Yesaya 64:1-12

  • Isengesho ryo kwigaya rikibandanya (1-12)

    • Yehova ni «Umubumvyi wacu» (8)

64  Ese iyo uba waratantamuye ijuru ukamanuka,maze imisozi ikanyiganyiga kubera wewe,   bikamera nk’igihe umuriro udometse ikigunda,ukabiza amazi.Abakurwanya boheza bakamenya izina ryawe,amahanga akajugumira imbere yawe.   Igihe wakora ibintu biteye akoba tutari twiteze na gato+,waramanutse maze imisozi iranyiganyiga imbere yawe+.   Kuva kera nta n’umwe yumvise, canke ngo atege ugutwicanke ngo abone iyindi Mana kiretse wewe,Imana igira ico ikoreye abaguma bayiteze*+.   Wahuye n’abanezerezwa no gukora ibigororotse+,bakwibuka bakagendera mu nzira zawe. Raba! Igihe twaguma ducumura warashavuye+,kandi twacumuye igihe kirekire. Ubwo none turakwiye gukizwa?   Twese dusigaye tumeze nk’umuntu ahumanye.Ibikorwa vyacu vy’ubugororotsi vyose bimeze nk’impuzu yahumanijwe n’ubutinyanka+. Twese tuzokabirana nk’ibabi,amakosa yacu atugurure nk’umuyaga.   Nta n’umwe yambaza izina ryawe,nta n’umwe ava hasi ngo akwumireko,kuko waduhishije mu maso hawe+,kandi utuma tuyama* kubera amakosa yacu.   Ariko Yehova, ni wewe Data+. Twebwe turi ibumba, nawe uri Umubumvyi wacu+.Twese turi igikorwa c’amaboko yawe.   Ewe Yehova, ntushavure birenze+,kandi ntiwibuke ikosa ryacu ibihe bidahera. Turakwinginze uturabe kuko twese turi abantu bawe. 10  Ibisagara vyawe vyeranda vyose vyacitse agahinga. Siyoni yacitse agahinga,Yeruzalemu isigara ari akarere kahebwe+. 11  Inzu* yacu nyeranda kandi y’ubuninahazwa*,imwe ba sogokuruza bacu bagushemerezamwo,yaturijwe umuriro+,kandi ibintu vyose twakunda cane vyarononekaye. 12  Uravye ivyo vyose ga Yehova, woba uzobandanya kwigumya? Woba uzoguma winumiye, wemere dutezwe amarushwa ukuraho+?

Utujambo tw'epfo

Canke «abaguma bayirindiriye bihanganye.»
Mu giheburayo havuga ngo «dushonga.»
Canke «urusengero.»
Canke «ubwiza.»