IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | IRÈNE HOF LAURENCEAU
Umuganga abaga ingingo z’amagufa asigura icatumye yemera Imana
Dogoteri Irène Hof Laurenceau ni umuganga abaga ingingo z’amagufa mu Buswise. Yarigeze kuba akekeranya ku vy’uko Imana ibaho. Ariko haciye imyaka mikeyi, yarajijutse yuko Imana ibaho be n’uko ari yo yaremye ibifise ubuzima. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’akazi akora be n’ivyo yemera.
Ni igiki catumye ukunda ivya siyansi?
Nkiri umwana, narakunda cane ibidukikije. Nakuriye mu kigwati giteye igomwe citwa Richterswil kiri hafi y’Ikiyaga ca Zurich. Abavyeyi banje hamwe na bakuru banje baranjana gutembera n’amaguru, bakagenda barambwira ibijanye n’ibiterwa be n’ibindi binyabuzima twagenda turabona.
Kubera iki none wize ivyo kubaga ingingo z’amagufa?
Dawe yaramaze igihe gito akorera mw’ibagiro ry’ibitaro bimwe vyo mu karere iwacu, akaba yakora akazi ko gufasha abaganga babaga. Ivyo yabona mw’ibagiro vyatumye aryoherwa cane no kutuyagira ibijanye n’ukubaga. Ukuntu yabitubwira aryohewe vyahavuye bituma mpitamwo umwuga wo kubaga. Nahavuye nonosora ibijanye no kubaga ingingo z’amagufa kubera ko nkunda cane ubuhinga birimwo. Kugira ngo abaganga babaga ingingo z’amagufa basanasane amagufa, imitsi be n’imirya bituma dutambuka, bategerezwa kwiyumvira nk’abahinga mu bijanye n’ivyuma.
Ariko ikimpimbara kuruta ibindi, ni ukubona abo mvura basubira kugira amagara meza. Kuba akazi nkora gatuma nshikirana cane n’abantu birandyohera rwose.
Ni igiki catuma ukekeranye ku vy’uko Imana ibaho?
Natanguye gukekeranya nkiri muto, bivuye canecane ku bintu bibiri. Ica mbere ni uko nasanze abigisha bo mw’idini narimwo bigenza nabi, ivyo bikaba vyatuma nibaza ibibazo vyinshi. Ica kabiri ni uko kw’ishure bamwebamwe mu bigisha batwigisha ibijanye n’ibinyabuzima bemera yuko vyabayeho biciye kw’ihindagurika, iyo nyigisho nkaba nahavuye ndayemera, canecane igihe naja kuri kaminuza.
Wotubwira igituma wemeye ivy’ihindagurika?
Naremera cane abigisha banje. Ariko kandi ndavye ukuntu imibiri y’ibikoko vy’ubwoko bumwebumwe ifitaniye isano, vyatumye niyumvira ko vyakomotse ku gikoko kimwe be n’uko amahinduka aba mu tugingo ngengakamere twavyo atuma haboneka ibikoko vy’ubwoko bushasha.
Ariko wahavuye uhindura ivyiyumviro. Vyavuye ku ki?
Hari umugenzi yantumiye kw’ikoraniro rimwe ry’Ivyabona vya Yehova. Narashimye cane umutima mwiza w’abagize iryo shengero be n’inyigisho nahumviye. Mu nyuma, hari umukenyezi ameze neza yangendeye, ndamubaza nti: “Nokwemezwa n’iki ko Bibiliya ivuga ukuri?”
Yaranyeretse ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze ibintu vyinshi biba muri iki gihe cacu. Bumwe muri bwo ni ubwerekeye ivyo Yezu yari yaravuze ko mu misi ya nyuma y’iyi si hobaye intambara hagati y’ibihugu, “vya nyamugigima bikomakomeye,” hamwe n’ “ibiza n’amapfa” * hirya no hino. Yaranyeretse n’ubuhanuzi bwari bwaravuze ukuntu abantu bobaye babi, n’ukuntu umwina n’ayandi mabi vyokwongerekanye, nk’uko tubibona muri iki gihe. * Haciye igihe gito, naratanguye kwiga Bibiliya n’umwete maze bidatevye ndatahura ko ivyo Bibiliya ivuga vyama biranguka. Naciye ntangura no gusuzuma ivyiyumviro nari mfise ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima.
