Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukumera neza​—Wogutsimbataza gute?

Ukumera neza​—Wogutsimbataza gute?

TWESE turipfuza ko abandi bavuga yuko tumeze neza. Ariko rero kuba umuntu ameze neza si icoroshe mw’isi ya kino gihe. Abantu benshi ‘ntibakunda iciza.’ (2 Tim. 3:3) Barirengagiza ingingo ngenderwako za Yehova. Ico avuga ako ari ciza bacita “kibi,” ico avuga ko ari kibi na co bakacita “ciza.” (Yes. 5:20) Vyongeye kahise kacu be n’ukuba tudatunganye biratugirako ingaruka twese. Twoshobora rero kwumva tumerewe nk’uwitwa Anne. * Naho amaze imyaka mirongo akorera Yehova, avuga ati: “Birangora cane kwemera ko noshobora kuba umuntu ameze neza.”

Igishimishije, twese turashobora gutsimbataza ukumera neza. Tugutsimbataza tubifashijwemwo n’impwemu nyeranda, ikaba ikomeye kuruta akosho ako ari ko kose kava kuri iyi si canke ku mubiri wacu no ku vyo twaciyemwo. Nimuze turimbure ico ari co kumera neza, maze twihweze ingene tworushiriza gutsimbataza iyo kamere.

UKUMERA NEZA NI IKI?

Ukumera neza bisobanura kugira inyifato runtu idasanzwe be n’ingeso nziza zizira ububi canke ukwononekara. Umuntu ameze neza yama arondera ineza y’abandi kandi akitwararika kubafasha mu vyo bakeneye.

Urashobora kuba umaze kubona abitwararika ineza y’imiryango yabo n’abagenzi babo. Ariko none ukumera neza vyoba ari aho bigarukira? Ikizwi coco ni uko dufise aho tugarukiriza mu kugaragaza iyo kamere. Bibiliya ivuga ko “ata muntu w’umugororotsi ariho mw’isi aguma akora ivyiza ntacumure.” (Umus. 7:20) Intumwa Paulo yariyemereye ati: “Nzi yuko muri jewe, ni ukuvuga mu mubiri wanje, ata ciza na kimwe kibayo.” (Rom. 7:18) Ku bw’ivyo, birabereye ko twigana Yehova we Soko ry’ukumera neza kugira dutsimbataze iyo kamere.

“YEHOVA NI MWIZA”

Yehova Imana ni we twofatirako kugira tumenye iciza ico ari co. Ku bimwerekeye, Bibiliya igira iti: “Uri mwiza, kandi ukora ivyiza. Nunyigishe ingingo nyobozi zawe.” (Zab. 119:68) Nimuze twihweze ibintu bibiri bivugwa muri uwo murongo biranga ukumera neza kwa Yehova.

Yehova ni mwiza. Ukumera neza kurigaragaza muri kamere za Yehova zose. Rimbura ivyabaye igihe yabwira Musa ati: “Nzocisha ukumera neza kwanje kwose imbere y’amaso yawe.” Yehova yareretse Musa ubuninahazwa bwiwe harimwo n’ukumera neza kwiwe. Musa yaciye yumva amajambo agira ati: “Yehova, Yehova, Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro, mugabo ikaba itazogenda ikuye igihano ku muntu.” (Kuv. 33:19; 34:6, 7) Ntitwoba rero twihenze tuvuze ko ukumera neza kwigaragaza mu mice yose ya kamere za Yehova. Naho Yezu yari we karorero ruheta k’umuntu ameze neza, yavuze ati: “Nta n’umwe ari mwiza, atari umwe, na we ni Imana.”​—Luka 18:19.

Ivyaremwe biraduhishurira ukumera neza kwa Yehova

Ivyo Yehova akora ni vyiza. Ukumera neza kurigaragaza mu vyo Imana ikora vyose. “Yehova ni mwiza kuri bose, kandi imbabazi ziwe ziri ku bikorwa vyiwe vyose.” (Zab. 145:9) Yehova ntagira nkuzi mu kugaragaza ukumera neza kuko aha abantu bose ubuzima be n’ikibabeshaho. (Ivyak. 14:17) Ukumera neza kwiwe kandi kurigaragaza igihe atubabarira. Umwanditsi wa Zaburi yagize ati: “Ewe Yehova, uri mwiza kandi witeguriye kubabarira.” (Zab. 86:5) Ntidukekeranya rero ko “Yehova [a]ta ciza na kimwe azokwima abagendera mu kutagira amahinyu.”​—Zab. 84:11.

“NIMWIGE GUKORA ICIZA”

Twaremwe mw’ishusho y’Imana, tukaba rero dushobora kuba abantu bameze neza kandi tugakora ivyiza. (Ita. 1:27) Naho biri ukwo, Ijambo ry’Imana rihimiriza abasavyi bayo ‘kwiga gukora iciza.’ (Yes. 1:17) Ariko none dushobora gute kwiga gukora iciza? Rimbura uburyo butatu twobigira.

Ubwa mbere, twosenga dusaba impwemu nyeranda. Irashobora gufasha abakirisu kugaragaza ukumera neza nyakwo. (Gal. 5:22) Ego cane, impwemu y’Imana irashobora gutuma dukunda iciza tukanka ikibi. (Rom. 12:9) Bibiliya ivuga ko Yehova ashobora gutuma “[dushikama] mu gikorwa ciza cose n’ijambo ryiza ryose.”​—2 Tes. 2:16, 17.

Ubwa kabiri, turakwiye gusoma Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Igihe turisomye, Yehova aratwigisha “inzira yose y’iciza” maze akaduha ibikenewe “ku bw’igikorwa ciza cose.” (Imig. 2:9; 2 Tim. 3:17) Iyo dusomye Ijambo ry’Imana tukongera tukarizirikanako, turuzuza mu mutima wacu ibintu vyiza vyerekeye Imana be n’igomba ryayo. Gutyo turiziganiriza ubutunzi dushobora kwikorako mu nyuma.​—Luka 6:45; Ef. 5:9.

