Yobu 26:1-14

  • Yobu amwishura (1-14)

    • «Ewe kuntu ufashije uwutagira utuguvu!» (1-4)

    • «Imana itereka isi ku busa gusa» (7)

    • «Ni udusunwa gusa tw’inzira z’Imana» (14)

26  Yobu yishura ati:   «Ewe kuntu ufashije uwutagira utuguvu! Ese ukuntu ukijije ukuboko kutagira inkomezi+!   Mbega ukuntu uhaye impanuro nziza umuntu atagira ubwenge+! Ese ukuntu ushize ahabona cane ubukerebutsi nyabwo!   Ayo majambo uriko uyabwira nde?Ni nde atumye uvuga ivyo bintu*?   Abapfuye, barya ata co bagishoboye, barajugumira imbere y’Imana.Bari munsi y’amazi n’ibiba muri yo.   Ukuzimu kwambaye ubusa imbere y’Imana+.Irabona n’aho ibiziga bisangukira*.   Isanza ijuru* mu kirere+,isi ikayitereka ku busa gusa.   Itekera amazi mu bicu vyayo+,ku buryo ibicu bidasaturwa n’uburemere bwayo.   Ipfuka intebe yayo y’ubwami,ikayisanzako igicu cayo+. 10  Yashizeho urubibe* rutandukanya ijuru n’ikiyaga+,ishiraho urubibe rutandukanya umuco n’umwiza. 11  Inkingi z’ijuru ziranyiganyiga,zikajugumira zumvise ugukankama kw’Imana. 12  Ituma ikiyaga gisuriranya ikoresheje inguvu zayo+,ikajanjagura urukoko* rwo mu mazi ikoresheje ugutegera kwayo+. 13  Ituma ijuru riba irikeye ikoresheje impemu* zayo.Amaboko yayo atobekeranya inzoka igoye gufata*. 14  Erega utwo ni udusunwa gusa tw’inzira zayo+!Ivyo tumaze kwumva ku biyerekeye ni utwongoshwe gusa! Ni nde none yotahura umuturagaro wayo ukomeye+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ni impemu za nde zikuvuyemwo?»
Canke «irabona n’ikibanza c’agatikizo», «Abadoni.» Raba Insiguro y’amajambo (Abadoni).
Mu giheburayo havuga ngo «isanza uburaruko.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaciye umuzingi.»
Mu giheburayo havuga ngo «Rahabu.»
Canke «umuyaga.»
Canke «inyerera.»