Yosuwa 15:1-63

  • Aho umuryango wa Yuda watoranye (1-12)

  • Umukobwa wa Kalebu aronka itongo (13-19)

  • Ibisagara vya bene Yuda (20-63)

15  Akarere umuryango wa Yuda waronse*+ ku bw’ingo ziwugize, karagenda gushika ku rubibe rwa Edomu+, ni ukuvuga ubugaragwa bwa Zini, kakabandanya gushika ku rubibe rwo mu bumanuko rw’akarere ka Negebu.  Urubibe rwabo rwo mu bumanuko rwahera ku mpera y’ikiyaga c’Umunyu+, ahari ikigobe kiraba mu bumanuko.  Rwarabandanya mu bumanuko rugana umudugo wa Akurabimu+, rukagenda rwerekeza i Zini. Rwaca ruva aho rukaduga i Kadeshi-Baruneya+, rukagenda i Hesironi, rukaduga gushika i Adari maze rugakatira i Karika.  Rwaca rubandanya i Azimoni+ rugashika ku mwonga* wa Misiri+, maze rukagarukira ku kiyaga*. Urwo ni rwo rwari urubibe rwabo rwo mu bumanuko.  Mu buseruko, urubibe rwari ikiyaga c’Umunyu gushika aho uruzi Yorodani rwisuka muri co. Mu buraruko na ho rwahera mu kigobe c’ico kiyaga, aho Yorodani rwisuka+.  Urwo rubibe rwaraduga i Beti-Hogula+ rugaca mu buraruko bwa Beti-Araba+, maze rukaduga gushika kw’ibuye rya Bohani+ mwene Rubeni.  Rwaraduga rwerekeza i Debiri ruciye ahari ikiyaya ca Akori+ hanyuma rugakatira mu buraruko ruja i Gilugali+, aharabana n’umudugo wa Adumimu uri mu bumanuko bw’umwonga. Rwaca rugenda rwerekeza ku mazi ya Eni-Shemeshi+, rukagarukira i Eni-Rogeli+.  Rwaraheza rukaduga ku mubande wa mwene Hinomu+, rukerekeza mu bumanuko ku mudugo w’igisagara c’Abayebusi+, ari co Yeruzalemu+. Rwaca ruduga rwerekeza kw’isonga ry’umusozi urabana n’umubande wa Hinomu mu burengero. Uwo musozi wari mu buraruko bw’ikiyaya ca Refayimu.  Urubibe rwaca ruca kw’isonga ry’umusozi rugashika kw’isoko ry’amazi rya Nefutowa+, maze rukagenda rwerekeza ku bisagara biri ku musozi Efuroni. Rwaca rubandanya gushika i Bayala, ari ho Kiriyati-Yeyarimu+. 10  Nya rubibe rwaca ruva i Bayala rugakebereza mu burengero ruja ku musozi Seyiri, rugaca ku ruhande rw’umusozi Yeyarimu mu buraruko, ni ukuvuga i Kesaloni. Rwaca rumanuka i Beti-Shemeshi+, rugaca i Timuna+. 11  Rwaragenda gushika ku mumanuko wa Ekuroni+ mu buraruko, rugaca i Shikeroni, rukabandanya ku musozi Bayala, rugashika i Yabuneli maze rukagarukira ku kiyaga. 12  Mu burengero, urubibe rwari ikiyaga Kinini*+ n’inkengera yaco. Urwo ni rwo rwari urubibe ku mpande zose z’akarere kahawe abakomoka kuri Yuda, hisunzwe ingo zabo. 13  Nayo Kalebu+ mwene Yefune aronka umugabane muri bene Yuda nk’uko Yehova yari yarabitegetse Yosuwa. Yaronse Kiriyati-Aruba, ari yo Heburoni+ (uwo Aruba yari se wa Anaki). 14  Nuko Kalebu yomora abahungu batatu ba Anaki+ babayo, ari bo Sheshayi, Ahimani na Talimayi+. Abo ni bene Anaki. 15  Maze ava ng’aho aja gutera ababa i Debiri+. (Debiri hahora hitwa Kiriyati-Seferi.) 16  Kalebu aca avuga ati: «Uwuzotera Kiriyati-Seferi akahafata, nzomuha umukobwa wanje Akisa abe umugore wiwe.» 17  Nuko Otiniyeli+ mwene Kenazi+, Kenazi mwenewabo na Kalebu, arahafata. Kalebu aca amuha umukobwa wiwe Akisa+ aba umugore wiwe. 18  Maze Akisa ariko araja kwa Otiniyeli, aguma abwira uwo mugabo wiwe ngo asabe itongo se wiwe Kalebu. Akisa aca yururuka indogobwa yari yicayeko* maze Kalebu amubaza ati: «Wipfuza iki+ 19  Na we ati: «Ndagusavye umpe umuhezagiro. Ko wampaye ahantu humye mu