Zaburi 119:1-176
-
Gukenguruka Ijambo ry’Imana
-
«Umusore yokora iki kugira inzira yiwe igume ityoroye?» (9)
-
«Ndakunda cane ivyibutswa vyawe» (24)
-
«Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe!» (97)
-
«Ndusha ugutahura abigisha banje bose» (99)
-
«Ijambo ryawe ni itara ry’ibirenge vyanje» (105)
-
«Ijambo ryawe ryose ni ukuri» (160)
-
Abakunda itegeko ryawe bifitiye amahoro (165)
-
א [Alefu]
119 Hahiriwe abantu baguma ari intungane*,bakubahiriza itegeko rya Yehova+.
2 Hahiriwe abubahiriza ivyibutswa vyiwe+,bakamurondera n’umutima wabo wose+.
3 Ntibaza barakora ibitagororotse.Bagendera mu nzira ziwe+.
4 Ewe Mana, waratanze itegekory’uko ivyagezwe vyawe vyubahirizwa neza+.
5 Icompa nkaguma nshikamye*+kugira nubahirize ingingo washinze!
6 Aho ni ho ntomaramara+igihe nihweza amabwirizwa yawe yose.
7 Nzogushemeza n’umutima ugororotse,uko ndushiriza gutahura imanza zawe zigororotse.
8 Nzokwubahiriza ingingo washinze.
Ese utokwigera umpeba buhere!
ב [Beti]
9 Mbega umusore yokora iki kugira inzira yiwe igume ityoroye?
Ni mu kuguma yiyubara nk’uko ijambo ryawe rivuga+.
10 Ndakurondera n’umutima wanje wose.
Ntundeke ngo nce kubiri n’amabwirizwa yawe+.
11 Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje+,kugira sindagucumureko+.
12 Ewe Yehova, ese woshemezwa!Nunyigishe ingingo washinze.
13 Iminwa yanje izotangazaimanza zose waciye.
14 Ivyibutswa vyawe birampimbara+kuruta ibindi bintu vyose vy’agaciro+.
15 Nzozirikana* ivyagezwe vyawe+,ngumize amaso yanje ku nzira zawe+.
16 Ndakunda cane amabwirizwa yawe.
Sinzokwibagira ijambo ryawe+.
ג [Gimelu]
17 Nungirire neza jewe umusavyi wawe,kugira mbandanye kubaho maze nubahirize ijambo ryawe+.
18 Ugurura amaso yanje kugira mbone nezaibintu bitangaje biri mw’itegeko ryawe.
19 Meze nk’umunyamahanga mu gihugu+.
Ntumpishe amabwirizwa yawe.
20 Nguma numva mfise inyotay’imanza zawe igihe cose.
21 Warakankamiye abantu bita imbere,abantu b’ibivume batisunga amabwirizwa yawe+.
22 Nunkureko iceyi n’akagaye,kuko nubahiriza ivyibutswa vyawe.
23 Naho abatware* bokorana kugira bamvuge nabi,umusavyi wawe aguma azirikana* ingingo washinze.
24 Ndakunda cane ivyibutswa vyawe+.Ni vyo bingira inama+.
ד [Daleti]
25 Narambaraye mu mukungugu+.
Nunzigame nk’uko ijambo ryawe rivuga+.
26 Narakumenyesheje inzira zanje, kandi waranyishuye.Nunyigishe ingingo washinze+.
27 Numfashe gutahura insobanuro* y’ivyagezwe vyawe,kugira nzirikane* ibikorwa vyawe bitangaje+.
28 Singitora agatiro kubera intuntu.
Nunkomeze nk’uko ijambo ryawe rivuga.
29 Niwigize kure yanje inzira y’ikinyoma+,ungirire ubuntu mu kunyigisha itegeko ryawe.
30 Nahisemwo inzira y’ubwizigirwa+.
Ndazi neza ko imanza zawe zigororotse.
