Imana yitwa nde?
Igihe ushaka kumenya umuntu, ikintu ca mbere wokora ni ukumubaza uti: “Witwa nde?” None hamwe wobaza Imana ico kibazo, yokwishura gute?
“Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.”—Yesaya 42:8.
Woba ari ho ucumva iryo zina? Vyoshoboka, kuko abahinduzi benshi ba Bibiliya bakoresha gake cane canke ntibakoreshe namba izina ry’Imana. Akenshi barisubiriza izina ry’icubahiro MUKAMA canke UHORAHO. Ariko rero mu ntango, izina ry’Imana ryaraboneka muri Bibiliya incuro zishika 7.000. Iryo zina rigizwe n’indome zine z’indagi z’igiheburayo ari zo YHWH canke JHVH, mu kirundi rikaba rikunze guhindurwa ngo “Yehova.”
Izina ry’Imana riraboneka kenshi mu Vyanditswe vy’igiheburayo no muri Bibiliya nyinshi
IGITUMA IZINA RY’IMANA RIHAMBAYE
Imana ubwayo ibona ko rihambaye. Nta muntu n’umwe yahaye Imana iryo zina; ni yo yaryihaye. Yehova yavuze ati: “Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero, kandi ico ni co cibutso canje iyaruka ku rindi.” (Kuvayo 3:15) Muri Bibiliya, izina ry’Imana ni ryo riboneka incuro nyinshi kuruta amazina yayo y’icubahiro yose, nka Mushoboravyose, Data, Umukama canke Imana. Vyongeye, riraboneka kenshi kuruta ayandi mazina yose, nka Aburahamu, Musa, Dawidi canke Yezu. Ikindi kandi, Yehova yipfuza ko izina ryiwe rimenyekana. Bibiliya ivuga iti: “Kugira bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”—Zaburi 83:18.
Yezu abona ko iryo zina rihambaye. Muri rya sengesho rya Dawe wa twese, Yezu yigishije abayoboke biwe gusaba Imana bati: “Izina ryawe niryezwe.” (Matayo 6:9) Yezu ubwiwe yasenze Imana ati: “Data, ninahaza izina ryawe.” (Yohani 12:28) Yezu yaritwararika cane kuninahaza izina ry’Imana mu buzima bwiwe, akaba ari co gituma yavuze mw’isengesho ati: “Narabamenyesheje izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha.”—Yohani 17:26.
Abazi Imana babona ko iryo zina rihambaye. Abasavyi b’Imana ba kera baratahura ko gukingirwa no gutabarwa kwabo vyari bifitaniye isano n’izina ry’uruharo ry’Imana. Bibiliya igira iti: “Izina rya Yehova ni umunara ukomeye. Umugororotsi Imigani 18:10) Yongerako iti: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira.” (Yoweli 2:32) Bibiliya irerekana ko abasavyi b’Imana bokwitiriwe izina ryayo. Igira iti: “Ibisata vy’abantu vyose bizogendera kimwekimwe cose mw’izina ry’imana yaco; ariko tweho tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika igihe kitagira urugero, egome, ibihe bidahera.”—Mika 4:5; Ivyakozwe 15:14.
awirukiramwo agakingirwa.” (ICO IRYO ZINA RIHISHURA
Iryo zina ni ryo ridondora neza Imana. Abahinga benshi mu vya Bibiliya bavuga ko izina Yehova risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.” Yehova Imana yaraduhaye iciyumviro ku bijanye n’insobanuro y’izina ryiwe igihe yabwira Musa ati: “Nzocika ico nzocika.” (Kuvayo 3:14) Insobanuro y’izina ry’Imana rero ntigarukira ku kuba ari Umuremyi w’ibiriho vyose. Izina ryayo rirashira ahabona ko ashoboye gutuma we ubwiwe be n’ivyo yaremye bicika ico ashaka cose kugira arangure umugambi wiwe. Amazina y’icubahiro y’Imana aradondora ikibanza ifise, ubukuru bwayo n’ubushobozi bwayo. Ariko izina ryayo Yehova ni ryo ryonyene ridondora ico iri be n’ico ishobora kuba.
Iryo zina riratwereka ko Imana itwitaho. Insobanuro y’izina ry’Imana irerekana ko yama yitwararika ivyo yaremye, na twebwe turimwo. Vyongeye, kuba Imana yaramenyekanishije izina ryayo birerekana ko ishaka ko tuyimenya. Nakare, ni yo yibwirije kutumenyesha izina ryayo tutiriwe turayibaza. Biratomoye rero ko Imana ishaka ko tumenya yuko ibaho koko be n’uko dushobora kuyiyegereza, aho kuyibona nk’ikimana kitazwi kandi kiri kure.—Zaburi 73:28.
Gukoresha izina ry’Imana birerekana ko tuyitaho. Tubitangire akarorero: Woshobora gusaba umuntu wipfuza ko akubera umugenzi ngo azoze araguhamagara mw’izina. Wokwumva umerewe gute hamwe uwo muntu yoguma yanka gukoresha izina ryawe. Woteba ukibaza nimba yipfuza vy’ukuri kuba umugenzi wawe. Ni ko bimeze no ku Mana. Yehova yarabwiye abantu izina ryiwe kandi adusaba kurikoresha. Iyo tubigize, tuba tumweretse ko twipfuza kumwiyegereza. Mbere arabona “abiyumvira izina ryiwe,” ni ukuvuga abariha agaciro.—Malaki 3:16.
Kumenya izina ry’Imana ni yo ntambwe ya mbere ihambaye kugira tuyimenye. Ariko ntidukwiye kugarukira aho. Turakeneye kumenya neza nyene iryo zina, tukamenya ingene ameze.
IMANA YITWA NDE? Imana yitwa Yehova. Iryo zina riradondora neza Imana, rikerekana ko ishoboye kurangura umugambi wayo