bumanuko*, numpe na Guloti-Mayimu*.» Kalebu aca amuha Guloti ya Ruguru na Guloti y’Epfo. 20  Iyo ni yo ntoranwa umuryango wa Yuda waronse hisunzwe ingo zabo. 21  Ibisagara vyo ku mpera y’akarere k’umuryango wa Yuda, amaja ku rubibe rwa Edomu+ mu bumanuko vyari ibi: Kabuzeli, Ederi, Yaguri, 22  Kina, Dimona, Adada, 23  Kedeshi, Hazori, Itunani, 24  Zifu, Telemu, Beyaloti, 25  Hazori-Hadata, Keriyoti-Hesironi ari ho Hazori, 26  Amamu, Shema, Molada+, 27  Hazari-Gada, Heshimoni, Beti-Peleti+, 28  Hazari-Shuwali, Beri-Sheba+, Biziyotiya, 29  Bayala, Yimu, Esemu, 30  Elitoladi, Kesili, Horuma+, 31  Sikulagi+, Madumana, Sansana, 32  Lebayoti, Shiluhimu, Ayini na Rimoni+: vyose hamwe vyari ibisagara 29 n’ibigwati bihegereye. 33  Mu karere ka Shefela+ hari Eshitayoli, Zora+, Ashina, 34  Zanowa, Eni-Ganimu, Tapuwa, Enamu, 35  Yaramuti, Adulamu+, Soko, Azeka+, 36  Sharayimu+, Aditayimu, na Gedera na Gederotayimu*: vyari ibisagara 14 n’ibigwati bihegereye. 37  Hariho na Zenani, Hadasha, Migidali-Gadi, 38  Dileyani, Mizipe, Yokiteli, 39  Lakishi+, Bozikati, Eguloni, 40  Kaboni, Lahimamu, Kitilishi, 41  Gederoti, Beti-Dagoni, Nayama na Makeda+: vyari ibisagara 16 n’ibigwati bihegereye. 42  Hariho kandi Libuna+, Eteri, Ashani+, 43  Ifuta, Ashina, Nezibu, 44  Keyila, Akizibu na Maresha: vyari ibisagara icenda n’ibigwati bihegereye. 45  Hariho na Ekuroni n’udusagara tuhegukira* be n’ibigwati bihegereye, 46  n’akarere kava i Ekuroni uja mu burengero ushizemwo intara yose iri iruhande ya Ashidodi n’ibigwati bihegereye. 47  Hakaba na Ashidodi+ n’udusagara tuhegukira* be n’ibigwati bihegereye, Gaza+ n’udusagara tuhegukira be n’ibigwati bihegereye, gushika ku mwonga wa Misiri no ku kiyaga Kinini* be n’inkengera yaho+. 48  Mu karere k’imisozi na ho hari Shamiri,Yatiri+, Soko, 49  Dana, Kiriyati-Sana ari yo Debiri, 50  Anabu, Eshitemo+, Animu, 51  Gosheni+, Holoni na Gilo+: vyari ibisagara 11 n’ibigwati bihegereye. 52  Hariho na Arabu, Duma, Eshani, 53  Yanimu, Beti-Tapuwa, Afeka, 54  Humuta, Kiriyati-Aruba ari yo Heburoni+ na Ziyori: vyari ibisagara icenda n’ibigwati bihegereye. 55  Hariho na Mayoni+, Karumeli, Zifu+, Yuta, 56  Yezireli, Yokideyamu, Zanowa, 57  Kayine, Gibeya na Timuna+: vyari ibisagara cumi n’ibigwati bihegereye. 58  Hariho kandi Halihuli, Beti-Suri, Gedori, 59  Mayarati, Beti-Anoti na Elitekoni: vyari ibisagara bitandatu n’ibigwati bihegereye. 60  Hakaba na Kiriyati-Bayali ari yo Kiriyati-Yeyarimu+ na Raba: vyari ibisagara bibiri n’ibigwati bihegereye. 61  Mu bugaragwa hari Beti-Araba+, Midini, Sekaka, 62  Nibushani, igisagara c’Umunyu na Eni-Gedi+: vyari ibisagara bitandatu n’ibigwati bihegereye. 63  Ariko bene Yuda ntibashoboye kwomora+ Abayebusi+ baba i Yeruzalemu+. Ni co gituma Abayebusi bakibana na bo i Yeruzalemu gushika n’uyu musi.

Utujambo tw'epfo

Canke «wahawe biciye ku bupfindo.»
Ni ca kiyaga Kinini, ari co Mediterane.
Ni ikiyaga Mediterane.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «aca akoma amashi yicaye ku ndogobwa kugira asabe ijambo.»
Canke «muri Negebu.»
Iryo zina risobanura ngo «ahantu hateze amazi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Gedera n’impongore zaho z’intama.»
Canke «tuhakikuje.»
Ni ikiyaga Mediterane.
Canke «tuhakikuje.»