Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Baritanze babikunze​—Muri Birmaniya

Baritanze babikunze​—Muri Birmaniya

“IVYIMBURWA ni vyinshi koko, mugabo abakozi ni bake. Nuko rero nimwinginge Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Luka 10:2) Ayo majambo Yezu yavuze, hakaba haciye imyaka 2.000, arerekana neza ingene ubu vyifashe muri Birmaniya. Uti kubera iki? Muri Birmaniya, abamamaji 4.200 gusa ni bo bariko babwira inkuru nziza abantu imiliyoni 55.

Naho ari ukwo, “Umukuru w’iyimbura” Yehova, yaravyuriye umutima abavukanyi na bashiki bacu amajana bo mu bihugu bitandukanye, baraja muri ico gihugu kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya kugira bafashe mw’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu. None ni igiki catumye bava iwabo? Bashoboye gute kwimukira muri Birmaniya? Ni ivyiza ibihe bariko barironkera? Reka babitwiganire.

“NIMUZE, TURAKENEYE ABATSIMVYI!”

Mu myaka iheze, umutsimvyi yitwa Kazuhiro wo mu Buyapani yarafashwe n’intandara arata ubwenge, baca bamujana kwa muganga. Umuganga yamubwiye ko akwiye kumara imyaka ibiri adatwara umuduga. Ivyo vyaramubabaje cane. Yibajije ati: ‘Nzoshobora gute kubandanya ubutsimvyi nikundira?’ Yaratakambiye Yehova amusaba ko yomwereka ubundi buryo yokoresha kugira yibandanirize ubutsimvyi.

Kazuhiro na Mari

Kazuhiro yigana ati: “Haciye ukwezi, hari umugenzi akorera muri Birmaniya yumvise ivyago nagize. Yaranterefonye, ambwira ati: ‘Ino muri Birmaniya, abantu benshi biyunguruza na bisi. Hamwe woza ino, wobandanya ubutsimvyi bwawe naho utoba ufise umuduga!’ Narabajije muganga nimba indwara yanje yonkundira kuja muri Birmaniya. Naratangaye ambwiye ati: ‘Hari umuganga yanonosoye ibijanye n’ubwonko wo muri Birmaniya ari ino mu Buyapani. Nzogusabira mubonane. Indwara yawe niyasubira kugufata, azokwitwararika.’ Emwe, ivyo uwo muganga yambwiye nabonye ko ari inyishu Yehova ampaye.”

Kazuhiro yaciye yandikira ibiro vy’ishami vyo muri Birmaniya abimenyesha ko we n’umukenyezi wiwe bipfuza gukorerayo ubutsimvyi. Haciye imisi itanu gusa, barabishuye bati: “Nimuze, turakeneye abatsimvyi!” Kazuhiro n’umukenyezi wiwe Mari baragurishije imiduga yabo, bararondera impapuro zikenewe, baragura n’amatike y’indege. Ubu barahimbawe no gushigikira umugwi w’ibimenyetso w’i Mandalay. Kazuhiro avuga ati: “Ico kintu caratumye turushiriza kwizera ivyo Imana itubwira muri Zaburi 37:5, ahagira hati: ‘Nuragize Yehova inzira yawe, kandi umwizigire, na we ubwiwe azogira ico akoze.’”

YEHOVA ARUGURURA INZIRA

Mu 2014, muri Birmaniya harabereye ihwaniro ridasanzwe. Haraje abashitsi batari bake bavuye mu bindi bihugu. Umwe muri bo yari mushiki wacu w’imyaka 34 yitwa Monique aturuka muri Amerika. Avuga ati: “Maze kuva kuri iryo hwaniro, narasenze Yehova ku bijanye n’iyindi ntambwe nari nkwiye gutera. Vyongeye, narayaze n’abavyeyi banje ku bijanye n’imigambi nari mfise mu vy’impwemu. Twese twabonye ko nkwiye gusubira muri Birmaniya. Ariko vyarasavye igihe n’amasengesho menshi kugira mfate ingingo ya nyuma.” Monique aratwiganira icabitumye.

Monique na Li

Agira ati: “Yezu yaremesheje abayoboke biwe kubanza ‘guharura ivyosohoka.’ Naribajije rero nti: ‘Noba mfise uburyo bwo kwimuka? Ubwo nzoshobora kwitunga muri ico gihugu ntiriwe ndamara umwanya munini ku kazi k’umubiri?’” Yiyemerera ati: “Sinatevye kubona ko ata mahera akwiye nari mfise ku buryo nokwimukira muri ico gihugu ca kure.” None yahavuye abishobora gute?​—Luka 14:28.

Monique yigana ati: “Umusi umwe, umukoresha wanje yarantumyeko. Namwitavye umutima uri hejuru, niyumvira ko agira anyirukane. Ariko nyabuna kwari ukunshimira ko nari umukozi mwiza. Yaciye ambwira ko yategekanije kumpa agashirukabute, kakaba kangana n’amahera nyene nari nkeneye!”

