IKIGANIRO C’UKWIGA 6
Nugumane ugutungana kwawe!
“Gushika ncikanye, sinzokwiyambura ugutungana kwanje!”—YOBU 27:5.
URURIRIMBO RWA 34 Tugendere mu gutungana
INCAMAKE *
1. Ni gute Ivyabona vya Yehova batatu bavugwa muri iyi ngingo baguma ari intahemuka kuri Yehova?
NUSE n’uwubona ibi bintu biriko birashikira Ivyabona vya Yehova batatu. (1) Umwigeme akiri muto ari kw’ishure. Agiye yumva umwigisha asavye abanyeshure bose kugira uruhara mu musi mukuru kanaka. Kubera ko nya mwigeme azi ko uwo musi mukuru udahimbara Yehova, aranka kuwugiramwo uruhara abigiranye icubahiro. (2) Umuhungu w’amasoni ariko aramamaza inzu ku nzu. Aciye yibuka ko ku nzu ikurikira haba umunyeshure bigana akunda kuvuga nabi Ivyabona. Naho ari ukwo, aradodora kuri iyo nzu. (3) Umugabo umwe arakora cane kugira atunge umuryango wiwe. Umusi umwe, umukoresha wiwe amusavye gukora ikintu c’amanyanga. Naho kwanka kugikora vyoshobora gutuma atakaza akazi, nya mugabo aramusiguriye ko ategerezwa kuba imvugakuri no kwubaha amategeko kuko ari vyo Imana isaba abasavyi bayo.—Rom. 13:1-4; Heb. 13:18.
2. Ni ibibazo ibihe tugiye kwihweza, kandi kubera iki?
2 Ni kamere iyihe ubona muri abo bantu batatu? Urashobora kubabonamwo nyinshi, nk’umutima rugabo no kuba imvugakuri. Ariko hari kamere imwe y’agaciro yigaragaza cane, na yo akaba ari ugutungana. Umwe wese arerekana ko ari intahemuka kuri Yehova, akanka kurenga ku ngingo ngenderwako ziwe. Ugutungana ni kwo kubibafashamwo. Yehova arahimbarwa no kuba umwe wese muri bo yagaragaje iyo kamere. Na twebwe turipfuza cane kunezereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Nimuze rero twihweze ibi bibazo bitatu: Ugutungana
ni iki? Kubera iki tugukeneye? Twokomeza gute umwiyemezo dufise wo kugumana ugutungana muri ibi bihe bitoroshe?UGUTUNGANA NI IKI?
3. (a) Ugutungana ni iki? (b) Ni uburorero ubuhe budufasha gutahura ico ari co ugutungana?
3 Abasavyi ba Yehova bagaragaza gute ugutungana? Ni mu kumukunda n’umutima wabo wose, bakamwihebera baherejeko maze mu ngingo zose bafata bagashira imbere ivyo agomba. Rimbura amakuru amwamwe yo muri Bibiliya yodufasha kubitahura. Muri Bibiliya, ijambo ryahinduwe ngo “gutungana” risobanura: gukwira, kutagira agahonzi canke kwuzura. Nk’akarorero, mw’itegeko ryasaba Abisirayeli guha Yehova ibimazi vy’ibikoko, basabwa gutanga ibitagira agahonzi. (Lew. 22:21, 22) Ntibari bemerewe gutanga igitungwa kitagira ukuguru, ugutwi canke ijisho canke ngo batange ikirwaye. Yehova yasaba ko kiba ikitagira agahonzi canke agahaze. (Mal. 1:6-9) Ni kubera iki none Yehova yitwararika ko ikintu kiba ikitagira akanenge? Iyo tuguze ikintu, caba ari icamwa, igitabu canke ikindi gikoresho, ntitugura icononekaye, igifise intoboro canke ikiri n’ivyo gihajije. Tuba twipfuza igikwiye, kitagira agahaze. Na Yehova abona ibintu muri ubwo buryo nyene. Yipfuza ko urukundo rwacu n’ukudahemuka kwacu biba ibikwiye, bitagira agahaze.
4. (a) Kubera iki umunyagasembwa ashobora kugumana ugutungana? (b) Twisunze Zaburi 103:12-14, ni igiki Yehova atatwitezeko?
4 Twoba none dukwiye kwiyumvira ko tubwirizwa kuba abatagira agasembwa kugira tugumane ugutungana? Habe namba. Nkako, turi abanyagasembwa kandi dukora amakosa menshi. Rimbura imvo zibiri zotuma tutiyumvira gutyo. Ubwa mbere Yehova ntiyibanda ku makosa yacu. Ijambo ryiwe rigira riti: “Iyaba amakosa ari yo ugumizako ijisho, ewe Ya, ewe Yehova, ni nde yohagaze?” (Zab. 130:3) Arazi ko tudatunganye be n’uko turi abacumuzi, maze akatubabarira abigiranye ubuntu. (Zab. 86:5) Ubwa kabiri, Yehova arazi ko turi n’aho tugeza, akaba atatwitegako ivyo tudashoboye. (Soma Zaburi 103:12-14.) None dushobora gute kuba abatagira agahaze mu maso yiwe?
