IKIBAZO CA 18
Wokwiyegereza Imana gute?
«Wewe wumva amasengesho, abantu b’ubwoko bwose bazoza iwawe.»
«Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose, kandi ntiwiheke ku bwenge bwawe. Numwibuke mu vyo ukora vyose, na we azogorora inzira zawe.»
«Kugira abantu baronke ubuzima budahera, bategerezwa kukumenya neza, wewe Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye Yezu Kristu.»
«Kuko [Imana] itari kure y’umuntu n’umwe muri twebwe.»
«Iki ni co nguma nsaba Imana: ni uko urukundo rwanyu rwoguma rugwira, rukagwirana n’ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye.»
«Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije ubukerebutsi, nagume abusaba Imana kuko iha bose ibikunze kandi idatora amahinyu, kandi azobuhabwa.»
«Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza. Yemwe bacumuzi, nimukarabe iminwe, namwe abadafata ingingo mutyorore imitima.»
«Iki ni co gukunda Imana bisobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremereye.»