Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana imeze gute?

Imana imeze gute?

Uko turushiriza kumenya kameremere z’umuntu, ni ko turushiriza kumumenya, gutyo ubucuti dufitaniye bugakomera. Muri ubwo buryo nyene, uko turushiriza kumenya kameremere za Yehova, ni ko turushiriza kumenya uko ameze, gutyo ubucuti dufitaniye na we bugakomera. Naho Imana ifise kameremere nziza nyinshi, hariho zine zigaragaza mu buryo budasanzwe, ni ukuvuga ububasha, ubukerebutsi, ubutungane n’urukundo.

IMANA IRAFISE UBUBASHA

“Ewe Mukama Segaba Yehova! Ehe ni wewe wakoze amajuru n’isi ukoresheje ububasha bwawe buhambaye.”​—YEREMIYA 32:17.

Ivyaremwe biragaragaza ububasha bw’Imana. Nk’akarorero, wumva umerewe gute ku rukoba igihe uri hanze mu ci, izuba rikaze ririko riraka? Wumva rikubabura. Ako ni akarorero k’ububasha Yehova yakoresheje mu kurema. None izuba rifise ububasha bungana gute? Bivugwa ko mu ntimatima yaryo hari ubushuhe bushika kuri dogere 15.000.000. Buri segunda, izuba rirekura inguvu zingana n’iz’amabombe ruhonyanganda imiliyoni amajana.

Naho ari ukwo, izuba ni rito urigereranije na nyinshi mu nyenyeri amamiliyaridi adaharurika ziri mu kirere. Abahinga bavuga ko kimwe mu binyenyeri binini kuruta ibindi, ico bita UY Scuti, kiruta izuba incuro 1.700. Hamwe ico kinyenyeri coshirwa aho izuba riri, coca gifata ikibanza cose c’imibumbe ine ari yo Merikire, Venisi, Isi na Marise, kikabandanya gushika no mu nzira umubumbe bita Jipiteri ucamwo. Kumbure ivyo biradufasha kurushiriza gutahura amajambo ya Yeremiya. Yavuze ko Yehova Imana yaremye amajuru n’isi akoresheje ububasha bukomeye.

Twungukira gute ku bubasha bw’Imana? Tubeshejweho n’ivyo Imana yaremye, nk’akarorero izuba n’ubundi butunzi bw’isi. Vyongeye, Imana irafasha umuntu wese ukwiwe ikoresheje ububasha bwayo. Uti gute? Mu kinjana ca mbere, Imana yarahaye Yezu ububasha bwo gukora ibitangaro, “impumyi zirongera kubona, abacumbagira baragenda, abanyamibembe barahumanurwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa.” (Matayo 11:5) Muri kino gihe ho bite? Bibiliya ivuga ko Yehova “aha ububasha uwurushe.” Yongerako iti: “Abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha.” (Yesaya 40:29, 31) Imana iraduha “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira dushobore kwihanganira ingorane n’ibigeragezo vyo mu buzima. (2 Abakorinto 4:7) None ntiwumva wokwiyegereza iyo Mana idufasha ibigiranye urukundo, ikoresheje ububasha bwayo butagira urugero?

IMANA IRAFISE UBUKEREBUTSI

“Ewe kuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi, Yehova we! Vyose wabikoranye ubukerebutsi.”​—ZABURI 104:24.

Uko turushiriza kumenya ivyo Imana yaremye, ni ko turushiriza gutangazwa n’ubukerebutsi ifise. Nkako, abashakashatsi bariga ubuhinga buri mu vyo Yehova yaremye kugira babwigane mu vyo bahingura. Ivyo barabigira kuva ku kintu gisanzwe nk’uburembo gushika ku kintu gihanitse nk’indege.

Ijisho ryacu ni igitangaza c’irema

Nta handi ubukerebutsi bw’Imana bugaragarira cane kuruta ukuntu umubiri wacu uremwe. Rimbura nk’akarorero ingene umwana akura mu nda. Vyose bitangura igihe urubuto rw’umugore ruhura n’urw’umugabo, bigacika akabuto gatekeye amakuru yose yerekeye uwo mwana. Nya kabuto gaca kigabaguramwo uduce twinshi dusa. Ariko ku gihe kibereye, utwo duce turatangura kwiremarema mu buryo butandukanye, tukavamwo ubwoko amajana bw’utundi duhimba, nk’utuzovamwo amaraso, imitsi be n’amagufa. Bidatevye, ibihimba vy’umubiri biraboneka bigatangura gukora. Mu mezi icenda gusa, ka kabuto ko mu ntango karakura kakavamwo umwana agizwe n’uduhimba ngengabuzima amamiliyaridi. Ubukerebutsi bwigaragaza muri ico kintu buratuma benshi bemera amajambo yo muri Bibiliya agira ati: “Nzoguhaya kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba.”​—Zaburi 139:14.

Twungukira gute ku bukerebutsi bw’Imana? Umuremyi arazi ivyo dukeneye kugira ngo duhimbarwe. Kubera ko afise ubumenyi n’ugutahura bigera kure cane, araduha impanuro nziza mw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Nk’akarorero, aduhimiriza ati: “Mubandanye . . . kubabarirana ata gahigihigi.” (Abakolosayi 3:13) Iyo mpanuro yoba ari ngirakamaro? Cane nyene. Abashakashatsi basanze kubabarira abandi bishobora gutuma usinzira neza, bikagabanya n’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso. Vyoshobora kandi kukurinda akabonge be n’izindi ndwara. Imana imeze nk’umugenzi mwiza, adahengeshanya kuduha impanuro ngirakamaro. (2 Timoteyo 3:16, 17) None umugenzi nk’uwo si we wipfuza?

