Yesaya 48:1-22
48 Nimwumvirize ibi, yemwe abakomoka kuri Yakobo,mwebwe mwiyitirira izina rya Isirayeli+mukaba kandi mwavuye mu mazi ya Yuda*,mwebwe murahira izina rya Yehova+mukambaza Imana ya Isirayeli,naho mutabigira mu kuri no mu bugororotsi+.
2 Kuko biyita abo mu gisagara ceranda+,bakarondera ko Imana ya Isirayeli ibafasha+,imwe yitwa Yehova Nyeningabo.
3 «Kuva kera narabamenyesheje ivyo muri kahise*.
Vyavuye mu kanwa kanje,ndabimenyekanisha+.
Bukwi na bukwi naragize ico nkoze, biraheza biraba+.
4 Kubera ko nari nzi yuko uri intagondwa,yuko izosi ryawe ari umurya w’icuma, kandi ko uruhanga rwawe ari umujumpu+,
5 nabikubwiye kuva kera.
Imbere y’uko biba, narabikumenyesheje,kugira ntuvuge ngo: “Ikigirwamana canje ni co cabikoze,kandi igishusho canje kibaje n’igishusho canje gikozwe mu cuma* ni vyo vyategetse ko biba.”
6 Vyose waravyumvise wongera urabibona.
None ntiwobivuga+?
Guhera ubu ngira ndakumenyeshe ibintu bishasha+vyagumye ari ibanga kandi utamenye.
7 Biriko biremwa ubu, si ivya kera.Ni ibintu utari bwigere wumva gushika uyu musi,kugira ntuvuge ngo: “Erega nari ndabizi.”
8 Eka nta co wumvise+, nta n’ico wamenye,kandi mu bihe vya kera ntiwateze amatwi.
Kuko nzi yuko uhemuka cane+,kandi ko kuva ukivuka wiswe umucumuzi+.
9 Mugabo nzotsinda ishavu kubera izina ryanje+.Nzokwigumya kubera ishemezo ryanje,sindakuzimanganye+.
10 Raba! Naragutyoroye, atari nka kurya kw’ifeza+.
Naragusuzumye* mu kugucisha mw’ifuru y’amarushwa+.
11 Nzogira ico nkoze ku bwanje, emwe ku bwanje+.Mbega noreka ngo izina ryanje rihumanywe+?
Nta wundi n’umwe mpa ubuninahazwa bwanje*.
12 Nyumviriza, ewe Yakobo, nawe Isirayeli uwo nahamagaye.
Ndi wa wundi nyene+. Ndi uwa mbere kandi ndi uwa nyuma+.
13 Ukuboko kwanje ni kwo kwashinze umushinge w’isi+,ukuryo kwanje gusanza ijuru+.
Igihe ndabihamagaye, bihagurukira icarimwe.
14 Nimukoranire hamwe mwese mwumvirize.
Ni nde muri bo yamenyekanishije ibi bintu?
Uwo jewe Yehova nakunze+
azoshitsa kuri Babiloni ibimpimbara+,kandi ukuboko kwiwe kuzorwanya Abakaludaya+.
15 Jewe ubwanje naravuze, kandi naramuhamagaye+.
Naramuzanye, kandi azororanirwa mu vyo azokora+.
16 Nimwegere hafi yanje, mwumve ibi.
Kuva mu ntango sinavugiye mu kinyegero+.
Kuva biba ni ho nari ndi.»
Ubu rero Umukama Segaba Yehova arantumye, atuma n’impwemu* yiwe.
17 Yehova Umucunguzi wawe, wa Mweranda wa Isirayeli+, avuze ati:
«Jewe Yehova ndi Imana yawe,Umwe akwigisha ibikugirira akamaro*+,akakuyobora mu nzira ukwiye gucamwo+.
18 Ese iyaba wokwumviriza amabwirizwa yanje+!
Amahoro yawe yoca amera nk’uruzi+,n’ubugororotsi bwawe bukamera nk’imipfunda y’ikiyaga+.
19 Uruvyaro* rwawe rwogwira nk’umusenyi,abagukomokako na bo bakagwira nk’udutete twawo+.
Izina ryabo ntiryokwigera rirandurwa canke ngo rizimanganywe imbere yanje.»
20 Nimuve muri Babiloni+!
Nimuhunge Abakaludaya!
Nimubimenyekanishe n’akamo k’umunezero, mubitangaze+.
Nimuvyamamaze gushika ku mpera z’isi+.
Nimuvuge muti: «Yehova yacunguye umusavyi wiwe Yakobo+.
21 Ntibanyotewe igihe yabacisha mu bibanza vyatikijwe+.
Yatumye amazi atemba avuye mu gitandara.Yasatuye igitandara amazi ararindimuka+.»
22 Yehova avuze ati: «Nta mahoro ku babisha+.»
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «mwakomotse kuri Yuda.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ivya mbere.»
^ Canke «mu cuma bashongesheje.»
^ Canke «narakugejeje.» Hashobora kandi kuvugwa ngo «naragutoye.»
^ Canke «nta wundi n’umwe dusangira ubuninahazwa.»
^ Canke «andungikana impwemu.»
^ Canke «akwigisha ku neza yawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»