Yobu 29:1-25

  • Yobu yibuka ubuzima bwiza yari afise atarashikirwa n’ivyago (1-25)

    • Yarubahwa kw’irembo ry’igisagara (7-10)

    • Yarakurikiza ubutungane (11-17)

    • Bose barumviriza impanuro yiwe (21-23)

29  Yobu abandanya kuvuga ati:   «Icompa ngasubira kumera nko mu mezi yaheze,ya misi ya kera aho Imana yangumizako ijisho,   igihe itara ryayo ryakira hejuru yanje,ngaca mu mwiza murikiwe n’umuco wayo+,   igihe nari nkiritera nkarisama,urugo rwanje rugifitaniye ubucuti bwiza n’Imana+,   igihe Mushoboravyose yari akiri kumwe nanje,ngikikujwe n’abana* banje,   igihe noza ibirenge vyanje mu mata*,ibitandara na vyo bikancuncuburira imigezi y’amavuta+!   Iyo ngiye kw’irembo ry’igisagara+maze nkicara mu kibanza rusangi*+,   imisore yarambona igataramuka*,mbere n’abatama barahaguruka bakaguma bahagaze+.   Abaganwa baririnda kuvuga,bakifata ku munwa. 10  Abantu bahambaye baranuma,ururimi rwabo rugafatana n’amagage. 11  Uwanyumva wese yaramvuga neza,abambona bakanshingira intahe. 12  Kuko nafasha umukene ariko aratabaza+,hamwe n’impfuvyi n’uwo wese atagira gitabara+. 13  Uwuri ku mpfiro yarampezagira+,kandi naranezereza umutima w’abapfakazi+. 14  Nambara ubugororotsi nk’impuzu,ubutungane bukambera nk’ikanzu* n’igitambara bazingira mu mutwe. 15  Nabera amaso impumyi,nkabera ibirenge uwucumbagira. 16  Nari se w’aboro+.Urubanza rw’abo ntazi nararwihweza neza+. 17  Naravunagura imibangabanga y’inkozi y’ikibi+,ngashikura mu menyo yayo ico yacakiye. 18  Nahora mvuga nti: “Nzopfira mu rugo rwanje*+,kandi imisi yanje izoba myinshi nk’udutete tw’umusenyi. 19  Imizi yanje izoshorera mu mazi,kandi urume ruzoguma ku mashami yanje ijoro ryose. 20  Ubuninahazwa bwanje buzoguma bwiyubura,kandi inguvu zanje ntizizokwigera zihera*.” 21  Abantu barantega ugutwi bitonze,bakarindira impanuro yanje bacereje+. 22  Mpejeje kuvuga nta kindi bongerako.Amajambo yanje yararyohera* ugutwi kwabo. 23  Barandindira nk’uko barindira imvura.Bari bashashaye kunyumviriza nk’abarindiriye imvura y’impeshi+. 24  Iyo ndabatwengeye, babona ko ari iteka ntangere.Babonye mpimbawe mu maso vyarabahumuriza*. 25  Narabereka inzira bakwiye gucamwo nk’umukuru wabo.Nari mbayeho nk’umwami hagati y’ingabo ziwe+,nk’umuntu ahoza abagandaye+.

Utujambo tw'epfo

Canke «abasuku.»
Canke «amavuta y’inka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikinyegeza.»
Canke «ikanzu itagira amaboko.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu cari canje.»
Canke «umuheto uri mu kuboko kwanje uzoguma urasa.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaratonyangira.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntibazimya umuco wo mu maso hanje.»