IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | AKAGUMYE BAGUMAKO
Ingorane: Amabanga y’umurengera
ABANA baragukeneye, kandi ubu nyene. N’umukoresha wawe ni ukwo nyene. Uwo mwubakanye na we hari ico ashaka ko umufasha. Ariko kandi uriko witwararika umuvyeyi wawe akitswe n’amagara. Ivyo si vyo wari witeze mu buzima, ariko buri musi bituma wumva wasanzaye. Wibaza uti: “Mbe basha nkore iki? None ko bankeneye!” Ushatse gukora ivyo bagusavye vyose, vyoshobora kukugirako ingaruka bigatuma na bo nyene bahahombera. None wokora iki?
AKARORERO KO MURI BIBILIYA: MUSA
Kubera ko Musa ari we wenyene yari umucamanza muri Isirayeli mu bihe vya kera, ashobora kuba yabona ko ariko akora ivyari bikenewe. Mugabo sebukwe yamubwiye ati: “Uburyo uriko urakora si bwiza. Emwe, uburuhe buzokwica.” Yamugiriye inama yo kugena abagabo babishoboye ngo bitwararike ibijanye no guca imanza maze Musa baze baramuzanira gusa imanza zigoye. None ivyo vyovuyemwo iki? Sebukwe yamusubirije umutima mu nda ati: “Uzobishobora rero, kandi n’aba bantu bose bazoshika iwabo [ata mwikomo, Bibiliya Yera].”
UKO DELINA ABIGENZA
Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro ca mbere, Delina arwaye indwara yo mu bwonko yitwa dystonie. Aritwararika kandi basazawe batatu bafise ubumuga. Avuga ati: “Nasanze gukora ibintu ku musi ku musi no kwirinda kuba nzobandabikora bituma ntata umutwe cane. Kubwira abandi uko ivyanje vyifashe vyatumye bashobora kumfasha, mbere n’umugabo wanje arimwo. Vyongeye, imisi yose mu gitondo ndafata akanya ko kwitwararika amashurwe, ivyo bikaba bindyohera cane.”
“Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.”
ICO WOKORA
Nimba amabanga ujejwe wumva akurengeye, gerageza ibi bikurikira:
-
Saba abandi bagufashe. Nk’akarorero, woba ufise abana batarasohoka boshobora kugufasha? Hoba hari incuti canke abagenzi baba hafi bogufasha?
-
Bwira abandi ivyo ukeneye. Nk’akarorero, nimba umukoresha wawe agusaba ibintu bikurengeye, nubimubwire. Mugabo ntukoreshe iterabwoba. Numumenyeshe gusa ibitakworohereza. Hari aho yogutezurira.
-
Andika ibikorwa ubwirizwa gukora buri ndwi. Hoba hari ivyo wozeza abandi?
-
Ntiwemere ubutumire bwose. Nimba ata mwanya canke ingoga ufise, nubahakanire ubigiranye ubuntu.
Muri make: Niwashaka gukora ibintu vyose uzohava usanga ata na kimwe ushoboye gukora.