31 Nguma numiye ku vyibutswa vyawe+.
Ewe Yehova, ntureke ngo maramare*+.
32 Nzogendera* mu nzira y’amabwirizwa yawe ndabishashaye,kuko umpa umutima ukunze wo kubigira*.
ה [He]
33 Ewe Yehova, nunyigishe+ kwisunga ingingo zawe,kandi nzozigenderamwo gushika kw’iherezo+.
34 Numpe ugutahura,kugira nubahirize itegeko ryawekandi ndarikurikize n’umutima wanje wose.
35 Nunyobore* mu nzira y’amabwirizwa yawe+,kuko impimbara cane.
36 Numfashe nshire umutima ku vyibutswa vyawe,aho kuwushira ku nyungu mbi*+.
37 Nuhindukize amaso yanje ntarabe ibintu bitagira akamaro+.Nunzigamire mu nzira yawe.
38 Nushitse umuhango wahaye* umusavyi wawe,kugira ngo abantu bagutinye*.
39 Nunkureko ibimaramare bintera ubwoba,kuko imanza zawe ari nziza+.
40 Raba ingene nyotewe ivyagezwe vyawe.
Nunzigame, kuko wama ukora ibigororotse.
ו [Vau]
41 Ewe Yehova, nunyereke urukundo* rwawe+,undokore nk’uko wabisezeranye*+.
42 Nzoheza nishure uwuncokora,kuko nizigira ijambo ryawe.
43 Ntukure mu kanwa kanje ijambo ry’ukuri,kuko nizigiye* urubanza rwawe.
44 Nzokwama nubahiriza itegeko ryawe,gushika ibihe bidahera+.
45 Nzogendera ahantu hatagira inkomanzi*+,kuko nguma ndondera ivyagezwe vyawe.
46 Nzovugira ivyibutswa vyawe imbere y’abami,kandi sinzomaramara+.
47 Amabwirizwa yawe arampimbara,emwe ndayakunda cane+.
48 Nzogusenga ndugije amaboko, kuko nkunda amabwirizwa yawe+,kandi nzozirikana ingingo washinze+.
ז [Zayini]
49 Niwibuke ijambo wabwiye* umusavyi wawe,ukampa icizigiro biciye kuri ryo*.
50 Ivyo ni vyo bimpoza mu maganya yanje+,kuko ijambo ryawe rinzigama.
51 Abita imbere baguma bantwengera mw’ijigo,ariko simva kw’itegeko ryawe+.
52 Ewe Yehova, ndibuka imanza zawe za kera+,kandi zirampumuriza cane+.
53 Ishavu rirandya kubera ababisha,kuko baheba itegeko ryawe+.
54 Ingingo washinze ni zo nguma ndirimbaahantu hose mba*.
55 Ewe Yehova, ndibuka izina ryawe mw’ijoro+,kugira nubahirize itegeko ryawe.
56 Ivyo ni vyo nama nkora,kuko nubahiriza ivyagezwe vyawe.
ח [Heti]
57 Ewe Yehova, ni wewe mugabane wanje+.Nasezeranye kugumya amajambo yawe+.
58 Ndagutakambira n’umutima wanje wose+.Nungirire ubuntu+ nk’uko wabisezeranye.
59 Narasuzumye inzira zanje,kugira nsubire kugendera mu vyibutswa vyawe+.
60 Ndanyaruka, sintebagukurikiza amabwirizwa yawe+.
61 Imigozi y’ababisha irankikuje,ariko sinibagira itegeko ryawe+.
62 Ijoro rigeze hagati* ndavyuka kugira ndagushimire+,kuko imanza zawe zigororotse.
63 Ndi umugenzi w’abo bose bagutinya,hamwe n’uw’abagamburuka ivyagezwe vyawe+.
64 Ewe Yehova, urukundo* rwawe rwuzuye isi yose+.Nunyigishe ingingo washinze.
ט [Teti]
65 Ewe Yehova, waragiriye neza umusavyi wawe,nk’uko ijambo ryawe rivuga.
66 Numpe ubwenge* n’ubumenyi+,kuko nizigira amabwirizwa yawe.
67 Ntarashikirwa n’imibabaro, narakunda guta inzira*,ariko ubu ndubahiriza ijambo ryawe+.
68 Uri mwiza+ kandi n’ivyo ukora ni vyiza.
Nunyigishe ingingo washinze+.
