Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni ibiki abahinga badashobora kutubwira?

Ni ibiki abahinga badashobora kutubwira?

Bisa n’uko abahinga bamaze kwiga ibijanye n’imice yose y’ibintu biboneka. Ariko hariho ibibazo vyinshi bihambaye badashobora kwishura.

Abahinga boba bashoboye gusigura ingene ijuru n’isi be n’ubuzima vyabayeho? Inyishu ni oya. Hari abavuga ko abahinga bari mu gisata gikurikirana uko isi imeze boshobora gusigura ingene ijuru n’isi vyabayeho. Ariko rero, Marcelo Gleiser umwigisha mu vy’imibumbe kuri kaminuza yitwa Dartmouth, akaba kandi akekeranya ko Imana ibaho, avuga ati: “Ntiturigera dushobora gusigura ukuntu ijuru n’isi vyabayeho.”

No ku bijanye n’ukuntu ubuzima bwabayeho, ikinyamakuru kimwe (Science News) kivuga giti: “Bishobora kuba bidashoboka gusigura ingene ubuzima bwatanguye neza na neza kw’isi: Amabuye n’ibisigarira vy’ibiti n’ibikoko vyari gufasha mu kumenya ivyabaye koko isi igitangura kubaho, haraheze igihe kirekire bizimanganye.” Ayo majambo arerekana ko abanyasiyansi batarashobora kwishura iki kibazo: ‘Ijuru n’isi be n’ubuzima vyabayeho gute?’

Ariko woshobora kwibaza uti: ‘Nimba ibiri kw’isi vyararemwe, ni nde yabiremye?’ Ushobora kandi kuba umaze kwibaza ibibazo nk’ibi: ‘Nimba hariho Umuremyi aciye ubwenge kandi akundana, kubera iki areka abantu yaremye bagashikirwa n’ingorane? Kubera iki ireka hakaba amadini menshi? Kubera iki Imana ireka abayisenga bagakora ibibi vyinshi?’

Abanyasiyansi ubwabo ntibashobora gutanga inyishu z’ivyo bibazo. Ariko ivyo ntibisobanura ko udashobora kuronka inyishu zitomoye zavyo. Nkako, abantu benshi baramaze kuronka inyishu zibashimisha muri Bibiliya.

Abanyasiyansi bamwebamwe bafashe akanya ko kwiga Bibiliya baremera ko hariho Umuremyi. Nimba wipfuza kumenya igituma bavyemera, nuje kuri jw.org. Nurondere ahavuga ngo “Ico bavuga ku nkomoko y’ubuzima.”