5. Urukundo rudufasha gute kugumana ugutungana kwacu?
5 Urukundo ni rwo rudufasha kugumana ugutungana kwacu. Urwo dukunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru be n’ukuba twaramwihebeye duherejeko bikwiye kuguma bitagira agahaze. Iyo urukundo rwacu rugumye rukomeye n’igihe turi mu bigeragezo, biragaragaza ko turi intahemuka. (1 Ngo. 28:9; Mat. 22:37) Dusubire twihweze ivyerekeye vya Vyabona batatu twabona. Kubera iki bavyifashemwo ukuraho? Urya mwigeme yoba adakunda kuryoherwa kw’ishure? Urya muhungu yoba ashaka ko bamumaramaza adodoye? Urya mugabo we yoba yipfuza gutakaza akazi? Habe namba. Ahubwo ni kubera batahura ko Yehova afise ingingo ngenderwako zigororotse, bakaba barajwe ishinga no gukora ibimuhimbara. Urukundo bamukunda rutuma bamushira imbere mu ngingo bafata, gutyo bakaba berekanye ko ari intahemuka.
IGITUMA DUKENEYE UGUTUNGANA
6. (a) Ni kubera iki dukeneye ugutungana? (b) Adamu na Eva batakaje gute ugutungana kwabo?
6 Kubera iki umwe wese muri twebwe akeneye cane ugutungana? Turagukeneye kubera ko Shetani arwanya Yehova, na twebwe tudasigaye inyuma. Mw’itongo rya Edeni, uwo mumarayika w’umugarariji yarigize Shetani, ni ukuvuga “Umurwanizi.” Yarasize iceyi Ita. 3:1-6) Muri Edeni bari bafise uturyo twinshi two gukomeza urwo bakunda Yehova. Yamara igihe Shetani yabavyuramwo inkeka, urukundo rwabo rwari n’agahaze. Hari ikindi kibazo caciye kivyuka: Hoba hari umuntu yogumye ari intahemuka kuri Yehova abitumwe n’uko amukunda? Mu yandi majambo abantu boba vy’ukuri bashobora kugumana ugutungana kwabo? Ico kibazo caravyutse ku bijanye na Yobu.
izina rya Yehova mu kuvuga ko ari umutware mubi, yikunda kandi abesha. Ikibabaje, Adamu na Eva barifatanije na we mu kugarariza Yehova. (7. Nk’uko bivugwa muri Yobu 1:8-11, Yehova yabona gute ugutungana kwa Yobu? Shetani we yakubona gute?
7 Yobu yabayeho igihe Abisirayeli bari mu Misiri. Ugutungana kwiwe kwari ukudasanzwe. Naho yari umunyagasembwa cokimwe natwe, akaba yarakora amakosa, Yehova yaramukunda kubera yari intahemuka. Biboneka ko Shetani yari amaze gucokora Yehova ku bijanye n’ugutungana kw’abantu. Yehova yaciye amwereka Yobu. Ingene yari abayeho vyaragaragaza yuko Shetani ari umubeshi. Shetani yaciye asaba ko yogerageza Yobu. Kubera ko Yehova yari yizigiye umugenzi wiwe Yobu, yaremeye Shetani aramugerageza.—Soma Yobu 1:8-11.
8. Shetani yateje gute ivyago Yobu?
8 Shetani ni umubisha akaba n’umwicanyi. Yaraherengeteje ubutunzi bwa Yobu, arica abasuku biwe yongera aramucafuza mu kibano. Yaramuteye mu muryango, aramuhekura abana biwe cumi. Yahavuye agaba igitero no ku mubiri wiwe mu kumuteza ibihute kuva ku mutwe gushika mu bworo bw’ikirenge. Yobu 1:13-22; 2:7-11; 15:4, 5; 22:3-6; 25:4-6.
Umugore wa Yobu yararengewe n’intuntu gushika n’aho amuhimiriza gutuka Imana kugira apfe aveho. Yobu na we nyene yaripfuje gupfa, mugabo agumana ugutungana kwiwe. Shetani yaciye ahindura umukenyuro. Yarakoresheje abagabo batatu, bakaba bari abagenzi ba Yobu. Abo bagabo baraje kumuraba bahamara imisi, ariko ntibigeze bamuremesha. Ahubwo baramunebaguye bongera baramucira urubanza ata kagongwe. Bavuze ko Imana ari yo yariko iramuteza ivyago kandi ko itari inezwe ugutungana kwiwe. Baranavuze ko Yobu yari umubisha be n’uko ivyago vyariko biramushikira ari we yavyikwegeye.—9. Naho Yobu yari mu bigeragezo, ni igiki yanse gukora?