69 Abita imbere barandemeka ibinyoma,ariko nguma nubaha ivyagezwe vyawe n’umutima wanje wose.
70 Imitima yabo yaratimvye*+,ariko jewe ndakunda itegeko ryawe+.
71 Ni vyiza kuba narashikiwe n’imibabaro+,kuko bituma ntahura ingingo washinze.
72 Amategeko washinze yambereye meza+,kuruta inzahabu n’ifeza ibihumbi+.
י [Yodi]
73 Amaboko yawe ni yo yandemye, arambumbabumba.
Numpe ugutegerakugira menye amabwirizwa yawe+.
74 Abagutinya barambona bakanezerwa,kuko ijambo ryawe ari ryo nizigiye*+.
75 Ewe Yehova, ndazi ko imanza zawe zigororotse+be n’uko wampanye kubera uri umwizigirwa+.
76 Ndakwinginze urukundo* rwawe+ rumpoze,nk’uko wabisezeraniye umusavyi wawe.
77 Ngirira imbabazi kugira mbandanye kubaho+,kuko nkunda cane itegeko ryawe+.
78 Abita imbere nibamaramare,kuko bangirira nabi bampora ubusa*.
Ariko nzoguma nzirikana ivyagezwe vyawe+.
79 Abagutinya nibangarukeko,abo bose bazi ivyibutswa vyawe.
80 Ese nokwubahiriza ingingo zawe n’umutima wanje wose+,kugira ngo simaramare+!
כ [Kafu]
81 Ndashashaye ubukiriro bwawe+,kuko ijambo ryawe ari ryo nizigiye.
82 Ijambo ryawe ni ryo mpanze amaso+,nkavuga nti: «Uzompoza ryari+?»
83 Meze nk’umukuza w’urushato wumishijwe n’umwotsi,ariko sinibagira ingingo washinze+.
84 None umusavyi wawe azorindira imisi ingahe?
Uzoshitsa ryari urubanza waciriye abampama+?
85 Abita imbere baguma banyimbira icobo,barya basuzugura itegeko ryawe.
86 Amabwirizwa yawe yose ni ayo kwizigirwa.
Nuntabare, kuko abantu baguma bampamira ubusa+.
87 Barahatswe kunzimanganya kw’isi,ariko sinigeze mpeba ivyagezwe vyawe.
88 Nunzigame kubera urukundo* rwawe,kugira ngume nubahiriza ivyibutswa washinze.
ל [Lamedi]
89 Ijambo ryawe rizokwamaho mu majuru,gushika ibihe bidahera, ewe Yehova+!
90 Ubwizigirwa bwawe bwamaho ibihe vyose*+.
Warashimangiye isi kugira izokwameho+.
91 Biciye ku mategeko yawe, biracariho* gushika n’ubu,kuko vyose ari wewe bikorera.
92 Iyaba ntakunda itegeko ryawe,amagorwa aba yaranyishe+.
93 Sinzokwigera nibagira ivyagezwe vyawe,kuko ari vyo wakoresheje mu kunzigama+.
94 Ndi uwawe. Nunkize+kuko nguma ndondera ivyagezwe vyawe+.
95 Ababisha baguma barondera kunyica,ariko nguma nitwararika cane ivyibutswa vyawe.
96 Ndamaze kubona ibintu vyinshi bitunganye,ariko amabwirizwa yawe yoyo ni kaminuza*.
מ [Memu]
97 Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe+!
