Zaburi 145:1-21

  • Shemeza Imana, Umwami ahambaye

    • «Nzotangaza ubukuru bw’Imana» (6)

    • «Yehova ni mwiza kuri bose» (9)

    • «Intahemuka zawe zizogushemeza» (10)

    • Ubwami bw’Imana ntibugira iherezo (13)

    • Imana irahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose (16)

Ni indirimbo ya Dawidi yo gushemeza Imana. א [Alefu] 145  Nzoguhayagiza, ewe Mwami Mana yanje+.Nzoshemeza izina ryawe gushika ibihe bidahera+. ב [Beti]   Nzogushemeza burinde bwira+.Nzoshemeza izina ryawe gushika ibihe bidahera+. ג [Gimelu]   Yehova arahambaye kandi arabereye gushemezwa cane+.Ubukuru bwiwe burasiga ubwenge*+. ד [Daleti]   Abantu bazoshemeza ibikorwa vyawe ibihe vyose*.Bazovuga ibikorwa vyawe vy’ububasha+. ה [He]   Bazovuga ubwiza buhebuje bw’icubahiro cawe+kandi nzozirikana ibikorwa vyawe bitangaje. ו [Vau]   Bazovuga ibikorwa vyawe* biteye ubwoba,kandi nzotangaza ubukuru bwawe. ז [Zayini]   Nibibuka ukumera neza kwawe kwinshi, bazogushemeza bisubiriza+,kandi bazovuza akaruru k’umunezero kubera ubugororotsi bwawe+. ח [Heti]   Yehova ni Imana y’impuhwe* n’imbabazi+,iteba gushavura kandi yuzuye urukundo*+. ט [Teti]   Yehova ni mwiza kuri bose+,kandi imbabazi ziwe ziribonekeza mu bikorwa vyiwe vyose. י [Yodi] 10  Ewe Yehova, ibikorwa vyawe vyose bizokuninahaza+,kandi intahemuka zawe zizogushemeza+. כ [Kafu] 11  Bazotangaza ubuninahazwa bw’ubwami bwawe+,kandi bavuge ibijanye n’ububasha bwawe+, ל [Lamedi] 12  kugira bamenyeshe abantu ibikorwa vyawe vy’ububasha+hamwe n’ubwiza buhebuje bw’ubwami bwawe+. מ [Memu] 13  Ubwami bwawe ntibugira iherezo,kandi ubutegetsi bwawe buzokwamaho ibihe vyose*+. ס [Sameki] 14  Yehova ashigikira abariko baratemba bose+,agahagurutsa abunamitswe n’ingorane bose+. ע [Ayini] 15  Ibiremwa vyose biguhanga amaso,ukabironsa ivyo birya igihe kigeze+. פ [Pe] 16  Upfumbaturura igipfunsi cawe,ugahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose+. צ [Tsade] 17  Yehova aragororotse mu nzira ziwe zose+kandi ni intahemuka mu vyo akora vyose+. ק [Kofu] 18  Yehova ari hafi y’abamwambaza bose+,abamwambaza mu kuri* bose+. ר [Reshi] 19  Ahaza icipfuzo c’abamutinya+.Arumva ugutakamba kwabo, akabakiza+. ש [Shini] 20  Yehova akingira abamukunda bose+,ariko ababisha bose azobazimanganya+. ת [Tau] 21  Akanwa kanje kazoshemeza Yehova+.Ikiri n’ubuzima cose* nigishemeze izina ryiwe ryeranda gushika ibihe bidahera+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ntibuserangurika.»
Canke «uko urunganwe rugenda rurakurikirana.»
Canke «ububasha bwawe.»
Canke «ubuntu.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «uko urunganwe rukurikira urundi.»
Canke «ata buryarya.»
Canke «igifise umubiri cose.»