Yosuwa 6:1-27

  • Uruzitiro rwa Yeriko rusenyuka (1-21)

  • Rahabu n’umuryango wiwe barokoka (22-27)

6  Igisagara ca Yeriko cari cugaye kidadiye kubera ugutinya Abisirayeli. Nta wasohoka kandi nta n’uwinjira+.  Maze Yehova abwira Yosuwa ati: «Ehe nguhaye gutsinda Yeriko, n’umwami waho n’abarwanyi baho b’intwari+.  Abasoda mwese muze muzunguruke igisagara, mukizunguruke incuro imwe. Ukwo ni ko muzobigira imisi itandatu.  Abaherezi indwi baze batware inzamba indwi zikozwe mu mahembe y’impfizi z’intama, bagendere imbere y’isandugu. Mugabo ku musi ugira indwi, muze muzunguruke igisagara incuro indwi kandi abaherezi baze bavuze nya nzamba+.  Inzamba niyavuga, mukimara kwumva ijwi* ryayo, abasoda bose baze bihe akaruru gakomeye k’intambara. Uruzitiro rw’igisagara ruzoca rusenyukira hasi+. Abasoda bazoce binjira, umwe wese atumbereye imbere yiwe.»  Yosuwa mwene Nuni aca akoranya abaherezi, ababwira ati: «Nimutore isandugu y’isezerano, abaherezi indwi na bo batware inzamba indwi zikozwe mu mahembe y’impfizi z’intama, bagendere imbere y’isandugu ya Yehova+  Hanyuma abwira abasoda ati: «Gende muzunguruke ico gisagara. Bamwe mu bafise ibirwanisho+ bagendere imbere y’isandugu ya Yehova.»  Nuko Yosuwa agiheza kuvuga, ba baherezi indwi baca baragenda batwaye inzamba indwi, bari imbere ya Yehova. Bagenda barazivuza, isandugu y’isezerano rya Yehova ibakurikiye.  Abasoda bafise ibirwanisho bari imbere y’abaherezi bariko bavuza inzamba, abandi basoda na bo bagendera inyuma y’isandugu. Aho hose abaherezi baguma bavuza inzamba. 10  Yosuwa yari yategetse abasoda ati: «Ntimwihe akamo canke ngo ijwi ryanyu ryumvikane. Ntihaze hagire uwukurako umunwa gushika umusi nzobabwira nti: “Nimwihe akamo!” Muzoce mwiha akamo.» 11  Nuko bazunguruka igisagara incuro imwe bafise isandugu ya Yehova, nk’uko Yosuwa yari yabitegetse. Hanyuma basubira mw’ikambi bararayo. 12  Bukeye, Yosuwa avyuka kare mu gitondo, abaherezi na bo batora isandugu+ ya Yehova. 13  Ba baherezi indwi bagendera imbere y’isandugu ya Yehova bafise inzamba, baguma bazivuza. Abasoda bafise ibirwanisho bari imbere yabo, abandi basoda na bo inyuma y’isandugu ya Yehova. Aho hose abaherezi baguma bavuza inzamba. 14  Kuri uwo musi ugira kabiri bazunguruka igisagara incuro imwe, hanyuma basubira mw’ikambi. Babigenza gutyo imisi itandatu+. 15  Ku musi ugira indwi bavyuka kare, umutwenzi ugitambika, maze bazunguruka igisagara kwa kundi nyene incuro indwi. Kuri uwo musi gusa ni ho bazungurutse igisagara incuro indwi+. 16  Ku ncuro igira indwi, abaherezi baca bavuza inzamba maze Yosuwa abwira abasoda ati: «Nimwihe akamo+, kuko Yehova abahaye iki gisagara. 17  Iki gisagara n’ibiri muri co vyose mutegerezwa kubitikiza+. Vyose ni ivya Yehova. Rahabu+ wa mumaraya ni we gusa aza gusigara, we n’abari kumwe na we mu nzu bose, kuko yanyegeje za ntumwa twarungika+. 18  Mwirinde ibintu bigenewe gutikizwa+ kugira ngo ntihagire ico mwipfuza muri vyo maze mukagitwara+, mugakwegera ivyago* ikambi ya Isirayeli bigatuma itikizwa+. 19  Mugabo ifeza zose n’inzahabu zose hamwe n’ibikozwe mu mujumpu canke mu cuma, ni vyeranda kuri Yehova+. Bikwiye gushirwa mu bubiko bw’itunga rya Yehova+ 20  Inzamba zikimara kuvuga, abasoda baca biha akamo+. Abasoda bacumva ijwi ry’inzamba maze bakiha akaruru gakomeye k’intambara, uruzitiro ruca rusenyukira hasi+. Ubwo nyene baca binjira mu gisagara, umwe wese atumbereye imbere yiwe, baragifata. 21  Batikiza ivyari mu gisagara vyose, bicisha inkota abagabo n’abagore, abato n’abakuze, inka, intama hamwe n’indogobwa+. 22  Yosuwa abwira ba bantu babiri baza gusuma urusaku* muri ico gihugu ati: «Nimwinjire mu nzu ya wa mumaraya, mumusohorane n’abiwe bose nk’uko mwabimurahiye+ 23  Abo basore baca barinjira, basohora Rahabu na se na nyina na basazawe n’abiwe bose, basohora abo mu muryango wiwe bose+. Babashikana impore inyuma y’ikambi ya Isirayeli. 24  Nuko baturira ico gisagara n’ibiri muri co vyose. Mugabo ifeza, inzahabu n’ibikozwe mu mujumpu canke mu cuma, barabitanga ngo bishirwe mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova+. 25  Rahabu wa mumaraya n’urugo rwa se n’abiwe bose, ni bo gusa Yosuwa atishe+. Kandi Rahabu yibera muri Isirayeli gushika n’uyu musi+, kuko yanyegeje za ntumwa Yosuwa yarungika gusuma urusaku i Yeriko+. 26  Ico gihe ni ho Yosuwa yarahira* ati: «Uwuzosubira kwubaka iki gisagara ca Yeriko arakavumwa na Yehova. Niyashinga umushinge waco aze abure imfura yiwe. Niyashiraho amarembo yaco na ho abure umuhererezi wiwe+ 27  Nuko Yehova abana na Yosuwa+, araheza aba rurangiranwa mw’isi yose+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ijwi rirandira.»
Canke «ingorane», «ugukumirwa.»
Canke «gutata.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yarahiza abantu iyi ndahiro.»