Ubwa gatatu, twokora uko dushoboye kwose ‘tukigana iciza.’ (3 Yoh. 11) Muri Bibiliya harimwo uburorero twokwigana. Yehova na Yezu ni bo burorero ruheta. Ariko rero turashobora kurimbura n’abandi bagaragaje ukumera neza. Babiri muri bo woshobora guca wibuka ni Tabita na Barunaba. (Ivyak. 9:36; 11:22-24) Nurimbure witonze inkuru zabo, maze urabe ibintu bakoze mu gufasha abandi. Nuzirikane ukuntu nawe wokwibwiriza ugafasha abo mu muryango wawe canke mw’ishengero. Vyongeye, niwihweze ivyiza Tabita na Barunaba bironkeye kubera bakoreye ivyiza abandi. Na wewe ubiganye woshobora kwironkera ivyiza.

Turashobora kandi kurimbura uburorero bw’abakora ivyiza muri iki gihe. Nk’akarorero, abakurambere bacu bakora cane ‘barakunda iciza.’ Abandi tutokwibagira ni bashiki bacu b’abizigirwa, bakaba ari “abigisha b’ivyiza” mu vyo bavuga no mu karorero batanga. (Tito 1:8; 2:3) Mushiki wacu yitwa Roslyn yigana ati: “Ndafise umugenzi yibwiriza gufasha abandi mw’ishengero kandi akabaremesha. Arazirikana uko ivyabo vyifashe kandi akenshi aragira utwo abahaye canke akabafasha mu bundi buryo. Vy’ukuri, ndabona ko ari umuntu ameze neza.”

Yehova aduhimiriza ati: “Nimurondere iciza.” (Am. 5:14) Nitwabigira, tuzokunda ingingo ngenderwako ziwe twongere turushirize kwipfuza gukora iciza.

Turihatira kumera neza no gukora ivyiza

Kugira dukore iciza si ngombwa ngo dukore ibintu bihambaye rwose canke vy’ubuhizi. Tubitangire akarorero: Kugira igiterwa gikure, ntitukivomera rimwe gusa n’amazi menshi cane. Ahubwo riho, tuza turakivomera kenshi n’amazi makemake. Muri ubwo buryo nyene, ukumera neza kwacu kurashobora kugaragarira mu bintu vyinshi bitobito tuza turakorera abandi.

Bibiliya iduhimiriza kuba “abiteguriye” igikorwa ciza. (2 Tim. 2:21; Tito 3:1) Nitwitwararika kumenya uko ivy’abandi vyifashe, tuzoshobora kubona uburyo twoshimisha bagenzi bacu “mu vyiza kugira ngo [b]ubakwe.” (Rom. 15:2) Bumwe muri bwo ni nko kugira ico tubahaye mu vyo dufise. (Imig. 3:27) Nk’akarorero turashobora kubatumira kugira dusangire akajumbu canke turemeshanye. Nimba tuzi ko hari uwurwaye, turashobora kumwandikira agakete, kumusuhuza canke kumuterefona. Mu vy’ukuri, hari uburyo bwinshi bwo kuvuga ijambo “ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva.”​—Ef. 4:29.

Cokimwe na Yehova, twipfuza gukorera bose iciza. Ku bw’ivyo, turirinda kugira nkunzi. Turavyirinda canecane mu kubwira bose inkuru nziza y’Ubwami. Nk’uko Yezu yabidutegetse, turakorera ivyiza n’abatwanka. (Luka 6:27) Gukorera ivyiza abandi nta na rimwe vyigera biba bibi, kuko “ibintu mwene ivyo [a]ta tegeko ribibuza.” (Gal. 5:22, 23) Iyo dukoze ivyiza no mu gihe baturwanya canke turi mu bigeragezo, vyoshobora gutuma abandi bashimishwa n’ukuri maze bakaninahaza Imana.​—1 Pet. 3:16, 17.

IMPERA TWIRONKERA

Bibiliya igira iti: “Umuntu mwiza azohazwa n’ibiva ku vyo akora.” (Imig. 14:14) None ni ivyiza ibihe umuntu mwiza yironkera? Igihe dukorera ivyiza abandi, vyoshoboka cane ko na bo babitwishura. (Imig. 14:22) N’igihe nyene batabitwishuye, twobandanya gukora iciza. Ivyo vyoshobora gutuma bikebuka maze bakadufata neza.​—Rom. 12:20.

Abenshi bariyemerera ingene bahungukiye cane igihe bavavanura n’ibibi bagakora ivyiza. Nk’akarorero, uwitwa Nancy yiyemerera ati: “Nakuze ndi intagondwa, ndi umusambanyi kandi ata co nubaha. Ariko igihe niga ingingo ngenderwako z’Imana zigenga iciza nkongera nkazisunga, naratanguye kugira agahimbare. Ubu ndi umupfasoni kandi ndiyubashe.”

Imvo nyamukuru ituma dutsimbataza ukumera neza ni uko bituma Yehova anezerwa. N’igihe abandi batabona ivyo dukora, Yehova we arabibona. Arabona ikintu ciza cose dukora canke twiyumvira. (Ef. 6:7, 8) None ivyo bivamwo iki? Bibiliya igira iti: “Umwiza arashimwa na Yehova.” (Imig. 12:2) Nimuze rero tubandanye gutsimbataza ukumera neza. Yehova asezerana “ubuninahazwa n’iteka n’amahoro ku muntu wese akora iciza.”​—Rom. 2:10.

^ ing. 2 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.