IMANA IRAFISE UBUTUNGANE

“Yehova akunda ubutungane.”​—ZABURI 37:28.

Imana yama ikora ibigororotse. Nkako, “kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya.” (Yobu 34:10) Imanza za Yehova ziragororotse, nk’uko umwanditsi w’amazaburi yabivuze igihe yamubwira ati: “Uzocira imanza ibisata vy’abantu mu kugororoka.” (Zaburi 67:4) Kubera ko Yehova “abona ico umutima uri,” ntahendwa n’abiyorobetsi. Igihe cose aramenya ukuri, maze agaca urubanza rugororotse. (1 Samweli 16:7) Vyongeye, Imana irabona akarenganyo kose kaba kw’isi, kandi yasezeranye ko vuba ‘ababisha bazokurwa kw’isi.’​—Imigani 2:22.

Ariko rero, Imana si umucamanza akaze, ashashaye guhana. Igihe bibereye, iratanga imbabazi. Bibiliya ivuga ko ‘Yehova agirira imbabazi n’impuhwe’ mbere n’ababisha, igihe bigaye bivuye ku mutima. None ubwo si ubutungane nyakuri?​—Zaburi 103:8; 2 Petero 3:9.

Twungukira gute ku butungane bw’Imana? Intumwa Petero yavuze ati: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35) Turungukira ku butungane bw’Imana kubera itigera igira nkunzi. Turashobora rero kwemerwa na yo maze tukayisenga tutaravye ubwoko bwacu, igihugu tuvamwo, amashure twize canke ikibanza dufise mu kibano.

Imana ntigira nkunzi, kandi ivyo turashobora kuvyungukirako tutaravye ubwoko bwacu canke ikibanza dufise mu kibano

Kubera ko Imana yipfuza ko dutahura kandi tukungukira ku butungane bwayo, yaraduhaye ijwi ryo mu mutima. Ivyanditswe bivuga ko iryo jwi ryo mu mutima ari itegeko ‘ryanditse mu mitima yacu,’ rikaba “rishinga intahe” ko inyifato yacu ari nziza canke mbi. (Abaroma 2:15) None ridufasha gute? Igihe ryamenyerejwe neza, riratuma twirinda ibintu bibi kandi vyotugirira nabi. Bishitse na ho tugakora ikosa, riratuma twigaya maze tukikosora. Vy’ukuri, gutahura ubutungane bw’Imana biradufasha bikongera bigatuma tuyiyegereza.

IMANA NI URUKUNDO

“Imana [ni] urukundo.”​—1 YOHANI 4:8.

Imana iragaragaza ububasha, ubukerebutsi n’ubutungane, ariko Bibiliya ntivuga ko Imana ari ububasha, ubukerebutsi canke ubutungane. Ivuga gusa ko Imana ari urukundo. Uti kuki? Kubera ko ububasha bw’Imana buyishoboza kugira ico ikoze, ubutungane bwayo na bwo bukayobora ivyo ikora. Ariko urukundo rwa Yehova ni rwo rutuma agira ico akoze. Ivyo akora vyose abikora kubera urukundo.

Naho Yehova ata co yari abuze, urukundo rwiwe rwatumye arema ibiremwa bifise ubwenge mw’ijuru no kw’isi, ibishobora kwungukira ku rukundo n’ubwitwararitsi afise. Yarateguye isi abigiranye urukundo kugira ibe ahantu heza abantu yaremye baba. Vyongeye, arabandanya kugaragariza urukundo abantu bose, “kuko atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotsi n’abatari abagororotsi.”​—Matayo 5:45.

Bibiliya ivuga kandi ko “Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi.” (Yakobo 5:11) Aragaragariza ikibabarwe abihatira kumumenya no kumwiyegereza ata buryarya. Imana irabona umwe wese muri bo, kuko “vy’ukuri itari kure y’umwe wese muri twebwe.”​—Ivyakozwe 17:27.

Twungukira gute ku rukundo rw’Imana? Turahimbarwa iyo tubonye ikirengazuba. Turaryoherwa no kubona uruyoya ruriko ruratwenga. Turabishima iyo incuti ya hafi itugaragarije urukundo. Naho ivyo bintu umengo birasanzwe, biratuma ubuzima bwacu buryoha bimwe bidasanzwe.

Turungukira no ku wundi muce w’urukundo rw’Imana, na wo akaba ari isengesho. Bibiliya iduhimiriza iti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.” Nka kurya kw’umuvyeyi afise urukundo, Imana ishaka ko tuyibwira amaganya yacu yose kugira idufashe. Na yo ibitumwe n’urukundo, ica idusezeranira “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.”​—Abafilipi 4:6, 7.

Uwu mwihwezo mugufi wa kameremere nkuru z’Imana ari zo ububasha, ubukerebutsi, ubutungane n’urukundo, woba wagufashije kurushiriza gutahura ingene Imana imeze? Kugira urushirize kumenya Imana, turagusavye usome ibikurikira kugira ngo umenye ivyo imaze kugukorera be n’ivyo igiye kugukorera.

IMANA IMEZE GUTE? Yehova afise ububasha, ubukerebutsi n’ubutungane kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Ariko urukundo rwiwe ni rwo rukora ku mutima kuruta ivyo vyose