Ukuri kwerekeye Imana na Yezu
Naho abantu basenga imana nyinshi, hari Imana imwe yonyene y’ukuri. (Yohani 17:3) Ni “Rudasumbwa,” Umuremyi w’ibintu vyose akaba n’Isoko ry’ubuzima bwose. Ni we wenyene dukwiye gusenga.—Daniyeli 7:18; Ivyahishuwe 4:11.
Imana ni nde?
Imana yitwa nde? Imana ubwayo ivuga iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” (Yesaya 42:8) Izina ry’uruharo ry’Imana riboneka incuro nka 7.000 muri Bibiliya. Naho ari ukwo, Bibiliya nyinshi zararisubirije mu buryo butabereye n’izina ry’icubahiro, nk’akarorero “Umukama.” Kubera ko Imana ishaka ko uba umugenzi wayo, irakuremesha ngo ‘wambaze izina ryayo.’—Zaburi 105:1.
Amazina y’icubahiro ya Yehova. Mu kudondora Yehova, Bibiliya irakoresha amazina y’icubahiro nka “Imana,” “Mushoboravyose,” “Umuremyi,” “Data,” “Umukama,” be na “Segaba.” Bibiliya irimwo amasengesho menshi aho mu gusenga Yehova abantu bakoresheje izina ry’icubahiro riri kumwe n’iry’uruharo, ari ryo Yehova.—Daniyeli 9:4.
Yohani 4:24) Bibiliya iremeza ko “[a]ta muntu n’umwe yigeze kubona Imana.” (Yohani 1:18) Bibiliya irahishura ukuntu Imana yiyumva. Abantu barashobora gutuma Imana ibabara canke ‘bakayihimbara.’—Imigani 11:20; Zaburi 78:40, 41.
Ukuntu Imana imeze. Imana ni impwemu itaboneka. (Kamere nziza igitangaza z’Imana. Imana ntigira nkunzi ku bantu bo mu mahanga yose no mu mico kama itandukanye. (Ivyakozwe 10:34, 35) Vyongeye, ni “Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri.” (Kuvayo 34:6, 7) Ariko, Imana irafise kamere zine nyamukuru zituma twumva twoyiyegereza.
Ububasha. Kubera ko ari “Imana Mushoboravyose,” irafise ububasha butagira aho bugarukira bwo gushitsa ivyo isezerana cose.—Itanguriro 17:1.
Ubukerebutsi. Ubukerebutsi bw’Imana burarengeye ubw’uwundi muntu wese. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko ari yo “nkerebutsi yonyene.”—Abaroma 16:27.
Ubutungane. Imana yama ikora ibigororotse. Ibikorwa vyayo ‘ntibigira akanenge,’ kandi “[nti]gira akarenganyo.”—Gusubira mu vyagezwe 32:4.
Urukundo. Bibiliya ivuga ko “Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) Uretse ko Imana igaragaza urukundo, ubwayo ni urukundo. Ivyo ikora vyose ibitumwa n’urukundo rwayo ntangere, kandi turarwungukirako mu buryo butandukanye.
Imana iragiranira ubugenzi n’abantu. Imana ni Dawe wa twese wo mw’ijuru adukunda. (Matayo 6:9) Tumwizeye, turashobora kuba abagenzi biwe. (Zaburi 25:14) Nkako, Imana iragutera akamo ngo uyiyegereze mw’isengesho wongere ‘uterere amaganya yawe yose kuri yo, kuko ikubabara.’—1 Petero 5:7; Yakobo 4:8.
Imana na Yezu batandukaniye he?
Yezu ni Umwana w’Imana. Yezu ntasanzwe, kubera ko ari we wenyene Imana yiremeye ata wundi biciyeko. Ni co gituma Bibiliya imwita Umwana w’Imana. (Yohani 1:14) Yehova amaze kurema Yezu, yaciye akoresha uwo Mwana wiwe w’imfura nk’“umukozi w’umuhanga,” mu kurema ibindi biremwa vyose.—Imigani 8:30, 31; Abakolosayi 1:15, 16.
Yohani 7:29) Igihe Yezu yariko aravugana n’umwe mu bigishwa biwe, yise Yehova ngo “Dawe ari we So,” kandi ngo “Imana yanje ari yo Mana yanyu.” (Yohani 20:17) Yezu amaze gupfa, Yehova yaramuzuye amushira iburyo bwiwe mw’ijuru maze amuha ububasha bukomeye.—Matayo 28:18; Ivyakozwe 2:32, 33.
Yezu Kristu ntiyigeze avuga ko ari Imana. Ahubwo riho, yasiguye ati: “Ndi uwumuserukira yavuye kuri we, kandi Uwo yarantumye.” (Yezu Kristu arashobora kugufasha kwiyegereza Imana
Yezu yaje kw’isi kugira atwigishe ivyerekeye Se wiwe. Yehova ubwiwe yavuze ku vyerekeye Yezu ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa; nimumwumvirize.” (Mariko 9:7) Yezu arazi neza Imana kuruta uwundi muntu wese. Yavuze ati: “Nta wuzi Se uwo ari we atari Umwana, be n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.”—Luka 10:22.
Yezu arigana ata gahaze kamere z’Imana. Yezu yariganye neza kamere za Se ku buryo yavuze ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.” (Yohani 14:9) Yezu yaratumye abantu biyegereza Imana, kubera ko yigana urukundo rwa Se mu vyo yavuga no mu vyo yakora. Yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Yavuze kandi ati: “Abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko vy’ukuri mwene abo ari bo Data arondera ngo bamusenge.” (Yohani 4:23) Iyumvire nawe! Yehova ariko arondera abantu bameze nka wewe bipfuza kumenya ukuri ku bimwerekeye.