BE MASO! Mukakaro 2014 | Ingene wovyifatamwo ushikiwe n’ivyago

Niwashikirwa n’ivyago bikomeye, uzovyifatamwo gute?

Udukuru tw’irya n’ino

Muri utwo dukuru harimwo utwerekeye: igihugu aho abanywa inzoga zirenze urugero b’igitsina-gore ari benshi kuruta ab’igitsina-gabo, ahantu hatari hitezwe ko hoba ibinyabuzima, be n’igihugu cemereye abanyagihugu baho inzahabu baramutse bataye ibilo.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Igihe ushikiwe n’ivyago

Bibiliya irashobora kugufasha kuvyifatamwo neza.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ukubura ivyawe

Ca gisebuzi citwa tsunami caba mu Buyapani 2011 catumye Kei atakaza utwiwe twose. Yarafashijwe n’abagenzi be n’inzego zifasha abashikiwe n’ivyago, ariko hari icanditswe co muri Bibiliya camufashije cane gusumba.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ugukikwa n’amagara

Mabel yari umuganga afasha ingingo z’umubiri gusubirana. Ariko amaze kubagwa ikivyimba co mu bwonko, yagize ingorane yahora afasha abarwayi biwe gutsinda.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ukubura uwawe

Haraheze imyaka 16 Ronaldo abuze abantu batanu bo mu muryango bahitanywe n’isanganya ry’umuduga. Naho agifise imvune, yararonse amahoro yo mu mutima.

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene wokwerekana urupfasoni mu vy’amamesaje

Mbega vyoba bitaranga urupfasoni uciriyemwo umuntu kugira urabe mesaje? Canke vyoba bitaranga urupfasoni wihojeje mesaje kugira wibandanirize ikiyago?

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Irlande

Niwisomere amakuru yerekeye abantu b’umutima mwiza bo mw’Izinga ry’akabuye ka emerode.

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA

Umushakashatsi mu vya fizike asigura igituma yemera Imana

Hari ibimenyamenya bibiri vyo mu bidukikije vyajijuye Wenlong He yuko hariho Umuremyi.

TWISUNZE BIBILIYA

Idini

Bibiliya irasigura igituma hari amadini menshi cane.

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Irondoka ry’igikere kibundikirira mu nda

Kubera iki umuhinga yemera ihindagurika yavuze ko ata woruha yiyumvira ko uburyo kirondoka bwoba bwavuye kw’ihindagurika ryagiye riraba buhorobuhoro intambwe ku yindi?

Ibindi usanga kuri internet

Nosigura gute ivyo nemera ku bijanye n’ivy’igitsina?

Hagize uwukubaza ati: ‘Uracari isugi?’ woshobora gusigura ivyo wemera ku bijanye n’ivy’igitsina ukoresheje Bibiliya?

Nokora iki mu gihe abandi bamvugavuga?

Woshobora gute kwihanganira urusaku kugira ngo ntirugire ico rukoze kuri wewe no ku kuntu uzwi?

Wokora iki ngo ureke kuba nzobandabikora?

Raba impanuro z’ingene umuntu yoreka kuba nzobandabikora!

Abakiri bato baravuga ibijanye n’amahera

Raba impanuro zijanye no kuziganya amahera, kuyakoresha no kuyabona mu buryo bubereye.