Yesaya 44:1-28
44 Ubu rero niwumvirize, ewe Yakobo musavyi wanje,na wewe Isirayeli, uwo natoye+.
2 Yehova, Umwe yakuremye* akakubumba+,Umwe yagufashije kuva ukivuka*, avuze ati:“Ntutinye, musavyi wanje Yakobo+,
nawe Yeshuruni*+, uwo natoye.
3 Kuko nzosuka amazi ku wunyotewe*+,ntume imigezi itemba ahantu humye.
Nzosuka impwemu yanje ku ruvyaro* rwawe+,n’umuhezagiro wanje ku bagukomokako.
4 Bazonaga nk’ivyatsi bitoto+,nk’ibiti vy’imyarava* biri iruhande y’imigezi y’amazi.
5 Umwe azovuga ati: ‘Jewe ndi uwa Yehova+’,
uwundi yiyite izina rya Yakobo.Uwundi na we azokwandika ku kuboko kwiwe ngo: ‘Uwa Yehova’,
kandi azokwiyitirira izina rya Isirayeli.”
6 Yehova wa Mwami+ akaba n’Umucunguzi+ wa Isirayeli,Yehova Nyeningabo, avuze ati:
“Ndi uwa mbere kandi ndi uwa nyuma+.
Nta yindi Mana atari jewe+.
7 Ni nde ameze nkanje+?
Nasemerere abivuge, ampe ibimenyamenya+.
Navuge ibigira bibeavuge n’ibizoba,nk’uko nabigize kuva igihe nashiraho ihanga rya kera.
8 Ntimutinyekandi ntimutekerwe n’ubwoba+.
Mbega umwe wese muri mwebwe sinabimubwiye imbere y’igihe, nkabimumenyesha?
Muri ivyabona vyanje+.
Hari iyindi Mana atari jewe?
Oya, nta kindi Gitandara kiriho+. Nta co nzi.”»
9 Abo bose babaza ibishusho nta co bamaze.N’ibintu vyabo bikundira cane nta co bizomara+.
Ni ivyabona* ata co bibona kandi ata co bizi+,ni co gituma ababihinguye bazomaramara+.
10 Ni nde yohingura imana canke ngo akore igishusho mu cuma*,kandi ata co kimaze+?
11 Raba! Abifatanya na bo bose bazomaramara+.
Abanyamyuga b’abahinga ni abantu buntu.
Bose nibakoranire hamwe bafate ivyicaro.
Bazogira ubwoba bwinshi, bamaramarire hamwe.
12 Umucuzi ashira icuma ku makara akagihingura akoresheje igikoresho ciwe.
Aragihingura akoresheje inyundo zitandukanye,akagitunganya akoresheje ukuboko kwiwe kw’inkomezi+.
Mu nyuma arasonza, inguvu zikamuherana.Kubera atanyoye amazi, araruha.
13 Uwubaza ibiti arapima igiti akoresheje umugozi,
akagicapako ishusho akoresheje ingwa itukura.
Arakibaza neza akoresheje akuma*, akagicapako akoresheje agacamuzingi.Araheza akagiha ishusho nk’iy’umuntu+n’ubwiza nk’ubw’umuntu, kugira agitereke mu nzu*+.
14 Hari uwujejwe igikorwa c’ukwicira amasederi.
Arahitamwo ubwoko kanaka bw’igiti, igiti c’umweloni,akakireka kigakomera kiri mu bindi biti vyo mu kibira+.
Atera igiti c’umworeni, imvura ikagikuza.
15 Kiraheza kikaba inkwi umuntu acana.
Afata zimwe muri zo akazikoresha mu kwisusurutsa,agacana umuriro, akotsa umukate.
Mugabo aragihinguramwo n’imana akayisenga.
Akibazamwo igishusho, akacunamira+.
16 Afata igice ca nya giti akagicana,akotsako* inyama arya, maze agahaga.
Vyongeye arisusurutsa akavuga ati:
«Aho rero! Ndasusurutse, mbonye agacanwa.»
17 Mugabo igice gisigaye agikoramwo imana, igishusho yabaje.
Aracunamira akagisenga.