9 Yobu yavyifashemwo gute muri ivyo bigeragezo vyose? Ego ni ko yari umunyagasembwa. Nkako, yarahambariye abo biruzi b’ikinyoma yongera aravuga amajambo yahavuye yiyemerera ko kwari uguhoromboka. Yaranavuze kenshi ko agororotse kuruta uko yavuze ko Imana igororotse. (Yobu 6:3; 13:4, 5; 32:2; 34:5) Yamara n’igihe yari ageze ahatemba, yaranse guhemukira Yehova. Yaranse kwemera ibinyoma vy’abo bagenzi biwe. Yavuze ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe ko mwebwe nobita abagororotsi! Gushika ncikanye, sinzokwiyambura ugutungana kwanje!” (Yobu 27:5) Ayo majambo arakomeye cane. Yobu yaranse kudohoka kandi na twebwe turashobora kumwigana.
10. Ni gute ibinyoma Shetani yagirije Yobu na twebwe bitwerekeye?
10 Shetani aragiriza ivyo binyoma nyene umwe wese muri twebwe. Uti gute? Mu bisanzwe, avuga ko udakunda Yehova vy’ukuri, ko utazobandanya umukorera ushikiwe n’ivyago be n’uko ugutungana kwawe ari ukw’ikinyoma. (Yobu 2:4, 5; Ivyah. 12:10) Ivyo bituma wiyumva gute? Birakubabaza cane, si ko? Ariko rero zirikana iki kintu: Yehova arakwizigira cane ku buryo yemerera Shetani kugerageza ugutungana kwawe. Yehova arizigira adakeka ko ushoboye kugumana ugutungana kwawe maze ukerekana ko Shetani ari umubeshi. Vyongeye, agusezeranira kugufasha kubishitsa. (Heb. 13:6) Ese ukuntu ari agateka kwizigirwa na Segaba w’ibiriho vyose! Woba ubona rero igituma ugutungana guhambaye cane? Kuraturonsa akaryo ko gushira ahabona ibinyoma vya Shetani maze tugashigikira ubusegaba bwa Yehova tukongera tukeza izina ryiwe. None twotsimbataza gute iyo kamere idasanzwe?
DUSHOBORA GUTE KUGUMANA UGUTUNGANA KWACU MURI IKI GIHE?
11. Ni ibiki dushobora kwigira kuri Yobu?
11 Shetani yarongereje ibitero vyiwe muri iyi “misi ya nyuma” idurumbanye. (2 Tim. 3:1) None muri ibi bihe bitoroshe, twokora iki kugira tugumane ugutungana kwacu? Twoshobora kwigira vyinshi kuri Yobu. N’imbere y’uko ashikirwa n’ivyo bigeragezo, yari amaze kwerekana ko ari intahemuka. Rimbura ivyigwa bitatu dushobora kumwigirako mu bijanye no kwikomeza kugira tugumane ugutungana kwacu.
12. (a) Nk’uko bivugwa muri Yobu 26:7, 8, 14, Yobu yakoze iki kugira arushirize gutinya Yehova no kumwubaha? (b) Twomwigana gute?
12 Yobu yarakomeje urwo akunda Imana mu kwerekana ko atinya Yehova. Yobu yaramara umwanya yitegereza ibintu bitangaje Yehova yaremye. (Soma Yobu 26:7, 8, 14.) Yarakorwa ku mutima azirikanye ibijanye n’isi, ikirere, ibicu be n’umuturagaro, kandi yaratahura ko azi bike ku bijanye n’ibintu vyinshi Yehova yaremye. Yaraha kandi agaciro amajambo y’Imana. Yavuze ati: “Nabitse muri ntibate amajambo y’akanwa kayo.” (Yobu 23:12) Yobu yaratangarira Yehova kandi akamwubaha cane. Yarakunda uwo Muvyeyi wiwe kandi yaripfuza kumuhimbara. Umwiyemezo Yobu yari afise wo kugumana ugutungana kwiwe wararushirije gukomera. Turakwiye kumwigana, narirya ubu tuzi vyinshi ku bijanye n’ivyaremwe kuruta abo mu gihe ca Yobu. Vyongeye turafise Bibiliya ikwiye idufasha kumenya neza Yehova. Ivyo twiga vyose biratuma tugirira akoba Yehova, tukongera tukamwubaha cane. Ivyo bica bituma tumukunda, tukamugamburukira, tukarushiriza no kwipfuza kugumana ugutungana kwacu.—Yobu 28:28.
