BE MASO! No 2 2018 | Ibintu 12 vyofasha ingo kurama
Ibintu 12 vyofasha ingo kurama
Mu ngo nyinshi harakunda kuvugwa ibitagenda neza. Ariko none ni ibiki vyafashije ingo zimwezimwe kuroranirwa?
Muri Amerika, hagati y’umwaka wa 1990 n’uwa 2015, igitigiri c’abahukanye bafise imyaka irenga 50 cigwije incuro zibiri, ic’abarenza imyaka 65 na co cigwiza incuro zitatu.
Abavyeyi barajuragirika kuko abahinga bamwebamwe babahanura kwama bahayagiza abana babo, abandi na bo bakabahanura kutabafyinisha.
Abakiri bato usanga bagera mu bigero ata bintu bazi bizotuma bagira ico bimariye.
Ariko ico womenya coco ni uko . . .
Umubano w’abubatse ushobora kurama.
Abavyeyi bashobora gutoza indero abana babo mu rukundo.
Abakiri bato bashobora kwiga ibintu bizobafasha nibagera mu bigero.
Ivyo bishoboka gute? Iki kinyamakuru Be maso! kiravuga ibintu 12 vyofasha ingo kurama.
1: Gushitsa indagano
Impanuro zitatu nziza zofasha abubakanye kugumana.
2: Gufashanya
Wewe n’uwo mwubakanye mwoba mumeze nk’abantu basangiye icumba gusa?
3: Kwubahana
Numenye ivyo wovuga be n’ivyo wokora vyotuma uwo mwubakanye yumva ko yubashwe.
4: Kubabarirana
Ni ibiki vyogufasha kwirengagiza utunenge tw’uwo mwubakanye?
5: Ikiyago
Ibintu bitatu vyobafasha kwiyegereza abana banyu.
6: Indero
Gutoza umwana indero vyoba bimutesha agaciro?
7: Imico myiza
Ni imico myiza iyihe wokwigisha abana bawe?
8: Akarorero
Nimba ushaka ko abana bawe bakugamburukira, imvugo yawe ikwiye kujana n’ingiro.
9: Akaranga
Abakiri bato bokwirinda gute kugendera ku vyiyumviro vy’abandi?
10: Kuba umwizigirwa
Nimba abavyeyi bawe bashobora kukwizigira vyerekana ko uriko urakura.
11: Umwete
Kwiga gukunda ibikorwa ukiri muto birashobora gutuma uroranirwa mu vyo ukora vyose mu buzima.
12: Imigambi
Iyo ushitse ku migambi kanaka biratuma uhera ubwoba, ubugenzi ufitaniye n’abandi bugakomera, kandi ugahimbarwa cane.
Ibindi vyofasha umuryango
Bibiliya irashobora kugufasha kugira urugo ruhimbawe.