Zaburi 115:1-18

  • Imana yonyene ni yo ibereye kuninahazwa

    • Ibigirwamana bitagira ubuzima (4-8)

    • Isi yayihaye abana b’abantu (16)

    • «Abapfuye ntibashemeza Yehova» (17)

115  Ewe Yehova, ntutuninahaze, oya ntutuninahaze*,ahubwo nuninahaze izina ryawe+kubera urukundo* rwawe n’ukudahemuka kwawe+.   Kubera iki amahanga yovuga ngo: «Imana yabo iri hehe+   Imana yacu iri mw’ijuru,kandi ico ishatse cose iragikora.   Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu,kandi vyakozwe n’amaboko y’abantu+.   Bifise umunwa ariko ntibivuga+.Bifise amaso ariko ntibibona.   Bifise amatwi ariko ntivyumva.Bifise amazuru ariko ntibimoterwa.   Bifise intoke ariko ntibishobora gukorakora.Bifise amaguru ariko ntibishobora gutambuka+.Imihogo yavyo ntisohora ijwi+.   Ababikora bazomera nka vyo+,eka mbere n’abavyizigira bose+.   Ewe Isirayeli, niwizigire Yehova+:ni we mutabazi wawe n’inkinzo yawe+. 10  Ewe nzu ya Aroni+, niwizigire Yehova:ni we mutabazi wawe n’inkinzo yawe. 11  Yemwe abatinya Yehova, nimwizigire Yehova+:ni we mutabazi wanyu n’inkinzo yanyu+. 12  Yehova aratwibuka kandi azoduhezagira.Azohezagira inzu ya Isirayeli+,ahezagire n’inzu ya Aroni. 13  Yehova azohezagira abamutinya,abato cokimwe n’abahambaye. 14  Yehova azotuma mugwira,mwebwe n’abana* banyu+. 15  Ese Yehova yobahezagira+,we Muremyi w’ijuru n’isi+. 16  Ijuru ni irya Yehova+,ariko isi yayihaye abana b’abantu+. 17  Abapfuye ntibashemeza Yehova*+,kandi n’abari mu mva* bose ntibashobora kumushemeza+. 18  Ariko twebwe tuzoshemeza Yehova*,kuva ubu no gushika ibihe bidahera. Shemeza Yehova*!

Utujambo tw'epfo

Canke «ewe Yehova twebwe nta co dufise, twebwe nta co dufise.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’abamanuka mu gacerere.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»