Aragisenga, akavuga ati:
«Nkiza kubera uri imana yanje+.»
18 Nta na kimwe bazi, nta na kimwe batahura+,kuko amaso yabo yugaye bakaba badashobora kubona,n’umutima wabo ukaba ata bukerebutsi* ufise.
19 Nta n’umwe yiyumvira mu mutimacanke afise ubumenyi n’ugutegera, ngo yibwire ati:
«Igice kimwe c’iki giti nagicanye,amakara yaco ndayotsako umukate, notsako* n’inyama ndya.
None igice caco gisigaye ndagikoremwo ikintu gishisha+?
Nje ng’aho nsenge ingegene y’igiti*?»
20 Ameze nk’umuntu arya iminyota.
Umutima wiwe wahuvye waramuzimije.
Ntashobora kwikiza, canke ngo avuge ati:
«Iki mfise mu kuryo kwanje si uruhendo?»
21 «Niwibuke ivyo bintu, ewe Yakobo, na wewe Isirayeli,kuko uri umusavyi wanje.
Narakubumvye, kandi uri umusavyi wanje+.
Ewe Isirayeli, sinzokwibagira+.
22 Nzokuraho amakosa yawe amere nk’ayapfutswe n’igicu+,n’ibicumuro vyawe bimere nk’aho noba nabipfukishije igicu kizitanye.
Nungarukeko kuko nzogucungura+.
23 Niwihe akamo k’umunezero wa juru we,kuko Yehova yahaserutse!
Yemwe bibanza vy’ibwina mw’isi, nimukome akaruru k’intsinzi!
Nimwihe akamo k’umunezero mwa misozi mwe+,nawe kibira n’ibiti vyawe vyose!
Kuko Yehova yacunguye Yakobo,ubwiza bwiwe buhebuje akabwerekanira kuri Isirayeli+.»
24 Yehova wa Mucunguzi wawe+,Umwe yakubumba ukiri mu nda, avuze ati:
«Ndi Yehova uwaremye vyose.
Ijuru nararishanje jenyene+,nsasa isi+.
Hari uwo twari kumwe?
25 Ndavuruga ibimenyetso vy’abahanuzi b’ikinyoma*,kandi ndi Umwe atuma abaraguzi bakora nk’abasazi+.Ndi Umwe atuma abantu b’inkerebutsi babura ico bafata n’ico bareka,agatuma ubumenyi bwabo buhinduka ubujuju+.
26 Ndi Umwe atuma ijambo ry’umusavyi wiwe riranguka,agashitsa akantu kose intumwa ziwe zari zaravuze+.Ndi Umwe avuga ku bijanye na Yeruzalemu ati: “Hazoba abantu+”,
no ku bisagara vy’Ubuyuda ati: “Bizosubira kwubakwa+,kandi ahasambutse hazosanurwa+.”
27 Ndi Umwe abwira amazi yo mw’ibenga ati: “Kama*,n’inzuzi zanyu zose nzozikamya+.”
28 Ndi Umwe avuga ku bijanye na Kuro+ ati: “Ni umwungere wanje,kandi azoshitsa neza ivyo ngomba vyose+.”Ndi Umwe avuga ku bijanye na Yeruzalemu ati: “Hazosubira kwubakwa”,
no ku bijanye n’urusengero ati: “Umushinge wawe uzoshingwa+.”»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «yaguhinguye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ukiri mu nda.»
^ Iryo zina risobanura ngo «umugororotsi.» Ni izina ry’icubahiro rya Isirayeli.
^ Canke «ku gihugu kinyotewe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku rubuto.»
^ Mu gifaransa vyitwa peupliers.
^ Ni ukuvuga ibishusho.
^ Canke «mu cuma bashongesheje.»
^ Canke «mu kazu basengeramwo.»
^ Canke «imbāzo», «itindo.»
^ Canke «agatarako.»
^ Canke «ata gutahura kwimbitse.»
^ Canke «ntarako.»
^ Canke «urukwi rwumye.»
^ Canke «abavuga amajambo ata co amaze.»
^ Canke «tumuka.»