Monique ubu akorera muri Birmaniya kuva muri Kigarama 2014. None abona gute umurimo arangurira ahakenewe abamamaji kuruta? Avuga ati: “Ndahimbawe cane kuba ndi ng’aha. Mfise inyigisho za Bibiliya zitatu. Umwe muri bo afise imyaka 67. Yama andamutsa amwenyurira, akangumbira. Igihe yamenya ko izina ry’Imana ari Yehova, yarakoroye amosozi. Yavuze ati: ‘Ni ubwa mbere numvise ko Imana yitwa Yehova. Naho ndagukurira, waranyigishije ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose noshoboye kwiga.’ Emwe, na jewe naciye nkorora amosozi. Ivyabonywe nk’ivyo biratuma abakorera ahakenewe abamamaji kuruta bironkera akanyamuneza ntangere.” Monique aherutse guterwa agateka ko kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami.

Ikindi catumye bamwebamwe baja muri Birmaniya ni inkuru yigana ivy’ico gihugu, iri mu Gitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 2013. Mushiki wacu arengeje gato imyaka 30 yitwa Li yari asanzwe aba mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya. Naho yari afise akazi kamufatira cane, inkuru yo muri ico gitabu yaratumye azirikana ivyo kuja gukorera muri Birmaniya. Avuga ati: “Igihe naja kw’ihwaniro ridasanzwe i Rangoun mu 2014, narahuye n’umugabo be n’umugore wiwe bitanze kugira babwire inkuru nziza abavuga igishinwa. Kubera ko nzi igishinwa, naciye mfata ingingo yo kuja muri Birmaniya kugira nshigikire uwo mugwi w’igishinwa. Narahuye na Monique, duca twimukira i Mandalay. Yehova yaradufashije turaronka akazi ko kwigisha igihe gitogito kw’ishure rimwe, turaronka n’uburaro hafi y’aho. Naho hashushe hakaba n’izindi ntambamyi, ndahimbarwa n’umurimo ndangurira ng’aha. Abantu bo muri Birmaniya bafise ubuzima bubayabaye, mugabo barubaha kandi barashima kwumviriza inkuru nziza. Birakora ku mutima cane kubona ingene Yehova ariko arihutisha igikorwa. Ndemera rwose ko ari we yashatse ko nza ng’aha i Mandalay.”

YEHOVA ARUMVA AMASENGESHO

Abitanze batari bake bariboneye ububasha bw’isengesho. Fata nk’akarorero uwitwa Jumpei n’umukenyezi wiwe Nao, bakaba bari mu myaka 35. Bari basanzwe bari mw’ishengero ry’ururimi rw’ibimenyetso mu Buyapani. None ni kubera iki bimukiye muri Birmaniya? Jumpei avuga ati: “Jewe n’umugore wanje twamye dufise umugambi wo gukorera mu kindi gihugu kirimwo inkenero kuruta. Hari umuvukanyi wo mw’ishengero ryacu yimukiye muri Birmaniya. Naho twari dufise udufaranga dukeyi, na twebwe twarimukiyeyo muri Rusama 2010. Abavukanyi na bashiki bacu bo muri Birmaniya batwakiranye igishika!” None Jumpei abona gute umurimo arangurirayo mu rurimi rw’ibimenyetso? Agira ati: “Abashimishwa ni benshi. Iyo tweretse abaragi amavidewo mu rurimi rw’ibimenyetso, barumirwa. Turahimbawe cane kubona twarafashe ingingo yo kuza gukorera Yehova ng’aha!”

Nao na Jumpei

None Jumpei na Nao vyabagendeye gute mu bijanye n’amahera? Jumpei avuga ati: “Inyuma y’imyaka itatu, amahera nka yose twari dufise yaraheze ku buryo tutari dusigaranye ayo kuriha inzu mu mwaka ukurikira. Twe n’umukenyezi wanje twarasenze kenshi dutakamba. Erega twagiye tubona ikete rivuye ku biro vy’ishami ridutumira kuba abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito! Twarizigiye Yehova kandi twarabonye ko ataduhevye. Yaratwitwararitse mu buryo bwose.” Jumpei na Nao baherutse no kwitaba rya Shure ry’abamamaji b’Ubwami.

YEHOVA ARAVYURIRA AGATIMA BENSHI

Umuvukanyi yitwa Simone w’imyaka 43 wo mu Butaliyano n’umukenyezi wiwe Anna w’imyaka 37 aturuka muri Nouvelle Zélande, barimukiye muri Birmaniya. Ni igiki catumye bajayo? Anna yishura ati: “Ni inkuru ivugwa mu Gitabu c’umwaka 2013 ivuga ivyerekeye Birmaniya!” Simone agira ati: “Ni agateka kadasanzwe kuba turi muri Birmaniya. Hano ubuzima buroroshe cane, bigatuma nshobora kumara umwanya wiyongereye mu gikorwa ca Yehova. Birahimbaye kwibonera ukuntu Yehova atwitwararika turiko dusukurira ahakenewe abamamaji kuruta.” (Zab. 121:5) Anna na we avuga ati: “Sinari bwigere ngira agahimbare nk’ako mfise. Dufise ubuzima bworoheje. Ndamarana umwanya wiyongereye n’umunega wanje, bigatuma turushiriza kwiyegerezanya. Vyongeye, twarironkeye abandi bagenzi b’agaciro. Abantu ntibinuba Ivyabona, kandi mu ndimiro barashimishwa bimwe bitangaje!” Uti gute?

