Ibinyabuzima bitwigisha iki?
Ibifise ubuzima birakura, bikagendagenda, bikanagwirirana. Bituma uno mubumbe wacu uba mwiza cane. Ubu kuruta ikindi gihe, abantu barazi vyinshi ku bijanye n’ibinyabuzima. None ibinyabuzima bitwigisha iki ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima? Rimbura ibintu bikurikira:
Ukuntu ibinyabuzima bihanitse birerekana ko hariho uwabishizeho. Ikinyabuzima cose kigizwe n’utugingo ngengabuzima twinshi. Akagingo ngengabuzima kamwekamwe kose karakora ibintu vyinshi bihanitse kugira ngo ikinyabuzima kibandanye kubaho kandi kigwirirane. Ni nako bigenda ku tunyabuzima dutoyi cane. Nk’akarorero, rimbura akagingo ngengabuzima kari mu mwambiro bakoresha mu gukora umukate. Ni gatoyi cane ukagereranije n’utugingo ngengabuzima turi mu muntu. Yamara karahanitse cane. Mu ntimatima yako hariyo agahimba ntekeramakuru kitwa ADN gatunganije neza cane. Ako kagingo ngengabuzima karafise uduhimba tunzwinya twegeranya ama molekile, tukayatwara, tukongera tukagira ico tuyahinduyeko, ivyo bikaba bihambaye cane kugira ako kanyabuzima kabandanye kubaho. Igihe ako kagingo ngengabuzima kabuze ingaburo, gaca kikwega mu gukora, kakamera nk’aho gasinziriye. Ni co gituma umwambiro ushobora kumara igihe kirekire ubitse ahantu utariko urakoreshwa, hama ugasubira gukora hageze ko ukoreshwa.
Abahinga baramaze imyaka mirongo biga ibijanye n’utugingo ngengabuzima turi mu mwambiro kugira bashobore gutahura neza utugingo ngengabuzima turi mu bantu. Ariko impinga iracari ndende. Profeseri Ross King wo kuri kaminuza imwe yo muri Suwede (Chalmers University of Technology) yidoga ati: “Ntiharaboneka abahinga mu vy’ibinyabuzima bahagije bogira ubushakashatsi bw’ibintu vyose dukeneye kugira dutahure ukuntu n’umwambiro ari umwambiro ukora.”
Uvyibazako iki? Ukuntu akagingo ngengabuzima kari mu mwambiro gahanitse cane vyoba vyerekana ko kahinguwe? None koba karihinguye?
Ikinyabuzima gitegerezwa gukomoka ku kindi kinyabuzima. Akagingo ntekeramakuru ADN kagizwe n’utu molekile twinshi bita nucléotides. Akagingo ngengabuzima kari mu muntu kamwe gusa kagizwe n’utu nucléotides 3.200.000.000. Izo molekile ziri ku rutonde rwiza, ivyo bikaba bituma akagingo ngengabuzima gashobora gukora ingaburo bita enzymes na protéines.
Abahinga bavuga ko hamwe bogerageza gupanga ama nucléotides incuro amamiliyaridi, incuro imwe gusa muri izo ari ho boshobora kuronka ADN. Ivyo bisa n’ibitoshoboka.
Nta bahinga barashobora kwerekana ko bashobora guhingura ikintu gifise ubuzima bagikuye mu kintu kitagira ubuzima.
Ubuzima bw’umuntu ni igitangaza. Twebwe abantu turafise kamere zituma dushobora kuryohererwa ubuzima cane, akaba ata kindi kiremwa kizifise. Turashobora gukora ibintu bishasha, kubana neza n’abandi no guserura ukuntu twiyumva. Turashobora kwumva akanovera, kumoterwa, kwumva amajwi, kubona amabara no kwihweza ibintu bitandukanye. Turiyumvira ivya kazoza, tukarondera n’icotuma tubaho duhimbawe.
Uvyibazako iki? Ukwo kuntu tumeze vyoba vyarizanye kubera twari tubikeneye kugira tubeho twongere turondoke? Canke vyerekana ko ubuzima ari ingabire twahawe n’Umuremyi akundana?