Yosuwa 8:1-35

  • Yosuwa arungika abinyegeza ngo batere Ayi (1-13)

  • Igisagara ca Ayi gifatwa (14-29)

  • Yosuwa asoma amategeko ku musozi Ebali (30-35)

8  Maze Yehova abwira Yosuwa ati: «Ntutinye canke ngo uranduke umutima+. Tora abasoda bose muduge gutera Ayi. Ehe nguhaye gutsinda umwami wa Ayi, abantu biwe, igisagara ciwe n’akarere kiwe kose+.  Uzogirire Ayi n’umwami waho nk’uko wagiriye Yeriko n’umwami waho+. Ariko ubu hoho murashobora gusahura ivyo batunze n’ibitungwa vyabo. Abasoda bo kuhatera baze binyegeze inyuma y’igisagara.»  Nuko Yosuwa n’abasoda bose baduga gutera Ayi. Yosuwa atora abarwanyi b’intwari 30.000, abarungika mw’ijoro.  Abategeka ati: «Nimugende mwinyegeze inyuma y’igisagara. Ntimuje kure cane yaco, kandi mwese mugume mwiteguye.  Je n’abo turi kumwe tuzokwegera ico gisagara. Nibasohoka kuturwanya nk’ubwa mbere+, tuzoca twiruka tubahunge.  Bazoca badukurikira, natwe tuzobakwega tubajane kure y’igisagara, kuko bazokwibwira bati: “Baraduhunze nk’ubwa mbere+.” Kandi koko tuzobahunga.  Mwebwe rero muzoce munyeguruka maze mufate igisagara. Yehova Imana yanyu azokibaha.  Nimwamara kugifata muzoce mugiturira+. Muze mukurikize ivyo Yehova yavuze. Ivyo ni vyo ndabategetse.»  Yosuwa aca arabarungika, baja aho yababwiye kwinyegeza. Babunda hagati ya Beteli na Ayi mu burengero bwa Ayi, Yosuwa na we ararana n’abandi basoda. 10  Yosuwa avyuka kare mu gitondo, akoranya* ingabo hanyuma we n’abashingantahe bo muri Isirayeli bazija imbere berekeza i Ayi. 11  Abasoda bose+ bari kumwe na we baraduga bashika aharabana n’ico gisagara, bakambika mu buraruko bwa Ayi. Hagati yabo na Ayi hari umubande. 12  Yosuwa yari yabaye ararungika nk’abagabo 5.000 kwinyegeza+ hagati ya Beteli+ na Ayi, mu burengero bw’igisagara ca Ayi. 13  Uku ni ko abasoda bari bapanze: ikirindiro nyamukuru cari mu buraruko bw’igisagara+, bamwe binyegeje inyuma yaco na bo bari mu burengero+. Iryo joro Yosuwa aja hagati muri wa mubande*. 14  Umwami wa Ayi akimara kubibona, we n’abagabo bo mu gisagara baca bavyuka kare, birukira hanze y’igisagara gutana mu mitwe na Isirayeli. Nuko bahurira mu kibanza kirabana n’ikiyaya c’ubugaragwa, ariko umwami wa Ayi ntiyari azi ko hari abinyegeje inyuma y’igisagara ngo bagitere. 15  Yosuwa n’Abisirayeli bose babonye ko batewe n’abagabo b’i Ayi, baca barahunga bajana inzira ija mu bugaragwa+. 16  Maze abagabo bose bari mu gisagara batumwako ngo bakurikire Abisirayeli. Uko bakurikira Yosuwa, ni ko baja kure y’igisagara. 17  Nta mugabo n’umwe yasigaye i Ayi n’i Beteli. Nuko bose basohoka gukurikira Abisirayeli, basiga igisagara kirangaye. 18  Yehova aca abwira Yosuwa ati: «Gorora ukuboko urabishe icumu ufise mu minwe ku gisagara ca Ayi+, kuko ngira ndakiguhe+.» Yosuwa rero agorora ukuboko, arabisha icumu kuri ico gisagara. 19  Akimara kugorora ukuboko, bamwe bari banyegeye baca barahaguruka ningoga, biruka mu gisagara baragifata. Ubwo nyene baca baragiturira+. 