Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibaba ry’umugage

Ibaba ry’umugage

Coba ari ikintu cakozwe ku buhinga?

Ibaba ry’umugage

● Imigage imwimwe irashobora kumara amasegunda 30 ishanje amababa mu kirere iriko iratwarwa n’umuyaga kandi ntitakaze cane uburebure iriko mu kirere. None ibishobozwa n’iki? Ibishobozwa n’ibaba rica mu muyaga bitagoranye ata rindi na rimwe rimeze nka ryo mu yakorwa n’amahinguriro akora ivyuma bigendera mu kirere!

Rimbura iki kintu: Ibaba ry’umugage, irifise intimba ntoyi cane, usanga rifise imigongo nka kurya kw’ibati, ino ikaba ituma ritigonda. Abahinga mu vya siyansi basanze iyo migongo ituma kandi umugage uronka inguvu ziwugumiza mu kirere igihe ushanje amababa uriko uratwarwa n’umuyaga. Ikinyamakuru kimwe (New Scientist) kivuga giti: “Ivyo bitumwa n’uko umuyaga uca mu myanya iri hagati y’imigongo, bigatuma haboneka ibibanza birimwo inguvu zituma umugage udakubitagura amababa unyaraguritsa, ivyo bibanza bikaba bifasha wa muyaga uca mw’ibaba utuma haboneka inguvu zigumiza umugage mu kirere.”

Umuhinga mu bijanye no guhingura ivyuma bigendera mu kirere yitwa Abel Vargas be n’abo bakorana, aho bamariye kwiga ibijanye n’ibaba ry’umugage bashitse ku ciyumviro c’uko “amababa abantu bahingura mu kwigana ibiri mu vyaremwe afasha cane mu bijanye no guhingura mwene twa twumva dutoduto tugendera mu kirere.” Mwene utwo twuma tugendera mu kirere tungana n’ikiganza c’umuntu, kubera ko tuba turiko icuma gifata amasanamu be n’ibindi bikoresho, usanga dukora ibintu ngirakamaro bitari bike, guhera ku kurondera amakuru ahantu habaye ivyago gushika ku gusuzuma urugero ibidukikije bigezeko mu gutosekara.

None uvyibazako iki? Ibaba ry’umugage rifise intimba ntoyi cane kandi rifise imigongo nka kurya kw’ibati, ryoba ryabayeho ku gihamana? Canke ni ikintu cakozwe ku buhinga?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 16]

Aka kuma kagendera mu kirere bahinguye mu kwigana umugage gapima miligarama 120, kakagira ubwaguke bwa santimetero zitandatu, kakaba gafise amababa y’intimba ntoyi akozwe mu bintu bikurwa mu butare vyitwa silisiyumu (silicium), ayo mababa akaba akubitagura igihe gakoreshejwe n’umuyagankuba

[Abo dukesha ifoto ku rup. 16]

© Philippe Psaila/Photo Researchers, Inc.