Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo”

“Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo”

“Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo”

Renée yarumva yuko atagishoboye kwihangana. Umugabo wiwe Matthew yari amaze imyaka irenga itatu adafise akazi gafashe. Renée avuga ivyo yibuka ati: “Nari ntuntuye cane mu mutima. Kuba ntari nzi uko bizogenda vyatuma ncika intege cane!” Matthew yaragerageje guhwamika amaganya umugore wiwe yari afise mu kumusigurira yuko batigeze babura ivyo bakeneye. Renée yamwishuye ati: “Mugabo nta kazi uraronka! Erega turakeneye amahera!”

UGUKURWA mu kazi ntibibura gutuma umuntu agira amaganya. Umushomeri aribaza ati: ‘None nzoshomera gushika ryari? Dushobora gute kuronsa umuryango wacu ivyo ukeneye magingo tutararonka akazi?’

Naho kugira imyitwarariko nk’iyo ari ibisanzwe, Yezu Kristu yaratanze impanuro yumvikana ishobora kugabanya amaganya. Yavuze ati: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo . . . Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.”—Matayo 6:34.

Numenye ibintu biguhagarika umutima

Yezu ntiyariko aravuga yuko dukwiye kwifata nk’aho ata ngorane dufise. Ariko rero, guhagarika umutima ku bijanye n’ivyoshobora gushika ejo nta kindi bizokora atari ukwongereza intuntu ufise uyu musi. Tubivuze ata guhisha, nta kintu na kimwe dushobora guhindura ku vyoshobora gushika ejo, vyaba ari vyiza canke bibi. Mugabo turashoboye kugira ico dukoze kugira ngo twihanganire ibiriko biradushikira.

Vyoba vyoroshe kuvuga kuruta gukora? Cane nyene! Uwitwa Rebekah, umunega wiwe akaba yarakuwe mu kazi yari amazemwo imyaka 12, avuga ati: “Igihe umuntu atuntuye cane, usanga bitamworohera kwiyumvira neza. Mugabo twabwirizwa kubigira. Naragerageje rero kwigumya. Igihe ibintu vyampagarika umutima cane bitashika, naratahuye yuko ata co bimaze guhagarika umutima. Kubera yuko twashira umutima ku kuntu ivyacu vyaba vyifashe ico gihe be no ku ngorane zaba zijanye na vyo, vyatumye ata kintu na kimwe kiduhagarika umutima.”

Niwibaze uti: ‘Ni igiki kimpagarika umutima cane? Vyoba bishoboka rwose yuko ico kintu kimpagarika umutima gishika? Nkoresha inguvu zingana iki niyumvira ikintu gishobora gushika canke ntigishike?’

Niwige kubumbwa n’ivyo ufise

Ukuntu tubona ibintu kurashobora kugira ico gukoze ku nyiyumvo zacu. Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza kugira aka gatima: “Iyo . . . dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.” (1 Timoteyo 6:8) Kubumbwa n’ivyo dufise bisobanura kugabanya ivyo twipfuza no guhimbarwa igihe turonka ivyo dukenera ku musi ku musi. Kwita ku rutare kugira ngo uronke ibintu vyinshi wipfuza nta kindi bizogira atari ukubangamira utwigoro ugira two kworosha ubuzima.—Mariko 4:19.

Renée yarashoboye kwiga kubumbwa n’ivyo afise aho amariye kubona uko ivyiwe vyari vyifashe nk’uko vyari biri koko. Avuga ati: “Ntitwigeze tubura umuyagankuba canke mwene wa mwuka utuma mu nzu hasusuruka, canke ngo tubure aho dukika umusaya. Ingorane nyezina yari iy’uko kubaho muri ubwo buryo atari vyo twari tumenyereye, kandi icipfuzo kitabereye nari mfise c’uko twobandanya kubaho nk’uko twahora, catuma ndushiriza kugira umubabaro.”

Renée ntiyatevye gutahura yuko ukuntu yabona ibintu ari kwo kwatuma asa n’uwubona ko atoshobora kwihangana, ko bitatumwa n’ukuntu ivyiwe vyari vyifashe. Avuga ati: “Ukuntu ivyacu vyari vyifashe, nabwirijwe kubibona nk’uko vyari biri koko, singume numiye ku kuntu nshaka ko bimera. Aho mariye kwiga kubumbwa n’ivyo Imana yaturonsa ku musi ku musi, nasanze mpimbawe kuruta.”

Niwibaze uti: ‘Noba naronse ivyo nari nkeneye uno musi? Nimba nabironse, noba nshobora kwiyumvira gusa ivy’uno musi, nizigiye yuko n’ivyo nzoba nkeneye ejo nzobironka?’

Kubona ibintu mu buryo bubereye ni co kintu ca mbere gifasha umuntu gutsinda ingorane ijanye no kubeshwaho na bike. * Ariko none ni ibintu ngirakamaro ibihe wokora igihe amahera uronka ari make bitumwe n’uko ushomereye?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 14 Nimba wipfuza kuronka ayandi makuru ajanye no kuronka akazi be no kukagumamwo, raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Mukakaro 2005, urupapuro rwa 3-11.

[Uruzitiro ku rup. 5]

Kwumira kw’ibanga biravamwo ivyiza!

Fred amaze amayinga n’ayandi arondera akazi ntihagire ikivamwo, yiyumviriye yuko ata karyo kagihari ko kuronka akazi. Avuga ati: “Vyari bimeze nko kurindira umuntu ku gituro c’amabisi kugira ngo aze kugutora mugabo amaso agahera mu kirere.” Fred yaciye afata ingingo yo gucungera ikintu kimwe yari ashoboye gucungera, ni ukuvuga ivyo yakora. Yararungikiye ishirahamwe iryo ari ryo ryose icegeranyo c’ivyo yize be n’akazi yari yarakoze, mbere n’iryaba risa n’iridakeneye cane ubuhanga yari afise. Yaragize ico akoze ku nyishu zose yaronka arongera aritegurira neza ikiyago kimwekimwe cose kijanye no kubazwa ibibazo, ajijutse yuko “imigambi y’umunyamwete [itabura] kuvamwo akarusho.” (Imigani 21:5) Fred avuga ati: “Mw’ishirahamwe rimwe, naramaze ibiringo bibiri nicaye ndiko ndacucagirwa ibibazo n’abayobozi bakuru baryo.” Mugabo kuba Fred yarumiye kw’ibanga vyaravuyemwo ivyiza. Avuga ati: “Nararonse akazi!”

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]

Ikintu gihambaye kuruta amahera

Ni igiki gihambaye kuruta ikindi hagati y’imico runtu yawe be n’amahera uronka? Rimbura imigani ibiri yo muri Bibiliya.

“Ntahonikora agendera mu gutungana kwiwe aruta uwuhetaraye mu nzira ziwe naho aba atunze.”—Imigani 28:6.

“Icibo c’imboga ahari urukundo kiruta ishūri yagabuririwe mu bwato ikadoha, iri kumwe n’urwanko.”—Imigani 15:17.

Biratomoye yuko ugutungana kw’umuntu mu bijanye n’imico runtu be n’agaciro afise bitagabanuka ngo ni uko atagira amahera. Ni co gituma igihe umugabo wa Renée yakurwa mu kazi, Renée yabwiye abana biwe ati: “Ba sebibondo benshi barataye imiryango yabo. Ariko so wanyu aracari hano ku bwanyu. Murazi ukuntu abakunda cane be n’ukuntu yabafashije cane mu ngorane zose zabashikiye. Nta wundi muvyeyi mwiza kuruta uwo mworonka!”