Zakariya 13:1-9
13 Kuri uwo musi, umuryango* wa Dawidi n’ababa i Yeruzalemu bazokwimbirwa iriba kugira bozwe igicumuro n’ubuhumane+.
2 Kuri uwo musi», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «nzokuraho amazina y’ibigirwamana mu gihugu+, kandi ntibizokwongera kwibukwa. Igihugu nzogikuramwo abahanuzi+ n’impwemu y’ubuhumane.
3 Nihagira uwusubira kuvuga ubuhanuzi, se na nyina bamuvyaye bazomubwira bati: “Ntugenda udapfuye kuko wavuze ibinyoma mw’izina rya Yehova.” Maze se na nyina bamuvyaye bazomusogota kubera ko yavuze ubuhanuzi+.
4 Kuri uwo musi abahanuzi bose bazomaramazwa n’ivyo beretswe igihe bazoba bariko baravuga ubuhanuzi. Ntibazokwambara impuzu y’ubwoya+ y’abahanuzi kugira bahende abantu.
5 Umwe wese muri bo azovuga ati: “Sindi umuhanuzi. Ndi umwirimizi. Hari umuntu yanguze nkiri muto.”
6 Nihagira uwumubaza ngo: “None ko ufise ibikomere hagati y’ibitugu*?” Azokwishura ati: “Nakomerekeye mu nzu y’abagenzi banje*.”»
7 Yehova Nyeningabo avuze ati: «Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+,urwanye umugenzi wanje.
Kubita umwungere+, ubusho* busabagire+.Nzoduza ukuboko mpane abantu batoyi.»
8 «Mu gihugu cose», ni ko Yehova avuze,«ibice bibiri vy’abakibamwo bazorandurwa bahone*,hasigare ica gatatu cabo.
9 Abo bagize ica gatatu nzobacisha mu muriro.Nzobatyorora nk’uko batyorora ifeza,ndabasuzume nk’uko basuzuma inzahabu+.
Bazokwambaza izina ryanje,nanje ndabishure.
Nzovuga nti: “Ni abantu banje+”,
na bo bavuge bati: “Yehova ni Imana yacu.”»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’amaboko.» Ni ukuvuga mu gikiriza canke mu mugongo.
^ Canke «abankunda.»
^ Canke «intama.»
^ Canke «bapfe.»