20  Abagabo b’i Ayi bahindukiye bakabona igisagara kiriko kirafumba umwotsi, inkokora zica ziracika, babura iyo bahungira. Ba basoda ba Yosuwa bariko barahunga berekeza mu bugaragwa baca bahindukirira abariko barabakurikira. 21  Yosuwa n’Abisirayeli bose babonye ko ba basoda bari binyegeje bafashe igisagara, bakabona n’umwotsi waco uduga, baca bahindukirira abagabo b’i Ayi batangura kubica. 22  Bamwe bari mu gisagara baca baravayo baza guhura na bo. Abagabo b’i Ayi basigara bari hagati, bakikujwe n’Abisirayeli. Maze Abisirayeli barabica, ntihagira n’umwe abajana canke acika kw’icumu+. 23  Ariko umwami wa Ayi+ bamufata ari muzima maze bamuzanira Yosuwa. 24  Abisirayeli bica ababa i Ayi bose, babicira mu gahinga muri bwa bugaragwa bari babakurikiyemwo. Bamaze kubicisha inkota bose gushika ku wa nyuma, Abisirayeli bose baca bagaruka mu gisagara ca Ayi, baragitikiza bakoresheje inkota. 25  Abapfuye bose kuri uwo musi bari abagabo n’abagore 12.000, kandi abo ni bo bantu bose baba i Ayi. 26  Nuko Yosuwa ntiyasubiza hasi kwa kuboko yari afatishije icumu+, gushika ahejeje gutikiza ababa i Ayi bose+. 27  Abisirayeli basahura itunga ry’ico gisagara n’ibitungwa vyaho, nk’uko Yehova yari yabitegetse Yosuwa+. 28  Nuko Yosuwa aturira Ayi, hasigara ari ikirundo c’ibihomvagurike+ gushika n’uyu musi. 29  Amanika umwami wa Ayi ku giti gushika ku mugoroba, ariko izuba rigira rirenge, Yosuwa ategeka ko umuvyimba wiwe bawukura ku giti+. Baca bawuterera imbere y’irembo ry’igisagara maze bawurundako ikirundo kinini c’amabuye, kikaba kikiriho gushika n’uyu musi. 30  Ico gihe ni ho Yosuwa yubakira Yehova Imana ya Isirayeli igicaniro ku musozi Ebali+. 31  Yabikoze yisunze ivyo Musa umusavyi wa Yehova yategetse Abisirayeli, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’amategeko+ ya Musa, ahagira hati: «Igicaniro c’amabuye atabajwe, ata gikoresho c’icuma bigeze bayakozako+.» Baca bashikanira Yehova kuri ico gicaniro amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira+. 32  Maze bari ng’aho nyene, Yosuwa yimurira ku mabuye amategeko+ Musa yari yarandikiye imbere y’Abisirayeli+. 33  Abisirayeli bose, abashingantahe, abarongoye abandi hamwe n’abacamanza, bari bahagaze irya n’ino y’isandugu imbere y’abaherezi b’Abalewi bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova. Abanyamahanga n’imvukira na bo nyene ni ho bari+. Igice kimwe c’abantu cari imbere y’umusozi Gerizimu, ikindi gice imbere y’umusozi Ebali+ (nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yarabitegetse+), kugira Abisirayeli baronke umuhezagiro. 34  Inyuma y’ivyo, asoma n’ijwi ryumvikana amategeko yose+, imihezagiro+ n’imivumo+, nk’uko nyene vyanditswe mu gitabu c’amategeko. 35  Mu vyo Musa yari yarategetse vyose, nta jambo na rimwe Yosuwa atasomeye imbere y’ishengero ryose ry’Abisirayeli n’ijwi ryumvikana+. Abagore, abana n’abanyamahanga+ baba* mu Bisirayeli na bo nyene ni ho bari+.

Utujambo tw'epfo

Canke «agendura.»
Canke «ca kiyaya.»
Mu giheburayo havuga ngo «bagendera.»