Ubushakashatsi wagira mu vy’ubuvuzi bwoba bwaragufashije kuzirikana ku nkomoko y’ubuzima?
Egome. Igihe natangura kwiga Bibiliya, nariko ndagira ubushakashatsi ku bijanye n’ukubaga ivi. Kuva mu mpera z’imyaka ya 1960, abahinga baratanguye kurushiriza gutahura ukuntu ivi rikora mu buryo buhanitse. Basanze iyo umuntu apfunye ivi, ritazungurukira gusa ku gahimba kamwe nka kurya kw’ipata. Ahubwo riho, amagufa y’ivi arahengamira imbere canke inyuma akongera akanyerera, ubwo buhinga bukaba butuma ivi rirushiriza kunonokerwa, ku buryo dushobora gutambuka, gutamba, guserereka ku bibarafu, no gukora ibindi bintu vyinshi.
Ubu abahinga bamaze imyaka nka 40 bagerageza guhingura ivi. Mugabo ivi ry’umuntu rirahanitse cane ku buryo rigoye kwigana. Vyongeye, ivi ry’irihingurano rimara igihe gito turigereranije n’ivi ry’umuntu. Naho abahinga bafise ibikoresho bimeze neza barihinguramwo, iyo rimaze imyaka 20 gusa bararyoherwa cane. Ariko ivi ryacu ryoryo rigizwe n’utugingo ngengabuzima tuguma dusubirizwa n’utundi. Jewe mbona yuko ivi ryemeza ko ibifise ubuzima bitiyadukije biciye kw’ihindagurika, ahubwo ko vyabayeho biciye ku bukerebutsi bw’Imana.
Bite ho ku bijanye na ya mahinduka aba mu tugingo ngengakamere be n’ukuba imibiri y’ibikoko bimwebimwe ifitaniye isano?
Iryo sano ryerekana ko uwabiremye ari umwe. Vyongeye, amahinduka aba mu tugingo ngengakamere ntaryohora imibiri y’ibinyabuzima ku buryo bica bivamwo ubwoko bushasha buruta ubwa mbere. Ahubwo riho, ayo mahinduka kenshi aronona utwo tugingo ngengakamere. Ni ivy’ukuri yuko isanganya rishobora kugira iciza rivuyemwo. Nk’akarorero, igariyamoshi irashobora kugonga ikiraro kigasambuka, bigatuma umwansi ataronka aho aca ngo atere igisagara. Ariko iryo sanganya ntirituma ico gisagara kirushiriza kumera neza. Amahinduka aba mu tugingo ngengakamere na yo nyene ntatuma ibinyabuzima birushiriza kumera neza. Vyongeye, ntiyopfa yaratumye haboneka ikintu c’ubuhinga buhanitse nk’ivi ry’umuntu, tutiriwe turavuga ibindi bihimba vy’umubiri w’umuntu.
Amahinduka aba mu tugingo ngengakamere ntiyopfa yaratumye haboneka ikintu c’ubuhinga buhanitse nk’ivi ry’umuntu
Kubera iki wabaye Icabona ca Yehova?
Igihe natangura gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ubuzima bwanje bwararushirije kuba bwiza cane. Vyongeye, mu 2003 naritavye ihwaniro mpuzamakungu ry’Ivyabona vya Yehova, ndibonera ingene barangwa n’ubumwe budasanzwe nk’ubw’abagize umuryango, naho bamwe mu bari baryitavye batari bwigere babonana. Urwo rukundo bagaragarizanya rwatumye nanje nipfuza kuba Icabona ca Yehova.