Ni ryo nzirikana bukarinda bwira+.
98 Amabwirizwa yawe atuma ndusha ubwenge* abansi banje+,kuko ndayamiza hafi yanje ibihe vyose.
99 Nsigaye ndusha ugutahura* abigisha banje bose+,kuko nzirikana ivyibutswa vyawe.
100 Nkorana ubwenge* gusumba abatama,kuko nubahiriza ivyagezwe vyawe.
101 Sinipfuza kugendera mu nzira mbi+,kugira ngume nubahiriza ijambo ryawe.
102 Sinzotirimuka ku ngingo washinze,kuko ari wewe unyigisha.
103 Ese ukuntu amajambo yawe ansosera*!Mu kanwa aransosera kuruta ubuki+.
104 Ivyagezwe vyawe bituma nkorana ubwenge*+.
Ni co gituma nanka inzira zose z’ibinyoma+.
נ [Nuni]
105 Ijambo ryawe ni itara ry’ibirenge vyanje,rikaba n’umuco umurikira mu nzira+.
106 Nzokwubahiriza ingingo zawe zigororotse.Ivyo narabirahiye kandi nzobishitsa.
107 Narashikiwe n’amagorwa menshi+.
Ewe Yehova, nunzigame nk’uko ijambo ryawe rivuga+.
108 Ewe Yehova, niwakire amashikanwa yo kugushemeza*+ ntanze ndavyishakiye,kandi unyigishe ingingo zawe+.
109 Ubuzima bwanje bwama buri mu kaga,ariko sinigera nibagira itegeko ryawe+.
110 Ababisha baranteze imitego,ariko sinigeze mpeba ivyagezwe vyawe+.
111 Ivyibutswa vyawe bizokwama ari ikintu nigabira*,kuko bihimbara umutima wanje+.
112 Nariyemeje* kwubahiriza ingingo washinzeibihe vyose gushika kw’iherezo.
ס [Sameki]
113 Ndanka abafise udutima tubiri*+,ariko ndakunda itegeko ryawe+.
114 Uri ubwugamo bwanje n’inkinzo yanje+,kuko ijambo ryawe ari ryo nizigiye+.
115 Mva iruhande mwa babisha mwe+,kugira nubahirize amabwirizwa y’Imana yanje.
116 Nunshigikire nk’uko wabisezeranye+,kugira mbandanye kubaho.Ntureke ngo maramare*, kuko ari wewe nizigiye+.
117 Nunshigikire kugira ndokoke+.Nanje nzoheza ngume nitaho ingingo washinze+.
118 Ntiwerekwa abantu bose batisunga ingingo washinze+,kuko ari indyarya n’ababeshi.
119 Ushibura ababisha bose bo kw’isi nk’umucafu+.
Ni co gituma nkunda ivyibutswa vyawe.
120 Icubahiro cawe gituma njugumira*.Imanza zawe zirantera ubwoba.
ע [Ayini]
121 Nakoze ibintu bitunganye kandi bigororotse.
Ntumpebere mu maboko y’abancinyiza.
122 Nyemerera ko uzongirira neza jewe umusavyi wawe.Ese abita imbere batoncinyiza!
123 Amaso yanje yaruhijwe no kurindira ubukiriro bwawe+be no kurindira ivyo wasezeranye+ bigororotse.
124 Niwereke umusavyi wawe urukundo* rwawe+,kandi unyigishe ingingo washinze+.
125 Ndi umusavyi wawe. Numfashe gutegera+,kugira menye ivyibutswa vyawe.
126 Ewe Yehova, harageze ko ugira ico ukoze+,kuko bahonyanze itegeko ryawe.
127 Ni co gituma nkunda amabwirizwa yawekuruta inzahabu, mbere kuruta inzahabu nzizanziza*+.
128 Mbona ko amategeko yawe yose agororotse+,kandi ndanka inzira yose y’ikinyoma+.
פ [Pe]
129 Ivyibutswa vyawe ni igitangaza.
Ni co gituma ndavyubahiriza.