13, 14. (a) Nk’uko vyerekanwa muri Yobu 31:1, Yobu yagaragaje gute ko agamburuka? (b) Twomwigana gute?
13 Yobu yarakomeje ugutungana kwiwe biciye ku kugamburuka. Yobu yari azi ko ugutungana kujana n’ukugamburuka. Nkako, igihe cose tugamburutse birakomeza umwiyemezo wo kugumana ugutungana kwacu. Yobu yarihatira kugamburukira Yehova buri musi. Nk’akarorero, yariyubara mu kuntu yafata abo badasangiye igitsina. (Soma Yobu 31:1.) Kubera ko yari yubatse, yari azi ko bitabereye kwipfuza umugore atari rwiwe. Muri iki gihe, tubaye mw’isi iguma iducucagira ibitwosha gusambana. Twoba none tuzokwirinda kwipfuza uwo tutubakanye, cokimwe na Yobu? Twoba tuzokwirinda kuraba amashusho y’ibiterasoni y’uburyo bwose? (Mat. 5:28) Nitwigumya buri musi muri ubwo buryo, tuzorushiriza gukomeza ugutungana kwacu.
14 Yobu yaragamburukira Yehova no mu kuntu yabona ibintu atunze. Yaratahura ko hamwe yokwizigira amatungo yiwe, yobaye akoze ikosa rikomeye ribereye igihano. (Yobu 31:24, 25, 28) Tubaye mw’isi ishira imbere ibintu vy’umubiri. Nitwihatira kubona amahera n’ubutunzi mu buryo bubereye nk’uko Bibiliya ibiduhimiriza, tuzokomeza umwiyemezo dufise wo kugumana ugutungana kwacu.—Imig. 30:8, 9; Mat. 6:19-21.
15. (a) Ni icizigiro ikihe cafashije Yobu kugumana ugutungana kwiwe? (b) Kugumiza ku muzirikanyi icizigiro Yehova aduha bidufasha gute?
15 Yobu yagumanye ugutungana kwiwe mu kugumiza umuzirikanyi ku mpera Yehova yomuhaye. Yari azi neza ko Imana iha agaciro ugutungana kwiwe. (Yobu 31:6) Naho yari mu bigeragezo, yaremera adakeka ko amaherezo Yehova yomuhaye impera. Ivyo bitegerezwa kuba vyaramufashije kugumana ugutungana kwiwe. Yehova yarahimbarwa n’ugutungana kwa Yobu ku buryo yamuhaye impera nini naho yari akiri umunyagasembwa. (Yobu 42:12-17; Yak. 5:11) Muri kazoza hoho azomuha impera nini kuruta. Na wewe urashobora kwizigira udakeka ko Yehova azoguha impera kubera ugutungana kwawe. Imana yacu ntiyahindutse. (Mal. 3:6) Nitwibuka ko iha agaciro ukudahemuka kwacu, tuzogumiza ku muzirikanyi kazoza keza igitangaza katurindiriye.—1 Tes. 5:8, 9.
16. Dukwiye kwiyemeza iki?
16 Niwiyemeze rero kutigera uva ku gutungana kwawe. Vyoshobora gushika ukumva umenga uri wenyene, ariko ntuzigera uba nyamwigendako. Uzoba uri mu bandi amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bagumana ugutungana kwabo. Vyongeye, uzoja mu mugwi w’abagabo n’abagore bagaragaje ukwizera muri kahise bakaguma ari intahemuka n’igihe nyene bari bahanganye n’urupfu. (Heb. 11:36-38; 12:1) Ese twese twokwiyemeza kugendera amajambo ya Yobu agira ati: “Sinzokwiyambura ugutungana kwanje!” Ese kandi ugutunga kwacu kwoninahaza Yehova ibihe vyose!
URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka
^ ing. 5 Ugutungana ni iki? Kubera iki Yehova ashima cane ko abasavyi biwe bakugumana? Kubera iki ugutungana guhambaye kuri twese? Iki kiganiro kiradufasha kumenya inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo. Kiradufasha no kubona mu buryo butomoye ingene twokwikomeza kugira tugumane ugutungana kwacu ku musi ku musi. Ivyo bizotuma twironkera imihezagiro myinshi.
^ ing. 49 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Yobu atarasaza, ariko arigisha bamwe mu bana biwe ibijanye n’ibintu bitangaje Yehova yaremye.
^ ing. 51 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi aranse kuraba amashusho y’ibiterasoni abo bakorana bariko bararaba
^ ing. 53 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi aranse kugura televiziyo amahero izimvye kuko atayikeneye kandi adashobora no kuyiriha
^ ing. 55 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi arafata umwanya wo kuzirikana yitonze ku cizigiro c’iparadizo.