IKIBAZO CA 5
Bibiliya irimwo ubutumwa ubuhe?
«Nzoshira urwanko hagati yawe na wa mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe. Uruvyaro rwiwe ruzogufyonyora umutwe, nawe uzorukomeretsa ku gitsintsiri.»
«Amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa biciye ku ruvyaro rwawe, kuko wanyumviye.»
«Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibikorwe kw’isi nko mw’ijuru.»
«Ya Mana itanga amahoro, vuba izofyonyorera Shetani munsi y’ibirenge vyanyu.»
«Igihe ibintu vyose Umwana azoba yabihawe ngo abiganze, na we ubwiwe azokwemera kuganzwa n’uwamuhaye kuganza ibintu vyose, ngo Imana ibe vyose ku bantu bose.»
«Imihango rero yabwiwe Aburahamu n’uruvyaro rwiwe . . . , ari rwo Kristu. Vyongeye, ko mwegukira Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri.»
«Ubwami bw’isi bubaye Ubwami bw’Umukama wacu n’ubwa Kristu wiwe, kandi azoganza gushika ibihe bidahera.»
«Ca gisato kinini rero gikororerwa hasi, ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose. Akororerwa kw’isi, n’abamarayika biwe bakororanwa na we.»
«Aca afata ca gisato, ya nzoka yo mu ntango, ari yo Mubesheranyi na Shetani, arakiboha kugira kimare imyaka 1.000 kiboshwe.»