130 Guhishurirwa amajambo yawe bitanga umuco+,bigatuma umuntu atazi utuntu n’utundi aronka ugutegera+.
131 Ndasama cane, ngahezagirika,kuko nyotewe amabwirizwa yawe+.
132 Hindukira ungirire ubuntu+,nk’uko wabisezeraniye* abakunda izina ryawe+.
133 Nuyobore neza* intambuko zanje wisunze ijambo ryawe.Ese hatogira ikibi na kimwe kinyizizira+!
134 Nunkize abancinyiza,nanje nzokurikiza ivyagezwe vyawe.
135 Nundabe ryiza* jewe umusavyi wawe+,unyigishe ingingo washinze.
136 Amosozi aguma acuncubuka mu maso,kuko abantu batagamburuka itegeko ryawe+.
צ [Tsade]
137 Ewe Yehova, uragororotse+kandi imanza zawe ni iz’ukuri+.
138 Ivyibutswa vyawe biragororotsekandi ni ivyo kwizigirwa cane.
139 Ndarurumba umwete+,kuko abansi banje birengagiza amajambo yawe.
140 Ijambo ryawe riratyoroye cane+,kandi umusavyi wawe ararikunda+.
141 Nta co maze kandi ndagayitse+,ariko sinigeze nibagira ivyagezwe vyawe.
142 Ubugororotsi bwawe+ bwamaho ibihe vyose,kandi itegeko ryawe ni ukuri+.
143 Naho amagorwa n’ingorane binyugariza,nguma nkunda amabwirizwa yawe.
144 Ivyibutswa vyawe vyama bigororotse ibihe vyose.
Numfashe kubitahura+ kugira mbandanye kubaho.
ק [Kofu]
145 Ndagutabaza n’umutima wanje wose. Nunyishure Yehova!
Nzokwubahiriza ingingo washinze.
146 Ndagutakambiye unkize!
Nzokwubahiriza ivyibutswa vyawe.
147 Mvyuka butaraca* kugira ndagutakambire+,kuko nizigira amajambo yawe.
148 Nguma nikangura hagati mw’ijoro*,kugira nzirikane ijambo ryawe+.
149 Nunyumvirize kubera urukundo* rwawe+.
Ewe Yehova, nunzigame wisunze ubutungane bwawe.
150 Abantu bakora ibintu biteye isoni* bansugereje.Ntiberekwa itegeko ryawe.
151 Ewe Yehova, uri hafi yanje+kandi amabwirizwa yawe yose ni ukuri+.
152 Ndazi kuva kera yuko ivyibutswa vyawewabishizeho kugira vyameho ibihe vyose+.
ר [Reshi]
153 Raba ayo ngowe maze untabare+,kuko ntibagiye itegeko ryawe.
154 Numburanire* kandi untabare+.Nunzigame nk’uko wabisezeranye.
155 Ubukiriro buri kure y’ababisha,kuko batarondera ingingo washinze+.
156 Ewe Yehova, imbabazi zawe ni nyinshi+.
Nunzigame wisunze ubutungane bwawe.
157 Abampama n’abandwanya ni benshi+,ariko sintirimuka ku vyibutswa vyawe.
158 Abantu b’ibihemu baranshisha,kuko batagamburuka ijambo ryawe+.
159 Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe!
Ewe Yehova, nunzigame kubera urukundo* rwawe+.
