikoko vyomanga,impene yo mw’ishamba* ihamagare mugenzi wayo.
Emwe, aho ni ho inyoni yitwa rushorera* izokwibera, iharuhukire.
15 Aho ni ho inzoka yirasa bwampi izokwubaka icari yongere ihate amagi,kandi izoyaberagura yegeranirize ivyana vyayo munsi y’igitutu cayo.
Emwe, aho ni ho ibinyamwanira bizokoranira, ikigore n’ikigabo caco.
16 Nimurondere mu gitabu ca Yehova, mugisome n’ijwi ryumvikana:
nta na kimwe muri vyo kizobura.Nta na kimwe muri vyo kizobura kigenzi caco,kuko akanwa ka Yehova ari ko katanze itegeko,kandi impwemu yiwe ni yo yavyegeranije.
17 Ni we yabipfindiye ubupfindo,kandi ukuboko kwiwe ni kwo kwapimye* ikibanza vyahawe.
Bizocigarurira ibihe vyose,bikibemwo uko urunganwe* ruzokurikira urundi.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «izotemba.»
^ Canke «kubera imburano zijanye na Siyoni.»
^ Biboneka ko hariko havugwa Bozira, umurwa mukuru wa Edomu.
^ Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «karisho.» Mu giheburayo havuga ngo «amabuye.» Karisho wari umugozi uriko akantu karemereye kenena, bakoresha mu gupima amahagarara.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «idayimoni isa n’impene.»
^ Canke «ntibuhiye.» Ni inyoni igenda ijoro ishaka kumera nk’igihuna.
^ Mu giheburayo havuga ngo «kwagabuje umugozi wo gupimisha.»
^ Canke «iyaruka.»