Woba ukwiye kwemera Ubutatu?
Abantu barenga imiliyaridi zibiri bavuga ko ari abakirisu. Benshi muri bo usanga amadini barimwo yigisha Ubutatu, ya nyigisho ivuga ko Data, Umwana na mutima mweranda (canke impwemu nyeranda) bagize Imana imwe. None vyagenze gute ngo Ubutatu bube inyigisho yemewe? N’igihambaye kuruta, iyo nyigisho yoba ihuje na Bibiliya?
BIBILIYA yarangiye kwandikwa mu kinjana ca mbere G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”). Inyigisho zavyaye Ubutatu zatanguye gushikirizwa icese ibinjana birenga bibiri inyuma y’aho, mu 325 G.C., mu nama ya Ekleziya yabereye mu gisagara ca Nicée muri Aziya Ntoya, ubu hakaba hitwa Iznik muri Tirkiya. Twisunze ibivugwa n’igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi ca Ekleziya gatolika (New Catholic Encyclopedia), keredo yitirirwa iyo Nama y’i Nicée ni yo yabaye ishimikiro rya mbere ryemewe ry’inyigisho za Ekleziya, kimwe mu vyo iyo keredo yashinze kikaba ari insobanuro y’Imana na Kristu. Kubera iki none babonye ko bikenewe ko hatangwa insobanuro y’Imana na Kristu kandi Bibiliya yari imaze ibinjana n’ibindi irangiye kwandikwa? Ivyo Bibiliya ivuga ku Mana no kuri Kristu vyoba bidatomoye?
YEZU YOBA ARI IMANA?
Igihe Konsitantino yari asigaye ari we yica agakiza mu Nganji y’Uburoma, abiyita abakirisu ntibabona kumwe isano riri hagati y’Imana na Kristu. Yezu yoba yari Imana? Canke yaremwe n’Imana? Kugira ngo ico kibazo gitorerwe umuti, Konsitantino yaciye atumako abakuru ba Ekleziya i Nicée, ariko ntiyabigize kubera ko yarondera ukuri ku bijanye n’Imana, ahubwo yabigize kugira ngo idini ntiritume inganji yiwe yicamwo ibice.
“Kuri twebge har’Imana imwe, Data wa twese.”—1 Ab’i Korinto 8:6, Bibiliya Yera
Konsitantino yarasavye abasenyeri bari ng’aho, abashobora kuba baharurwa mu majana, ngo bagire ico bapfunditse, mugabo nta co bashitseko. Ni kwo guca abasaba ngo bemeze inyigisho itumvikana yuko Yezu yari “asangiye ubwoko” (homoousios) na Se. Iyo mvugo itaboneka muri Bibiliya, yakomoka muri filozofiya y’Abagiriki kandi ni yo yabaye ishingiro ry’inyigisho y’Ubutatu nk’uko yahavuye isigurwa mu nyigisho za Ekleziya. Mu vy’ukuri, mu mpera z’ikinjana ca kane, inyigisho y’Ubutatu yari imaze gusigurwa mu buryo busa cane n’ukuntu isigurwa muri iki gihe, ikaba yarashiramwo n’icitwa ngo ni umuperesona agira gatatu, ari we mutima mweranda.
KUBERA IKI WOKWITAHO ICO KIBAZO?
Yezu yavuze ko “abasenga b’ukuri bazosenga Data . . . mu kuri.” (Yohani 4:23) Ukwo kuri kwanditswe muri Bibiliya. (Yohani 17:17) None Bibiliya yoba yigisha ko Data, Umwana n’impwemu nyeranda ari abaperesona batatu bagize Imana imwe?
Kimwe coco, muri Bibiliya nta na hamwe haboneka ijambo “Ubutatu.” Ikindi kandi, Yezu ntiyigeze avuga ko angana n’Imana. Ahubwo riho, yasenga Imana. (Luka 22:41-44) Ikimenyamenya kigira gatatu ni kijanye n’isano riri hagati ya Yezu n’abayoboke biwe. N’igihe Yezu amariye kuzuka ari ikiremwa c’impwemu, yise abayoboke biwe ngo “bene wacu.” (Matayo 28:10) None boba bari bene wabo n’Imana Mushoboravyose? Nawe nu! Ahubwo riho, kubera ko bizera Kristu, Umwana w’imfura w’Imana, na bo nyene baracitse abana b’Imana cokimwe na Kristu. (Abagalatiya 3:26) Nurabe n’ivyo vyanditswe bikurikira, ubigereranye n’amajambo aboneka muri ya keredo yitiriwe Inama y’i Nicée.
Ivyo keredo y’i Nicée ivuga:
“Twemera . . . Umukama umwe, Yezu-Kristu . . . yavyawe na Data, ni Imana iva ku Mana, ni Umuco uva ku Muco, ni Imana y’ukuri iva ku Mana y’ukuri.”
Ivyo Bibiliya ivuga:
“Data [ni] we anduta.”—Yohana 14:28. *
“[Yezu] agira adūge kwa Se ari we So, . . . ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.”—Yohana 20:17.
“Kuri twebge har’Imana imwe, Data wa twese.”—1 Ab’i Korinto 8:6.
“Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa.”—1 Petero 1:3.
“[Yezu] uwiyita Amen, . . . inkomoko y’ivyaremwe n’Imana.”—Ivyahishuriwe 3:14. *
^ par. 13 Ni twe dushimitse. Ivyo vyanditswe vyose vyakuwe muri Bibiliya Yera.
^ par. 17 Igitabu gifasha kwiga Bibiliya citwa Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kirimwo ibi vyigwa bibiri: ikivuga ngo “Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?” n’ikivuga ngo “Yezu Kristu ni nde?” Ico gitabu urashobora kugisaba Ivyabona vya Yehova canke ukacisomera ku muhora wo kuri Internet www.dan124.com.