Simone na Anna

Anna yigana ati: “Umusi umwe narabwiye inkuru nziza umunyeshure wo kuri kaminuza yari kw’isoko, nca ndamubwira ko nzoja kumuraba. Igihe naja kumuraba nasanze yazanye mugenziwe. Ubukurikira yari yazanye abandi bakeya, mu nyuma na ho azana n’abandi. Ubu batanu muri bo turiga Bibiliya.” Simone avuga ati: “Abantu mu ndimiro usanga bimereye neza kandi bashashaye kwiga. Benshi barashimishwa. Ikibabaje ni uko tutaronka umwanya wo kubitwararika bose.”

Sachio na Mizuho

None umuntu yotera intambwe izihe kugira afate ingingo yo kwimukira muri Birmaniya? Uwitwa Mizuho wo mu Buyapani, avuga ati: “Twe n’umugabo wanje Sachio twamye twipfuza gukorera ahari inkenero mu kindi gihugu, mugabo ntitubone aho twoja. Tumaze gusoma inkuru yo mu Gitabu c’umwaka 2013 ivuga ivyerekeye Birmaniya, twarakozwe cane ku mutima n’ivyabonywe bishimishije, duca dutangura kwiyumvira nimba gukorerayo vyodushobokera.” Sachio yongerako ati: “Twafashe ingingo yo kumara indwi dutemberera igisagara gikuru ca Birmaniya ari co Rangoun, kugira tumere nk’abagitata. Umwanya muto twahamaze waratujijuye ko dukwiye kwimukirayo.”

WOBA UZOKWITABA AKO KAMO?

Jane, Danica, Rodney na Jordan

Uwitwa Rodney n’umukenyezi wiwe Jane bo muri Ostraliya bafise imyaka nka 50. Bo hamwe n’umuhungu wabo Jordan n’umukobwa wabo Danica, bakorera muri Birmaniya kuva mu 2010. Rodney avuga ati: “Twarakozwe cane ku mutima tubonye ingene abantu bari bashonje mu vy’impwemu. Nta kandi kamo notera iyindi miryango atari uko bogerageza gukorera ahantu hameze nka Birmaniya.” Uti kubera iki? Agira ati: “Ivyiza umuryango wacu wahungukiye mu vy’impwemu ni ntangere! Abakiri bato benshi usanga bitwararika gusa amatelefone yabo, imiduga, ubuzi n’ibindi. Abana bacu bo bitwararika kwiga amajambo bokoresha mu busuku. Barihatira kwiga ingene bofasha abatamenyereye Bibiliya kuzirikana be n’ukuntu bokwishura mu makoraniro y’ishengero. Vyongeye, bashira umutima ku bindi bikorwa vyinshi bishimishije bituma biyegereza Yehova.”

Oliver na Anna

Umuvukanyi yitwa Oliver w’imyaka 37 wo muri Amerika arasigura igituma yoremesha abandi gukora uwo murimo, ati: “Kwemera kugira ivyo mpevye kugira nje gukorera Yehova mu mahanga vyaramfashije cane. Vyaratumye ndushiriza kwizigira Yehova uko ibintu vyoba vyifashe kwose. Gukorana n’abo tutari tuzinanyi ariko dusangiye ukwemera, vyaranyeretse ko ata kintu na kimwe muri iyi si gihambaye nk’Ubwami bw’Imana.” Ubu Oliver n’umukenyezi wiwe Anna, barabandanya gukorana umwete mu cibare c’abantu bavuga igishinwa.

Trazel

Mushiki wacu w’imyaka 52 yitwa Trazel aturuka muri Ostraliya, akorera muri Birmaniya kuva mu 2004. Avuga ati: “Abo vyokundira bose, ndabahimirije cane ngo baje gukorera ahari inkenero kuruta. Ndamaze kwibonera ko iyo umuntu afise ico cipfuzo, Yehova ahezagira utwigoro twiwe. Sinigeze niyumvira ko nobayeho gutya. Ni bwo buzima bwiza kuruta ubundi bwose nari kugira.”

Ese aya majambo akora ku mutima yavuzwe n’abagiye gufasha muri Birmaniya yokuvyurira umutima wo kuja gufasha abantu bo mu vyibare bikorerwamwo gake. Ego cane, abakorera ahari inkenero kuruta bariko baragutera akamo bati: “Nuze muri Birmaniya udufashe!”