160 Ijambo ryawe ryose uko ryakabaye ni ukuri+,kandi imanza zawe zose zigororotse zamaho ibihe vyose.
ש [Sini] canke [Shini]
161 Abatware* barampama+ bampora ubusa,ariko nguma nubaha cane amajambo yawe+.
162 Amajambo yawe arampimbara+nka kurya umuntu ahimbarwa aronse itunga ryinshi*.
163 Ndanka ibinyoma, emwe biranshisha+.Ariko ndakunda itegeko ryawe+.
164 Ndagushemeza incuro indwi ku musikubera imanza zawe zigororotse.
165 Abakunda itegeko ryawe bifitiye amahoro menshi+.Nta na kimwe gishobora kubatsitaza*.
166 Ewe Yehova, ubukiriro ndabuzeye iwawe,kandi ndubahiriza amabwirizwa yawe.
167 Ndubahiriza ivyibutswa vyawe,kandi ndabikunda cane+.
168 Ndubahiriza ivyagezwe vyawe n’ivyibutswa vyawe,kuko uzi neza ivyo nkora vyose+.
ת [Tau]
169 Ewe Yehova, ese ugutabaza kwanje kwogushikira+!
Nuntahuze+ nk’uko ijambo ryawe riri.
170 Ese wokwumva ugutakamba kwanje.
Nunkize nk’uko wabisezeranye.
171 Ese iminwa yanje yokwama igushemeza+,kuko unyigisha ingingo washinze.
172 Ese ururimi rwanje rworirimba ijambo ryawe+,kuko amabwirizwa yawe yose agororotse.
173 Ese ukuboko kwawe kwokwitegurira kumfasha+,kuko nahisemwo kugamburuka ivyagezwe vyawe+.
174 Ewe Yehova, ndanyotewe ubukiriro utanga,kandi ndakunda cane itegeko ryawe+.
175 Ese noramba kugira ngume ndagushemeza+!Ese imanza zawe zombera ubuhungiro!
176 Nguma nyerera nk’intama yazimiye+. Rondera umusavyi wawe,kuko ntibagiye amabwirizwa yawe+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «batagirako umugayo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ese iyaba inzira zanje zari zishimangiye.»
^ Canke «nzokwiga.»
^ Canke «abaganwa.»
^ Canke «yiga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inzira.»
^ Canke «kugira nige.»
^ Canke «ngo mvunike umutima.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nzokwiruka.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko utuma umutima wanje wizigira.»
^ Canke «nutume ngendera.»
^ Canke «ku maronko.»
^ Canke «ijambo wabwiye.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «uwo wahaye abagutinya.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «wabivuze.»
^ Canke «ndindiriye.»
^ Canke «ahantu hagutse.»
^ Canke «isezerano wagiraniye.»
^ Canke «ugatuma ndaririndira.»
^ Canke «mu nzu mbamwo ndi kavamahanga.»
^ Canke «mu gicugu.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ubukerebutsi.»
^ Canke «naracumura bivuye ku kwihenda.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yaratimvye nk’ikinure.»
^ Canke «ndindiriye.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko bambeshera kugira bangirire nabi.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «uko urunganwe rukurikira urundi.»
^ Ni ukuvuga ibintu vyose yaremye.
^ Mu giheburayo havuga ngo «aragutse cane.»
^ Canke «ubukerebutsi.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «ugutegera.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «asosera amagage yanje.»
^ Canke «ugutegera.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amashikanwa y’akanwa kanje.»
^ Canke «bizokwama ari intoranwa yanje yamaho.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nashize umutima wanje ku.»
^ Canke «abantu bafise umutima wigabuye.»
^ Canke «ngo mvunike umutima.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umubiri wanje ujugumira.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ityoroye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «wisunze ingingo washingiye.»
^ Canke «nushimangire.»
^ Canke «nuntwengere.» Mu giheburayo havuga ngo «nutume mu maso hawe hamurikira.»
^ Canke «mu mutwenzi.»
^ Canke «ibihe vy’iterama bigera ndi maso.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «bafise inyifato iteye isoni.»
^ Canke «niwifatire mu minwe urubanza rwanje.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «abaganwa.»
^ Canke «isahu ryinshi.»
^ Canke «kuri bo nta gitsitaza kihaba.»